Jenoside - Rwanda: Ingwara giturumbuka y'uwunganira Basabose yatumye urubanza rutarangira

Jean Flamme yafashwe ava umwuna

Ahavuye isanamu, BBC Gahuza

Insiguro y'isanamu, Jean Flamme yafashwe ava umwuna
    • Umwanditsi, Na Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Bruxelles
  • Yatangajwe

Urubanza rwa ba Banyarwanda babiri Pierre Basabose na Séraphin Twahirwa bagirizwa ivyaha jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994 vyari vyitezwe ko rurangira ejo ku wa mbere rwigijwe imbere kubera indwara giturumbuka y'umwe mu baburanira abaregwa.

Mu ntahe y'icese, Maitre Jean Flamme aburanira Basabose yafashwe n'ingwara yo kuva umwuna inyuma y'umutaga bica bituma anyarukanwa kwa muganga.

Nkuko abo bari kumwe babivuga, Jean Flamme yafashwe ava amaraso mu mazuru mu karuhuko k’isaha zitandatu aho yariko arafungurira mu buriro buri muri Sentare bituma anyarukanwa kwa muganga.

Umukuru wa Sentare Elisabeth de Sadelaer arongoye intahe yaciye ahagarika imburano gushika isaha 10 z'umugoroba kugira bamenye ivyamushikiye

Ariko naho urwo rubanza rwahagaze amasaha ane, n'umushingwamanza wa Basabose ntiyagarutse kuko yagumye asuzumwa, bica biba ngombwa ko sentare irwungururiza mu gitondo c'uno wa kabiri.

Vyari bitegekanijwe ko urwo ubanza rumaze imyaka 16 mu matohoza rwari gusozerwa ejo ku wa mbere inyuma yo kwumviriza abaregwa n'ababunganira mu mategeko, rukabona kuja mu mwiherero, ibizoruvamwo bikaba vyari bitegekanijwe kumenyekana k uwa 15 Kigarama (12).

Ariko iryo sango rishobora gudakurikizwa mu gihe uwo yunganira Basabose atoba yatoye mitende, ibishobora kudindiza urwo rubanza rumaze iminsi yababa 40 rwumvirizwa mw'ido n'ido i Buruseli mu Bubiligi.