Ukraine – Russia: N'ingabo ziri ku rugamba zahimbaje Noweli, ariko ibitero vyo nta gahengwe
Ingabo za Ukraine ziri ku rugamba zifatanije n’abanyagihugu mu guhimbaza Noweli ariko Uburusiya nta gahengwe buyiha mu bitero vyabwo, aho imenyesha ko yaraye ikoroye indege z’intambara zibiri hamwe n’amadrone y’ubwiyahuzi 29 kuri 31 yari arungitswe n’Uburusiya.
Uno mwaka, ku ncuro ya mbere mu gihugu cose, Ukraine yahimbaje Noweli ku wa 25 Kigarama (12), nk'uko bimeze ku bakristu hafi bose kw'isi yose, aho kuyihimbaza ku wa 01 z'ukwa mbere nk'uko bimeze mu Burusiya n'idini ryabwo rya Orthodox.
Itegeko ryo guhimbaza Noweli ku wa 25 Kigarama nk'uko biri mu kirangamisi ca Gregori (calendrier grégorien/Gregorian calendar) ryateweko igikumu na Perezida Vladimir Zelensky wa Ukraine mu kw'indwi uno mwaka, aca atangaza ko ku wa 25 Kigarama ari umusi w'akaruhuko.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, AFU General Staff

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters
Ahandi vyagenze gute?

Ahavuye isanamu, AFP

Ahavuye isanamu, EPA
Hagati aho, ku rugamba nta gahengwe
Mu gihe irya n'ino mu gihugu ibirori bibandanya, ku rugamba nta kuruhuka.
Mu cegeranyo vyatanze mu gatondo ko kuri uno musi wa Noweli, ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine vyatangaje ko ingabo zaco zakoroye indege zibiri z'intambara, imwe yo mu bwoko bwa Su-34, iyindi yo mu bwoko bwa Su-30.
Ni mu gihe ku wa gatanu igisirikare ca Ukraine catangaje ko cakoroye izindi ndege zitatu z'intambara zo mu bwoko bwa Su-34 nyene mu bumanuko bw'igihugu.
Uruhande rw'Uburusiya ntaco rwashikirije ku mugaragaro kuri izi ndege zabwo zakorowe.
Izi ndege zo muri ubu bwoko bwompi, Su-34 na Su-30 ni indege z'intambara zigeweho, zigurwa mu mamiriyoni mirongo y'amadorari y'Abanyamerika imwe'imwe.
Muri iki cegeranyo nyene co mu gatondo ko kuri uno wa 25 Kigarama, ibiro bikuru vya gisirikare vyatangaje ko mu gikorwa co gutuza ibitero vy'indege z'ubwiyahuzi mw'ijoro ryakeye cakoroye indege z'intambara zitagira abadereva (drone) 29 kuri 31 zari zirungitswe n'Uburusiya, mu ntara ya Odessa, hamwe no mu turere two hagati no mu burengero bwa Ukraine.
Hagati aho, igisirikare ca Ukraine ntikivuga iyo aya madrone yandi abiri kitashoboye gukorora iyo yahereye.










