Umukuru w'umuhari Hezbollah Hassan Nasrallah yishwe - Igisirikare ca Israel

Hassan Nasrallah

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Hassan Nasrallah
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko umukuru w'umuhari Hezbollah Hassan Nasrallah yishwe.

Mw'itangazo ryashizwe ku rubuga rwa X na IDF, ivuga iti:"Hassan Nasrallah ntazosubira gutera ubwoba isi."

Ayo majambo akurikiye urukurikirane rw'ibitero vy'ijoro ryose i Beirut aho Israel ivuga ko yariko irarondera Nasrallah hamwe n'abategetsi ba gisirikare bande ba Hezbollah.

Mw'itangazo,Israel ivuga ko abandi banywanyi b'uwo mugwi ufashwe mu mugongo na Iran biciwe hamwe na Hassan Nasrallah hariwo umukomanda wa karere ko mu bumanuko.

IDF ivuga ko indege zintambara zakoze igitero "ahantu hatumberewe" ku cicaro gikuru ca Hezbollah, ivuga ko cari kiri "mu kuzimu musi y'igorofa mu karere ka Dahieh i Beirut".

Iryo tangazo ryongerako ko ico gitero cakozwe igihe umugwi "abakuru ba gisirikare b'uwo muhari" bariko barakorera mu micungararo ya Dahieh mu bumanuko bwa Beirut - ahiganje uwo mugwi witwaje ibigwanisho.

Ariko gushika ubu, nta co umuhari wa Hezbollah irabivugako.

Umukuru wa IDF arahirira 'gushikira' uwo wese ashaka kubangamira Israel

Umukuru w'igisirikare ca Israel, Lt Gen. Herzi Halevi,

Ahavuye isanamu, IDF

Insiguro y'isanamu, Umukuru w'igisirikare ca Israel, Lt Gen. Herzi Halevi, yashize ahabona ubutumwa buri muri video bugabisha abipfuriza inabi abanyagihugu ba Israel

Umukuru w'igisirikare ca Israel, Lt Gen. Herzi Halevi, yashize ahabona ubutumwa buri muri video.

"Ubutumwa buratomoye, uwo ari we wese abangamira abanyagihugu ba Israel, turazi ingene tubashikira haba mu buraruko, mu bumanuko canke ahandi kure."

Iyo video yashizwe ku rubuga rwa IDF akanya gato inyuma isohoreye itangazo rivuga ko umukuru wa Hezbollah Hassan Nasrallah yishwe.

Umukuru wa IDF: Kwica Nasrallah vyakozwe mu 'gihe nyaco'

Muri iyo video y'umukuru wa gisirikare yashizwe ku mbuga hwaniro - hari agace katosowe neza k'imisegunda 52 gasa n'akamwerekana ariko aragirisha inama abandi basirikare.

Lt. Gen. Henri Halevi avuga "Impera n'imperuka, inyuma y'imyiteguro myinshi", igisirikare ca Israel "cashize mu bikorwa" umugambi waco mu Libani wo gutera Nasrallah n'icicaro ca Hezbollah.

"Wari umwanya nyawo, twabikoze mu nzira itumbereye."

Yongeyeko ati:"Ubu si bwo bushobozi bwa nyuma dufise, Dutegerezwa kuvugisha ukuri. Turafise ubundi bushoozi bwo kubandanya imbere."