Donald Trump yahoze arongoye Amerika yiteze gufatwa ku wa kabiri

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Sarah Fowler na Anthony Zurcher
- Igikorwa, I Londres na Washington
- Yatangajwe
Donald Trump avuga ko yiteze guhagarikwa ku wa kabiri mbere yaciye atera akamo abanywanyi biwe ko gutanguza imyiyerekano.
Hagati aho, umushingwamanza wiwe avuga ko ata butumwa bwatanzwe n’abajejwe umutekano, akavuga ko amajambo y’uyu yahoze ari umukuru w’igihugu afatiye ku bivugwa mu binyamakuru.
Abashingwamanza bamaze igihe barondera ingene borengutsa Trump. Amakuru avuga ko bishobora kuba mu ndwi iza.
Mu gihe yoburanywa, bwoba bubaye ubwa mbere uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Amerika aburanijwe imbere ya sentare mpanavyaha.
Uru rubanza rwerekeye cane cane mafaranga avugwa ko yoba yaratanzwe n’umushingwamanza wiwe kw’izina rya Trump akayaha icamamare muri videwo z’ibiterasoni (porn) azwi kw’izina rya Stormy Daniels, imbere y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2016.
Ni rumwe mu manza zitari nke Trump w’imyaka 76 ariko arakorwako amatohoza, n’aho ata na rumwe ruramwagira kandi hose akabandanya avuga ko ata caha yakoze.
Trump yariyemeje kubandanya imyiyamamazo yiwe arondera kwitoreza ikibanza c’umukuru w’igihugu kw’izina ryaba-Repubulika mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2024, n’aho yokurikiranwa n’ubutungane.
Muri kahise baragerageje kumukorako amatohoza, harimwo n’ibogozwa ryiwe ryakozwe n’inama nshingamateka incuro zibiri, amatohoza ku kibazo c’Uburusiya hamwe n’igitero cakozwe i Mar-a-Lago, ariko aho hose vyatuma ahubwo yamamara cane mu bantu biwe, rero n’ubu bishobora kugenda uko nyene.
Ntibiramenyekana nimba mu ndwi iza azorengutswa imbere ya sentare mpanavyaha canke ivyo ashobora kwagirizwa.
Ariko rero kubona uyu yahoze ari umukuru w’igihugu abona ko agiye gufatwa, agaca ahamagaza imyiyerekano, ni urugendo ata wuzi iyo ruzoherera.
Trump afise abayoboke batamuva inyuma, kandi igitero co ku wa 06 Nzero (1) 2021 ku ngoro ya Capitol cakozwe n’abanywanyi biwe ku kamo yabateye ko kuja mu myiyerekano ni icerekana ko ibintu bishobora kuyangara iyo hari icuka kibi.
Ejo ku wa gatandatu, Trump yanditse ku rubuga hwaniro rwiwe Truth Social ko "amabanga yasohotse mu buryo buteye kubiri n’amategeko" yo mu biro vy’umushikirizamanza w’akarere ka Manhattan "yerekana" ko ashobora guhagarikwa ku wa kabiri.
Ibiro vy’uyu mushikirizamanza w’akarere ntaco birashikiriza. Umushingwamanza wa Trump, Susan Necheles, avuga ko gushika ubu ata kintu na kimwe umurwi wiwe urigera wumva kiva mu kanwa k’abajejwe umutekano.
Ati: "Kubera uru ari urubanza rwa poritike, ibiro vy’umushikirizamanza w’akarere vyafashe ingendo yo gucisha ibintu vyose mu binyamakuru, aho kubibwira abashingwamanza ba Perezida Trump nk’uko vyategerezwa kugenda mu rubanza rusanzwe”.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukuru w’inama nshingamateka ya Amerika, umu Repubulika Kevin McCarthy, ariyamiriza aya matohoza, akavuga ko "Umushikirizamanza w’akarere ariko akoresha nabi ububasha bwiwe”.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa Twitter, yiyemeje kandi gukora amatohoza nimba amafaranga y’igihugu ariko arakoreshwa mu kwinjirira amatora “biciye mu manza zishingiye ku mvo za poritike”.
Ibinyamakuru vyo muri Amerika bivuga ko ibigo vy’igipolisi i New York biriko birategura ingene vyorengutsa Trump muri sentare ya Manhattan kuva mu ndwi iza.
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru Associated Press, bariko barihweza ingene bigenda mu kurengutsa muri sentare uwahoze ari umukuru w’igihugu, harimwo kumubaza ibijanye n’umutekano.
Donald Trump ahanganye n’irindi tohoza ritandukanye ku twigoro twiwe two gushaka guhindura ivyari vyavuye mu matora ya Georgia yari yatsinzwemwo mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2020 – n’aho bitazwi neza nimba we ubwiwe ariko arakorwako amatohoza.
Ubushikiranganji bujejwe ubutungane buriko kandi burihweza nimba amakuru y’ibanga ya reta atoba yaranjanjweko Trump amaze kuva mu biro vy’umukuru w’igihugu, hamwe kandi n’ivyo yakoze mu gushaka gutesha agaciro ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu ya 2020 – harimwo n’igitero co ku wa 06 Nzero 2021.










