Ukraine yoba yarashe indege y’Uburusiya yari itwaye impfungwa zayo z’intambara, vyagenze gute?

Yatangajwe

Umukuru w’igihugu ca Ukraine Volodymyr Zelensky yagiriza Uburusiya “gukinisha ubuzima bw’impfungwa z’intambara za Ukraine”, inyuma y’isanganya ry’indege ryabaye ejo ku wa gatatu mu burengero bw’Uburusiya.

Uburusiya bwagiriza Ukraine ko ari yo yarashe iyi ndege yari itwaye impfungwa z’intambara za Ukraine mu gikorwa cari gitegekanijwe co guhanahana impfungwa z’intambara.

Mu butumwa yacishije kuri videwo ku mugoroba w’ejo ku wa gatatu, Perezida Zelensky yavuze ko ari "ibigaragara neza ko Abarusiya bariko bakinisha ubuzima bw’impfungwa za Ukraine, umwikomo w’imiryango yazo hamwe n’umubabaro w’igihugu cacu”.

Inyuma yo guhagarika urugendo rwiwe rwari rutegekanijwe kuri uno wa kane mu rwego rwo guhimbaza isabukuru ry’amavuko yiwe, Zelensky asaba ko ukuri kwose gushirwa ahabona.

Iryo sanganya rikiba, ibinyamakuru vyegamiye reta y’Uburusiya vyaciye vyihutira gutangaza ko iyi ndege ya gisirikare Ilyushin II-76 yunguruza abantu yakorotse, bigasubiramwo ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko yari itwaye impfungwa z’intambara za Ukraine.

Umushingamateka w’Uburusiya, Andrei Kartapolov, ubwo nyene yaciye yongerako ayandi majambo, mu kuvuga ko Ukraine ishobora kuba ari yo yarashe ino ndege Ilyushin ikoresheje igisasu ca misire co mu bwoko bwa Patriot, igisasu catanzwe n’incuti za Ukraine zo mu Burengero, iki kikaba ari ikintu gikomeye mu gihe gushika ubu ata vyemezo biraboneka.

Hagati aho, igendereza ry’igisirikare ca Ukraine rivuga ko ritari ryabwiwe ivyo kwubahiriza umutekano w’ikirere nk’uko vyari bisanzwe bigenda imbere y’aha.

Ano majambo y’igendereza rya Ukraine afatwa nk’uko ari ayo kwemera ko iyi ndege yarashwe na Ukraine yo nyene, n’aho rishimangira ko ata makuru yo kwizera ryari rifise ku bantu bari muri iyo ndege.

Videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro ejo k uwa gatatu yerekana indege yariko irakoroka hanyuma igakurikirwa n’igiturika n’urubeya rw’umuriro hafi y’ikigwati ca Yablonovo, kiri ku birometero 70 mu buraruko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Belgorod.

Buramatari wa Belgorod Vyacheslav Gladkov yavuze ko ino ndege yaguye mu ceru kiri hafi y’akarere kabamwo abantu kandi ko abari muri yo bose bapfuye.

Muri uwo mwanya niho i Kyiv (umugwa mukuru wa Ukraine) haciye hatangura gukwirakwira amakuru yavuga ko hari ihanahanwa ry’impfungwa ryari rigetekanijwe, nubwo ico gihe ata mutegetsi n’umwe wa Kyiv yashoboye kuvyemeza ku mugaragaro.

Uwabazwa wese yishura ngo “ntiharagera”, canke ngo “turacarondera amakuru” canke ngo “rindira gato”. Mu kirindo c’amasaha umunani, nta kakacira.

Ibi ntivyabujije Abarusiya kuvuga amajambo menshi, harimwo n’ayavuga ko Ukraine yishe abasirikare bayo n’ibigirankana.

Ariko nubwo umuntu atokwemera ibi, ntibisigura ko Ukraine itoshobora kuba ari yo yakoze iri kosa ry’incamugongo. Ivy’ari vyo vyose, indege yakorotse, kandi Ukraine irafise ubushobozi bwo gukorora indege.

