Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umutekano wa Trump waratsimbatajwe mu ndwi ziheze kubera umugambi wa Irani wo kumwica
- Umwanditsi, Max Matza
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Haraciye amayinga atari make umutekano wa Donald Trump utsimbatajwe inyuma y'aho abategetsi bamenyeye ko hari umugambi wa Irani wo kumwica, nk'uko bivugwa n'abajejwe umutekano w'igihugu.
Abategetsi bavuga ko ata sano rizwi riri hagati y’uno mugambi wa Irani n’igitero giheruka cahatswe kuhitana uno yahoze arongoye Amerika ku wa gatandatu mu ntara ya Pennsylvania.
Hagati aho, itsimbatazwa ry’umutekano wiwe ryateje ibindi bibazo bijanye n’ukungene Thomas Matthew Crooks w’imyaka 20 yashoboye kwurira ku nzu gushika aho yegera bihagije kugira arase Trump.
Abajejwe urwego rwa Amerika rujejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi, hamwe n’abajejwe imyiyamamazo ya Trump bari bamenyeshejwe umugambi mubi wa Irani, ivyatumye umutekano wiwe wongerezwa, nk’uko bivugwa n’umutegetsi wo mu gisata ca Amerika kijejwe umutekano w’igihugu.
Amasoko yo mu gisata kijejwe igendereza yabwiye CBS News, ikinyamakuru gikorana na BBC muri Amerika, ko urwego rujejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi rwakomeje umutekano wiwe mu kwa gatandatu rumaze kumenya uno mugambi mubi wa Irani. Mu ngingo rwafashwe harimwo ukwongereza abajejwe gutuza abarashi ntahusha, indege zitagira abadereva (drone) n’amarobo ateye nk’imbwa.
CBS ivuga ko amakuru y’igitero ca Irani yaronswe biciye “ku bantu bakora mw'ibanga”, kandi yaje inyuma y’ukwiyongera kw’ibiyago vya Irani ku bitero kuri Trump.
Trump n’abategetsi bahoze bakorana nawe harimwo Mike Pompeo yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire, bagiye bashirwako iterabwoba na Irani kuva aho agomoreye igitero ca drone cahitanye Qasem Soleimani yari umukuru w’ishami ry’igisirikare ca Irani, Quds, cabereye muri Iraki mu 2020.
Ubuserukizi bwa Irani muri ONU buvuga ko iyi nkuru idafise ishingiro kandi ko ifise intego mbi, bwongerako ko Trump yari “inkozi y’ikibi itegerezwa gushengezwa no guhanwa imbere ya sentare”.
Anthony Guglielmi, umuvugizi w’urwego rujejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi, avuga ko uru rwego hamwe n’ibindi bisata, vyagumye “bironka amakuru mabi kandi bifata n’ingingo zo guhindura imikenyuro nk’uko vyasabwa".
Ati: "Ntidushobora kugira ico tuvuze ku buryo ubwo ari bwo bwose bw’ingene twaronka amakuru y’imigambi mibi, uretse kuvuga ko urwego rujejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi rufata nka nkama amakuru y’imigambi mibi kandi rufata ingingo uko bitegerezwa."
Abajejwe imyiyamamazo ya Trump bavuga ko badashobora kuvuga ku bibazo vy’umutekano, ahubwo baca barungika BBC kubaza mu gisata kijejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi.
Adrienne Watson, umuvugizi w’Inama y’igihugu ijejwe umutekano mu biro vy’umukuru w’igihugu, avuga ko inzego za Amerika zijejwe umutekano zari “zimaze imyaka itari mike zikurikirana imigambi y’ububisha ya Irani ku bahoze ari abategetsi ku ntwaro ya Trump”.
"Iyi migambi mibi ikomoka ku cipfuzo ca Irani co kwihora kw’iyicwa rya Soleimani. Dufata ko iki ari ikibazo c’umutekano w’igihugu gitegerezwa kwitabwaho ku rwego rwo hejuru”.
Hagati aho, ashimangira ko amatohoza ataratora isano riri hagati ya Crooks n’aboba barafatanije na we, baba abanyamahanga canke abo hagati mu gihugu.
Mu 2022, ubushikiranganji bw’ubutungane bwaratangaje ivyaha vyagirizwa umunywanyi w’ingabo zidasanzwe za Irani zizwi nka Corps des Gardiens de la Révolution Islamique /Islamic Revolutionary Guard Corps, buvuga ko yariko ategura igitero co kwica John Bolton, yahoze ari umuhanuzi mu vyo umutekano w’igihugu ku butegetsi bwa Trump.
Abashikirizamanza bavuga ko uno mugambi mubi “ushobora kuba wari uwo kwihora” iyicwa rya Soleimani.
Hari ibibazo vyinshi ku kungene abapolisi n’abari bajejwe imyiyamamazo yabereye i Butler muri Pennsylvania baretse Crooks kwegera rwose.
Umukuru w’urwego rw’ibanga aremera ko abapolisi b’akarere bari muri iyo nzu mu gihe Crooks yari ku gisenge cayo agomba arase Trump ku metero 130 uvuye aho yari ahagaze.
CBS News ivuga ko abapolisi batatu b’abarashi ntahusha bari muri iyo nzu kandi ko babonye ariko arurira ku gisenge.
Umukuru w’igisata c’akarere kijejwe umutekano yarungitse ibibazo vya BBC ku gipolisi c’igihugu, naco kivuga ko atari co cari kijejwe akarere karimwo iyo nyubakwa.
Umuvugizi w’igipolisi c’igihugu yabwiye BBC ko catanze “uburyo bwose bwasabwa” n'urwego rujejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi, harimwo abapolisi bari hagati ya 30 na 40 muri ako gace kariko kaberamwo imyiyamamazo.
Perezida Joe Biden yategetse ko hakorwa isuzuma ryigenga ku kuntu uno muntu yitwaje inkoho ashobora kuba yarageze aho ahakwa kwica Trump.
Eka n'urwego rujejwe gucungera abategetsi n'abahoze ari abategetsi na rwo nyene rushobora kubazwa n’inama nshingamateka na nkenguzamateka.