Inyandiko y'igitutsi ca Ardern yaguzwe ayarenga $63.000

Yatangajwe

Na James Gregory

BBC News

Inyandiko iriko umukono y’amajambo  y’umushikiranganji wa mbere wa Nouvelle Zelande ariko aratuka umukuru w’abatavuga rumwe nawe yaguzwe amafaranga arenga 63.200 vy’ama dorari.

Ayo majambo y’igitutsi yafashwe na microphone igihe hariko haraba uguterana amajambo bikomeye n’umukuru w’umugambwe ACT David Seymour.

Madame Arden mu nyuma yarasavye ikigongwe kubera ivyo yavuze imbere y’uko Seymour avuga ko boshira inguvu hamwe  kugira baronderere amafaranga ishirahamwe ryo muri Nouvelle Zelande rigwanya kanseri (camcer) ya prostate.

Umushikiraganji wa mbere yashimiye uwo wese yari yashatse kugura iyo nyandiko camunara imaze kurangira ku wa kane.

Muragaba: Harimwo amajambo bamwe bashobora kubona ko ari ibitutsi

Igihe inama nshingamateka yari ishashe ku ndwi iheze, Madame Ardern yateranye amajambo na Seymour, umugabo arongoye umugambwe ACT (wo muri extreme droite) igihe yari amusavye gutanga akarorero k’iyo "akoze ikosa, akarisabira imbabazi neza, hanyuma akikosora”.

Madame Ardern yaciye asigura ivyo umugambwe wiwe wa Labour washitseko imbere y’uko yicara hanyuma akavuga mu ntamatama ngo :”Such an arrogant prick”, vyogerenywa mu Kirundi nka “Iyo mbwa y’akanyaro”.

Ayo majambo yarafashwe na micro zari imbere yiwe aca aguma mu biba bivugiwe icese mu nama nshingamateka, bibikwa mu citwa Hansard, mu nyuma Seymour asaba ko umushikiranganji asaba imbabazi.

Ariko abo bompi, basanzwe badacana uwaka muri poritike, baciye bafata ingingo yo kubihindukiza ngo bivemwo ikintu ciza.

Bompi baciye bashira umukono kuri kopi y’inyandiko y’ivyavugiwe mu nama nshingamateka harimwo ico gitutsi imbere bayigurisha  icamunara ku mbuga hwaniro.

Umugabo yatsindiye iyo camunara yabwiye ibinyamakuru vyo muri ico gihugu ko azofata ideni kugira ashobore kuriha ayo mafaranga angana na $63.200.

Julian Shorten yabwiye 1News ko yanezerewe no kugura iyo nyandiko hanyuma avuga ati: “Iki ni igihe c’amateka muri kahise ka poritike ya Nouvelle Zelande.”

Mw’itangazo, Seymour yavuze ati: “Ingene abantu bayihurumbiye vyarenze ivyo uwari we wese yari yiteze.

“Igihe namubwira ko twobikora, buno nyene yaciye yemera. Nararengewe n’umutima wagutse w’abashatse kugura irya nyandiko kugira bafashe aho ariho hose.”

Ardern nawe yanditse kuri Facebook at: “Sinovuga ko nari ndavyiteze” imbere y’uko ashimira Seymour “kuko yavyitwayemwo neza”.