Igikurikira ni iki inyuma y'aho sentare ivugiye ko amakori ya Trump ateye kubiri n'amategeko?

    • Umwanditsi, Johanna Chisholm
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Sentare isubiramwo imanza yaciye urubanza ivuga ko menshi mu makori yafashwe na Donald Trump ari ukuja hanze y'ububasha bw'umukuru w'igihugu mu bihe vyihuta.

Amakori (amatagisi, taxes) azwi nk'ayo ingere ku yindi - yashizwe ku bihugu hafi vyose bikorana ubudandaji nayo - ariko arashingwa mu buryo buteye kubiri n'amategeko, niko sentare isubiramwo imanza yavuze ku wa gatanu.

Urwaciwe rwemeje ingingo yari yafashwe mu kwezi kwa Rusama (5) na sentare y'ubudandaji mpuzamakungu, yananse insiguro za Trump ko ayo makori yari yemewe n'itegeko ry'ububasha bw'ubutunzi mu bihe vyihuta.

Menshi mu makori azokorwako n'iyo ngingo yavuye mu ngingo yo mu kwezi kwa kane y'urugero fatiro rwa 10% ku bintu vyose bizokwinjira bivuye mu bindi bihugu vyose, Trump avuga ko ari ayo gukosora ubusumbane bwariho mu migenderanire y'udandaji na Amerika.

Iyo sentare ntiyahagaritse ayo makori ariko yavuze ko azohaguma gushika hagati mu kwezi kwa Gitugutu(10), ivyo bikazozana urundi rugamba rw'anmategeko muri sentare ntahinyuzwa.

Haracari vyinshi bitazwi, ariko ibi ni vyo gushika ubu dutahura muri urwo rubanza - n'ico bishobora gusigura kuri imwe muri poritike umukuru w'igihugu yashize imbere cane.

Sentare isubiramwo imanza yavuze iki?

Mu ngingo yemejwe n'abacamanza 7 kuri 4 bayanse, iyo sentare yashigikiye urwari rwaciwe na sentare yo ku rugero rwo hasi ko Trump atari afise ububasha bwo gushinga ayo makori ku bihugu vyo kw'isi.

Ivyo vyose hari kubera itegeko Trump yakoresheje mu gusigura izo poritike, ikizwi nk'itegeko ry'ububasha mu bijanye n'ubutunzi mu bihe mpuzamakungu bidasanzwe, Emergency Economic Powers Act (IEEPA), abacamanza bavuze ko ridaha umukuru w'igihugu ''ububasha bwo gushinga amakori canke ibisa na vyo''.

Sentare isubiramwo imanza yaranse insiguro za Trump ko ayo makori yari arekuwe hisunzwe ububasha bwo muri iryo tegeko, ivuga ko ayo makori '' atagira agaciro nk'ayateye kubiri n'amategeko''.

Trump ntiyatevye kunegura iyi ngingo mu guca aja ku mbuga hwaniro yiwe Truth Social kuvuga ko iyo sentare isubiramwo imanza ''ifise aho ihengamiye cane'' n'urubanza ''rw'akaga'' ku gihugu.

''Hamwe yokwemerwa, iyo ngingo yoca isambura Reta Zunze Ubumwe za Amerika,'' niko yanditse.

IEEPA ni iki?

Iryo tegeko rimaze imyaka mirongo, rimaze gukoreshwa kenshi na Trump mu biringo bibiri vyiwe, riha umukuru w'igihugu ububasha bukomeye kwo kugira ico akoze mu bihe bidasanzwe mu gihugu canke ikintu kibangamye cane kivuye hanze.

Iryo tegeko ryo mu 1977 rivuga ko umukuru w'igihugu hari ingingo z'ubutunzi ashobora gufata ''kugira ahangane n'ibibangamye bidasanzwe canke vy'agatangaza, bifise inkomoko hanze ya Amerika vyose canke mu gice kinini cavyo, ku mutekano w'igihugu, poritike yo hanze canke ubutunzi''.

Ryarakoreshejwe n'abakuru b'ibihugu Barack Obama na Joe Biden, bompi bavuze ko bishimikije iryo tegeko mu gufatira ibihano Uburusiya inyuma y'aho bwiyomekeyeko Crimee mu 2014, hanyuma n'igihe bwagaba igitero kuri Ukraine yose mu 2022.

Ariko sentare isubiramwo imanza yavuze mu ngingo yayo ku iryo tegeko ry'ibihe bidasanzwe ko ''ridaha umukuru w'igihugu ububasha bwagutse cane bwo gushinga amakori''.

IEEPA ''ntivuga amakori (canke na kimwe mu vyitiranwa vyayo) canke inzira zo gucamwo zirimwo mu buryo bugaragara aho umukuru w'igihugu atarenga mu bubasha bwiwe bwo gushinga amakori,'' niko bavuze.

Trump yasiguye igihe yashira ahabona ayo makori ko ubudasa mu budandaji bwononera umutekano wa Amerika, kandi ko rero cari icihutirwa ku gihugu.

Ariko sentare yavuze ko gushinga amakori bitari mu nshingano z'umukuru w'igihugu, ko ''ububasha bujanye n'amakori ari ubwa Congres (inama nshingamateka na nkenguzamateka''.

Kuki ihambaye cane?

Uretse kuba ari ugusubira inyuma gukomeye ku kintu nyamukuru kiri mu murongo w'ivyo Trump yiyemeje gukora, iyo ngingo ya sentare isubiramwo imanza ku rwego rw'igihugu ishobora kugira ingaruka za buno nyene ku butunzi bwa Amerika, nazo zikagira ingaruka ku masoko y'isi yose.

