Umuvandimwe wa Twahirwa yamubereye icabona mu rubanza aregwamwo jenoside yapfuye 'yiyahuye'

Urupfu rwa Bunzira Jean Baptiste rwamenyekanye mu gaturuturu ko ku musi wa mbere itariki 29 z'uku kwezi kwa Nzero (1) aho abo mu muryango basanze amanitse ku mugozi mu gikoni.
Bunzira yaheruka kubera icabona mukuru we Seraphin Twahirwa yahamijwe ivyaha vya jenoside, ivyo mu ntambara hamwe n’ivyo gufata abagore ku nguvu na sentare yo mu Bubiligi.
BBC yamenye ko Bunzira yari yiriwe arasangira n'incuti. Mw'ijoro niho hari ababonye urugi rw'inzu yiwe rwuguruye, bagiye kuraba basanga amanitse ku mugozi mu gikoni.
Amasoko ya BBC atashatse kumenyekana avuga ko aho yari amanitse amaguru yari hasi atariko arenena n'ubwo ikiziriko cari mw'izosi.
Amakenga ntagarukira ngaho. Bivugwa ko aho abakozi ba RIB (urwego rw'iperereza ku vyaha) bashikiye kuraba ivyabaye, babujije ko hafatwa amafoto y'ikiziga ca Bunzira, n'abari bamaze kuyafata ngo basabwe kuyafuta.
Bunzira Jean Baptiste yari asanzwe arangurira imirimo yiwe mu karere ka Bugesera, ari naho yaba. Ariko ku wa kane yari yagiye mu karere avukamwo ka Nyabihu ari na ho yaguye.
BBC yahamagaye iranandikira RIB n'inzego z'ubutegetsi za Nyabihu kugira bagire ico bavuze kuri urwo rupfu, ariko nta nyishu yaronse.








