Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Prezida wa Ukraine Zelensky i Roma kubonana na Papa François
- Umwanditsi, Laura Gozzi
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky ari mu rugendo i Roma aho aja kubonana n’abategetsi ba poritike hanyuma ahabwe umubonano na Papa François.
‘’Urugendo ruhambaye ku ntsinzi yimirije ya Ukraine!’’ niko Zelensky yanditse kuri twitter igihe yashika ku kibuga c’indege ku mugwa mukuru w’Ubutaliano.
Araja kubonana n’umushikiraganji wa mbere Giorgia Meloni, prezida Sergio Mattarella hanyuma aje i Vaticano mu masaha ari imbere ku wa gatandatu. Umutekano wakajijwe cane, abaporisi barenga 1.000 baragomorwa hejuru ya Roma naho hashingwa akarere kizira gucishamwo indege.
Papa François rimwe na rimwe yagiye aravuga ko Vaticano yiteguriye gukora nk’umuhuza mu ntambara hagati ya Ukraine n’Uburusiya.
Muri uku kwezi, yavuze ko Vaticano iriko irakora ku nteguro y’amahoro ariko ko hataragera ko ija ahabona, ko ni hagera azogira ico ayivuzeko.
Ariko imigenderanire hagati ya Ukraine na Vaticano hari igihe itoroshe.
Mu kwa Myandagaro(8) guheze, uwuserukira Ukraine i Vaticano yafashe ingendo itamenyerewe yo kunegura Papa inyuma y’aho avugiye ko Darya Dugina, umukobwa w’umurusiya w’ivyiyumviro bikaze, yishwe n’ibombe yo mu modoka, yabaye ‘’inzirakarengane’’ ihitanywe n’intambara.
Ku wa gatandatu buzoba bubaye ubwa mbere prezida Zelensky na Papa Francois babonanye kuva Uburusiya buteye Ukraine. Abo babiri baheruka kubonana mu 2020.
Urwo rugendo rubaye mu gihe Uburusiya bwaraye bugavye ibindi bitero vyo mu kirere kuri Kyiv n’ibindi bisagara vya Ukraine mw’ijoro.
Abantu batatu barakomeretse mu gisagara ca Mykolaiv kiri mu bumanuko no muri Khmelnytsky mu burengero.
Ibikorwa remezo bihambaye hamwe n’amazu abantu babamwo navyo vyaragemwe.
Imituriko yarumvikanye mu gisagara cigaruriwe ca Luhansk, ku 90km uvuye ku murongo w’urwasiro mu buseruko bwa Ukraine.
Ingabo ziyonkoye zishigikiye Uburusiya muri iyo ntara zagirije Kyiv gukoresha ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Storm Shadow Ubwongereza bwavuze ko bwahaye Ukraine muri iyi ndwi.
Hanavuzwe kandi iyindi mituriko muri Luhansk ku wa gatandatu.
Hagati aho ingabo za Ukraine zivuga ko zateye intambwe imbere mu gisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko