Sentare muri Kenya yavanyeho inzitizi kw'irahizwa ry'icegera c'umukuru w'igihugu

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Sentare Nkuru ya Kenya yavanyeho ingingo yari yabujije irahizwa rya Kithure Kindiki nk'icegera c'umukuru w'igihugu inyuma y'aho uwahahora akuwe n'inama nshingamateka na nkenguzamateka.
Mu vyabaye imbonekarimwe mu gihugu, Rigathi Gachagua yavanywe muri aya mabanga inyuma y'aho abagize inama nkenguzamateka na nshingamateka batoreye ku bwinshi ingingo yo kumukura.
Buno nyene perezida Ruto yaciye agena Kindiki, yari asanzwe ari umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, kugira asubirire Gachagua.
Ariko uwo yakuwe yaciye yitura sentare yanka iyo ngingo avuga ko yatewe n'imvo za poritike.
Inama nshingamateka yaremeje igenwa rya Kindiki ariko ingingo ya sentare yaciye iba irahagarika irahizwa ryiwe mu kurindira ko urubanza rwa Gachagua n'abandi rubanza gufatwako ingingo.
Ku wa kane, umugwi w'abacamanza batatu wavanyeho ingingo zabuza Kindiki kurahizwa, ushinga ko kureka ikibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu ngo kibandanye kigaragara ''bidasigurika''.
Sentare yatanze imvo y'uko urwego rw'uwuza ubwa kaburi mu kuba umukuru kizigenza w'ingabo mu gihugu rutegerezwa kubandanya rukora.
''Ineza y'igihugu isaba ko ibiro vy'icegera c'umukuru w'igihugu bidategerezwa kuba biri gusa,'' niko umucamanza Anthony Mrima yaruciye.
Abashingwamanza ba Gachagua bavuze ko bazokwunguruza iyo ngingo y'umucamanza.
Ariko sentare yavuze kandi ko urubanza rwa Gachagua rwo kutemera ikurwa ryiwe narwo ubwarwo ruzobandanya.
Igihe yakurwa, abashingamateka n'abakenguzamateka bemeje ivyaha vyagirizwa Gachagua birimwo amacakubiri ashingiye ku moko hamwe no kurenga ku ndahiro y'igihugu.
Yaragerageje kenshi guhagarika ko ikurwa ryiwe riba ariko abacamanza ntibabiha agaciro nawe yiyemeza kubandanya urugamba mu masentare.
Uwo mugabo w'imyaka 59 yakuwe ari mu bitaro.
Yavuze ko yimwe uburenganzira bwiwe bwo kwiregura, avuga ko ivyaha yagirijwe ata vyemezo vyabitangiwe.
Gachagua, azwi cane mu gihugu nka Riggy G, n'umugwizatunga akomeye wo mu ntara y'ikibanza kinini mu matora [kubera ubwinshi bw'abatora ifise] ya Mount Kenya, yatoye cane Ruto mu 2022.
Niwe yabaye icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu yakuwe gutyo hakurikijwe ibwirizwa shingiro ryo mu 2010.
Kindiki, umugabo w'imyaka 52, yahora ari umwigisha w'ametegeko kuri kaminuza, nawe nyene ava mu ntara ya Mount Kenya, yari mu bari bitezwe cane gusubirira Gachagua.
Itembagara rya Gachagua ryabaye nk'umusozo w'igihe co kutumvikana na Ruto, ibintu bikaba vyagiye kuyangara aho habereye imyiyerekano mu kwezi kwa gatandatu yo kwiyamiriza iduzwa ry'amakori, yatumye haja ahabona ukutumvikana mu mugambwe uri ku butegetsi.









