Russia-Ukraine: Putin yategetse ihagarikwa ry'imirwano kuri Noweli ya Orthodox

Vladimir Putin

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Putin asaba ko n'uruhande rwa Ukraine rwovyubahiriza ariko ntibavyerekwa
Yatangajwe

Umukuru w’igihugu c’Uburusiya, Vladimir Putin, yategetse ko haba ihagarikwa ry’imirwano hose ku rwasiro muri Ukraine.

Iryo hagarikwa ry’imirwano ritegerezwa gutangura isaha zitandatu z’umurango kuwa gatanu gushika isaha zitandatu z’ijoro kuwa gatandu.

Ico kiringo gihuriranye n’umunsi mukuru wa Noweli y’aba-Kristu bo mu murongo wa Orthodox.

Itangazo rya Bwana Putin risaba uruhande rwa Ukraine ko narwo rwokwubahiriza iryo hagarikwa ry’imirwaho.

Ariko umwe mu bafasha b’umukuru w’igihugu ca Ukraine, Mykhaylo Podolyak, yiyamirije ico ciyumviro.

Mu butumwa yarungitse ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Bwana Podolyak yavuze ko ata gahengwe gashoboka kiretse abasirikare b’Uburusiya bakuwe mu bice vyose vya Ukraine bigaruriye.

Urwandiko rwa Bwana Putin ruje nyuma y’akamo k’umukuru w’ishengero Orthodox mu Burusiya, Kirill, yavuze ko ihagarikwa ry’imirwano ryoha abemera akaryo ko kuja mu misa.