Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugabo yapfunzwe ku mugambi w'uko umugore wiwe acirirwa urwo gupfa akoresheje urumogi
- Umwanditsi, Joel Guinto
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Umugabo wo muri Singapore yagerageje gufatisha umugore wiwe batacumvikana mu gutereka urumogi mu modoka yiwe yaciriwe igihano co gupfungwa hafi imyaka ine.
Uwo mugabo Tan Xianglong, w'imyaka 37, yateretse ico yibaza ko ari urumogi rwa cannabis rurenza inusu y'ikiro hagati y'intebe z'inyuma z'imodoka y'umugore wiwe, yibaza ko rwari rukwiye kugira rutume acirirwa urubanza rwo gupfa ku caha co gucuruza ibiyayuramutwe.
Singapore ni kimwe mu bihugu bifise amategeko akaze cane yo kurwanya ibiyayuramutwe, amategeko reta ivuga ko akenewe mu kurwanya ivyaha bifatiye ku biyayuramutwe.
Ariko ibidashika inusu muri ivyo Tan yateretse mu modoka y'umugore wiwe ni vyo vyari cannabis. Ibisigaye vyari ivyakoreshejwe mu gutekera.
Tan yari ''agamije gutera ubwoba uwari gufatwa no gutuma agirana ingorane n'amategeko,'' nk'uko biri mu nyandiko za sentare.
''Yari azi ko uwo muntu azoca afatwa ataco azira hanyuma yagirizwe icaha gikomeye iyo umugambi wiwe ukora neza.''
Yaciriwe urubanza ku wa kane rwo gupfungwa imyaka itatu n'amezi 10 kubera gutunga cannabis. Sentare yarihweje kandi icaha kigira kabiri co gutereka ibintu [ahantu] mu buryo buciye kubiri n'amategeko.
Tan n'umugore wiwe bubakanye mu 2021 hanyuma bavana inyuma y'umwaka umwe. Ntibashoboye gusaba kwahukana biciye muri sentare kuko Singapore ivyemerera gusa abantu baba bamaranye imyaka nibura itatu bubakanye.
Tan yibaza ko ashobora kurekurirwa kubisaba bamucishirijemwo mu gihe umugore wiwe yogira dosiye y'ivyaha.
Mu biyago kuri Telegram mu mwaka uheze n'umukobwa bakundana, yavuze ko yari ''yacuze icaha nyaco'' co gufatisha umugore wiwe.
Ku wa 16 Gitugutu, yazanye agapaki ka cannabis akavanye ku mugwi w'abo bayaga kuri Telegram, agapima kugira abone neza ko karenza amagarama 500 (inusu y'ikiro), hanyuma aca agashira mu modoka y'umugore wiwe ku munsi ukurikira.
Ico Tan asa n'uwutamenye ni uko imodoka y'umugore wiwe yari afise kamera (camera) , yaguma imurungikira ubutumwa kuri terefone yiwe imwereka ikintu cose kibaye ku modoka yiwe aho ihagaze.
Amaze kuraba video z'ikibiriraho, yabonye uwo mugabo wiwe ariko arazunguruka imodoka yiwe aca aritwara mu giporisi avuga ko ariko aramuburagiza.
Mu gihe hariko haraba amatohoza, igiporisi carasatse imodoka yiwe, kiratora urwo rumogi hanyuma gifata umugore wa Tan.
Ariko inyuma yo kutaronka ivyemezo bishira icaha kuri we, baciye bahindukiriza amatohoza kuri Tan ubwiwe, aca arafatwa.
Uwunganira Tan yaragerageje gusigura ko yari arwaye umwitwarariko udasanzwe igihe yakora ico caha, ariko sentare nta gaciro yabihaye, ishingiye ku vyo umuganga yabonye ko ata ngorane n'imwe yo mu mutwe yari afise.
Bivanye n'ibiba bifashwe n'uko bingana, gutunga ibiyayuramutwe muri Singapore bihanishwa gupfungwa mu gihe gucuruza ibiyayuramutwe bishobora guhanishwa kwicwa.
N'ubwo Tan yari gushobora guhanishwa gupfungwa imyaka itanu, yahawe igihano gito kurusha ico kuko atagoranye mu gihe c'urubanza kandi akemera icaha hakiri kare, nk'uko biri mu nyandiko za sentare.
Mu mwaka uheze, Singapore yaranyonze abantu babiri ku vyaha vyo gucuruza ibiyayuramutwe mu kiringo c'amezi atanu, yirengagije amashirahamwe mpuzamakungu aharinira uburenganzira bwa zina muntu yaguma asaba ko itobanyonga.