Tagisi (taxe) ni ikori kompanyi zitegerezwa kuriha kugira ngo zinjize ibintu bimwe bimwe biva mu bindi bihugu - ishobora rero kugira ingaruka ku bigurishwa n'inyungu ivako.

Dr Linda Yueh, umuhinga mu vy'ubutunzi muri kaminuza ya Oxford na kaminuza ya London Business School, yabwiye ikiganiro ca BBC Radio 4 Today ati : "Imirimo y'ubugwizatunga izoja mu bihe vy'amadidane."

Tagisi igamije guca intege kompanyi ngo zireke kugurira ibintu mu bindi bihugu, ivyo bikaba bigira ingaruka ku budandaji mpuzamakungu.

Mu gihe ibihugu birindiriye kubona nimba sentare ntahinyuzwa ya Amerika izokwakira urubanza - ivyo bikaba bisa n'ibishoboka - ibindi bihugu bishobora gufata ingingo yo kuba birahagarika gukorana ubudandaji n'igihugu ca Amerika.

Ivyo nivyashika, Dr Yueh yavuze ko bishobora "gutuma ibikorwa vy'ubutunzi bigabanuka".

Hariho kandi ingaruka zikomeye zishobora gushika no mu bijanye n'ivya politike.

Nk'akarorero, hamwe sentare ntahinyuzwa yovuguruza ingingo ya sentare isubiramwo imanza ikaja ku ruhande rw'ubutegetsi bwa Trump, vyoba biciye inzira y'uko umukuru w'igihugu ashobora gukoresha IEEPA mu buryo bweruye gusumba uko yari amaze kubikora gushika ubu.

Igikurikira ni igiki?

Ubu urubanza rusa cane n'uruzoca ruja muri sentare iruta izindi zose muri Amerika, ivyo Trump akaba asa n'uwamaze kuvyerekana kuri Truth Social.

''Amakori yaremerewe gukoreshwa bitari mu nyungu zacu n'abanyaporitike ataco banezwe kandi batagira ubwitonzi'', niko yanditse. "Ubu, dufashijwe na sentare ntahinyuzwa ya Amerika, tuzoyakoresha ku nyungu z'Igihugu cacu, kandi Dusubire Gutuma Amerika yongera Gutunga, Gukomera, no Kugira Ububasha Kandi!"

Abacamanza b'iyo sentare bagwiriyemwo abadakunda ibihinduka bashobora gutuma ija mu ruhande rw'ingene umukuru w'igihugu abona ibintu.

Batandatu muri abo bacamanza icenda bagenywe n'abakuru b'igihugu b'aba Republicain, harimwo batatu bagenywe na Trump mu kiringo ciwe ca mbere.

Ariko iyo sentare, isanzwe muri iyi myaka ya vuba itabona neza ingendo y'abakuru b'ibihugu bagerageza gushira mu ngiro poritike z'urukombamazi zitaba zahawe uruhusha n'inzego nshimgamategeko.

Kuri prezida Joe Biden iyo sentare yaranse ko hakoreshwa amategeko yari ahasanzwe kugira agabanye imyuka ihumanya ikirere iva mu nganda z'umuyagankuba no guhebera amadeni miriyoni z'abanyeshure muri Amerika.

Hamwe naho vyokwemezwa ko amakori ateye kubiri n'amategeko?

Sentare isubiramwo imanza ku rwego rw'igihugu muri Amerika yafashe ingingo ku bantu 7 bayemeje na 4 bayanse ivuga ko amakori ya Trump ku bihugu vy'isi hafi vyose ateye kubiri n'amategeko. Ubu rero yahaye ubutegetsi gushika hagati mu kwezi kwa Gitugutu kugira ngo yungururize muri sentare ntahinyuzwa urubanza rufise ingaruka ku butunzi bwa Amerika no ku migenderanire y'ubudandaji ifitaniye n'isi yose.

Iyo sentare yemeje iyo ngingo, vyoshobora gutuma haba amadidane ku masoko y'amafaranga.

Hoca haba ibibazo vyo kumenya niba Amerika yoheza igaca isubiza miriyaridi z'ama dorari yegeranije ku bidandazwa vyinjiye.

Vyozana ikibazo kandi co kumenya niba ibihugu bitunze cane -nk'Ubwongereza, Ubuyapani na Korea y'Epfo - vyoca biguma bifatwa n'amasezerano y'igihugu ku kindi vyumvikanye na Amerika mu gihe himirije kurangira igihe ntarengwa c'uku kwezi kwa Myandagaro(8). Ayandi masezerano nk'ayo ariko arumvikanwako nayo nyene yoca agwa mu mazi.

Hamwe yokwemerwa gukora, iyo ngingo ya sentare ntahinyuzwa yoba ikubise intosho ububasha n'izina vya Trump muri politike nk'umuhinga mu gushika ku masezerano. Hamwe yovuguruzwa na sentare ntahinyuzwa, izoca igira ingaruka z'igihushane.

Hari amakori akihari?

Iyo ngingo igira ingaruka ku makori ''y'ingere ku yindi'' Trump yafatiye ibihugu vyinshi ku ngero zitandukanye, harimwo tagisi zashizwe ku bidandazwa biva mu Bushinwa, Mexique na Canada.

Bene ayo matagisi ku bihugu vyo kw'isi hafi vyose azogumaho gushika hagati mu kwezi kwa Gitugutu(10) .

Inyuma y'itariki 14 Gituguru, ntazosubira gukurikizwa, nk'uko sentare isubiramwo imanza yabivuze.

Ku rundi ruhande, amakori yashizwe kuri acier, aluminium na cuivre (umujumbu), yo yashinzwe hisunzwe ubundi bubasha bw'umukuru w'igihugu, yo ntazokorwako n'iyo ngingo ya sentare.