Gianluca Vialli: Uwahoze akinira Chelsea, Juventus, Sampdoria n'Ubutaliyano yashengeye ku myaka 58

Gianluca Vialli

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vialli yabaye umukinyi n'umumenyereza wa Chelsea mu 1998, ayihesha ibikombe vya League Cup, Uefa Cup Winners' Cup na Uefa Super Cup.
Yatangajwe

Uwahoze ari umusatirizi wa Chelsea akaza no kuyibera umumenyereza, Gianluca Vialli, yanakiniye imikino 59 igihugu c’Ubutaliyano, yaryamiye ukuboko kw’abagabo ku myaka 58.

Bamusanzemwo indwara ya kanseri y’urwagasha (pancreatic cancer) mu 2017 ariko mu 2020 baza kumubwira ko atayo agifise.

Vialli yasubiye gusuzumwa mu 2021 hanyuma mu kwezi kwa Kigarama (12) 2022 ava mu kazi k’umumenyereza w’ikipe nserukiragihugu y’Ubutaliyano kubera imvo z’uburwayi.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Butaliyano, FIGC, Gabriele Gravina yagize ati “Gianluca yari umuntu ahimbaye kandi adusigiye igihengeri kidashobora kuzibirwa”.

“Gushika ku saha ya nyuma naguma nibaza yuko ashobora gukora ikindi gitangaro. Ariko mpawe ingoga n’uko ivyo yakoreye umupira w’amaguru mu Butaliyano hamwe n'agapira k’ubururu [Chelsea] bitazokwibagirwa.”

FIGC ryemeje yuko hazofatwa umunota w’agacerere imbere y’inkino zose zo mu mpera z'indwi mu Butaliyano.

Vialli yatanguye gukinira Ubutaliyano mu 1985, nyuma y’umwaka umwe agiye mw’ikipe ya Sampdoria aho yatwaye igikombe c’ihiganwa Serie A hamwe n’igikombe ca Buraya c’amakipe mu myaka umunani yamaze muri iyo kipe.

Gianluca Vialli muri Chelsea

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Vialli yabaye umukinyi n'umumenyereza wa Chelsea mu 1998

Mu rwandiko, Sampdoria yagize iti: "Ntituzokwibagira ibitsindo 141 watwinjirije, 'garinca' watera, amashati ya cashmere wambara, amahereni yawe, umushatsi wawe wasiga ibara ry’umwakaka, amajaketi manini wambara. Waduhaye vyinshi, natwe tuguha vyinshi: ego, rwari urukundo, rwo mu nzira zose, rutagira iherezo. Urukundo rudaherana n’urupfu rwawe uno munsi."

Vialli yafashije Sampdoria gushika mu rukino rwa nyuma rw’igikombe ca Buraya c’amakipe mu 1992 ariko nyuma yo gutsindwa na Barcelona, yaciye aja muri Juventus ku mahera yaciye umuhigo ico gihe, imiriyoni £12.

Juventus yagize iti: “Twarakunda vyose kuri wewe, vyose ata kivuyemwo – intwengo yawe, kuba rurangiranwa kwawe hamwe n’uburongozi vyabera kimwe, mu kibuga canke mu kibanza co kwihinduriramwo, uburyo worosha ubuzima, umuco wawe, igihagararo, werekanye gushika ku munsi wanyuma wambaye umupira w’imirongo yirabura n’iyera.”

Vialli yagiye muri Chelsea ata mahera atanzwe mu 1996 aca aba umukinyi akanamenyereza mu 1998 – Umutaliano wa mbere yamenyereje muri Premier League, asubiriye Ruud Gullit yari amaze kwirukanwa muri uwo mwaka w’inkino – kandi aza guhesha aba Blues intsinzi muri League Cup, Uefa Cup Winners' Cup na Uefa Super Cup.