AU-Somalia: Ingabo z'u Burundi ziheruka gushikiriza leta ya Somalia ibindi bigo vya gisirikare

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, BBC
- Igikorwa, Monitoring
- Yatangajwe
Ingabo z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, AU, muri Somalia zaraye zishikirije igisirikare ca Somalia ibigo bitatu vya gisirikare mu mugambi wo kuva muri ico gihugu intambwe ku yindi, vyitezwe ko uherahezwa mu mpera z’umwaka uza.
Uwo mugambi uvuga ko gushika mu mpera z’uku kwezi kwa gatandatu abasirikare ba AU bashika 2.000 bazoba bamaze kuva muri Somalia.
Gusubiza ivyo bigo kwabaye kuwa kabiri kwabereye ahitwa Adale, Mirtaqua na Hajji Ali, mu ntara ya Middle Shabelle, ibigo vyasubijwe bikaba vyagenzurwa n’ingabo zihagarariye amahoro zo mu gihugu c’u Burundi.
Gushika ubu muri uno mwaka abasirikare ba AU baramaze gusubiza ibigo vya gisirikare bitandatu, bitanu muri vyo bikaba biri mu ntara ya Middle Shabelle.
Ikigo ca mbere, kiri muri zone ya Heliwa iri ku murwa mukuru Mogadishu, casubijwe itari 22 Nzero (1). Naco cari ikigo cagenzurwa n’abasirikare b’u Burundi.
Ntibizwi neza abasirikare ba AU bamaze kuva muri Somalia gushika ubu uko bangana.
Somalia iramaze igihe yigisha abasirikare bayo bashasha muri Uganda, Ethiopia na Eritrea, ngo bazosubirire abasirikare 19.000 ba AU basanzwe bari muri Somalia.
Ibi biriko biraba mu gihe Somalia yitegurira umuce wa kabiri b’ibitero bikomeye ku barwanyi b’umugwi wa al-Shabab.
Uwo mugwi usanzwe ukorana na al-Qaeda warasohoye video nshasha werekana amajana y’abarwanyi bawo bari bahejeje guhabwa inyigisho.