Ibiro bikuru vy’igisirikare ca Ukraine bisubirwamwo n’ikinyamakuru Ukrainska Pravda gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi, bivuga mu ntango ko ino ndege yariko yunguruza ibisasu vya misire vy’Uburusiya vyo mu bwoko bwa S-300 vyo gucungera ikirere. Ntivygeze bicisha m kanwa ivy’impfungwa z’intambara.

Amakuru y’abari muri iyo ndege ntarashobora guhinyizwa n’uruhande rwigenga, ariko igendereza ry’igisirikare ca Ukraine rivuga ko Uburusiya ari bwo bufise inshingano zo “gukingira abasirikare bacu nk’uko biri mu masezerano twagiriraniye”.

Ku mugoroba, niho amakuru atomoye yahavuye agashirwa ahabona, aho ibiro bikuru vya gisirikare n’igendereza rya gisirikare, bisa n’ivyemeje ko Ukraine ari yo ishobora kuba yarashe iyi ndege, n’ubwo bitavugwa mu buryo bweruye.

Ukraine ishimangira ko ata makuru yizewe y’abari muri iyo ndege, ariko ikaba yaremeje ko hari hategekanijwe igikorwa co guhanahan impfungwa ejo ku wa gatatu kandi ko kitabaye.

Ivuga kandi ko Uburusiya mu bisanzwe butanga inkuru ku bijanye n’inzira y’indege ikoreshwa muri iki gikorwa co guhanahana impfungwa kugira ngo umutekano wayo wubahirizwe, ariko ko ejo atariko vyagenze

Ibiro bikuru vya gisirikare vya Ukraine bivuga biti: "Ibi bishobora kwerekana ingene Uburusiya bukora ivyo bukora n’ibigirankana mu ntumbero yo gushira mu kaga ubuzima n’umutekano vy’impfungwa z’intambara”.

Kuva intambara yadutse, Ukraine n’Uburusiya bimaze guhanahana impfungwa incuro zitari nke.

Umunyamakuru wa BBC ajejwe Uburusiya Steve Rosenberg avuga ko bigaragara neza ko Uburusiya bwakoresheje iki gitero kuri ino ndege mu kugerageza kwerekana ko Ukraine ari yo ibutera, n’aho ari Uburusiya bwatanguje intambara yeruye muri Ukraine muri Ruhuhuma (2) 2022.

Imbere y’iki gikorwa cari gitegekanijwe co guhanahana impfungwa, abategetsi ba Ukraine bari bavuze ko abasirikare b’Uburusiya bari mu minwe yayo bari “bashikanywe ku gihe mu kibanza cumvikanyweko kugira ngo baguranywe, kandi bari batekaniwe aho bari bari”.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi buvuga ko iki gikorwa cari gitegekanijwe mu muhingamo w’ejo ku wa gatatu kw’ibariyeri iri ku birometero 100 mu burengero bwa Belgorod.

Ubu bushikiranganji buvuga ko indege ya gisirikare yunguruza abantu yari yahagurutse ivuye ku kigo c’igisirikare kirwanira mu kirere ca Chkalovsky mu burengero bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Moscou itera ija i Belgorod, bukagiriza igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere ko ingabo zaco ziri mu karere ka Lyptsi kari ku rubibe rwa Ukraine mu bumanuko ko ari bo barekuye ibisasu bibiri vya misire birasa indege.

Igisata ca reta ya Ukraine kijejwe impfungwa zo mu ntambara kigabisha ko Uburusiya “bugeramiye Ukraine mu rugamba rudasanzwe mu bijanye no guhanahana amakuru rufise intumbero yo guteza umudugararo muri Ukraine”.

Dmytro Lubinets, komiseri w’umurwi w’inama nshingamateka ya Ukraine ujejwe agateka ka zina muntu, asaba abanya-Ukraine Kwizera gusa amakuru bahabwa n’abategetsi: "Ntimuhendwe n’agasomborotso. Muraza guhabwa insiguro ziramvuye mu mwanya uri imbere”.

Kuva intambara itanguye, igikorwa ca mbere kinini co guhanahana impfungwa ni icabaye mu ntango z’uku kwezi, aho Ukraine yarekuye impfungwa z’intambara 248 z’Uburusiya, hanyuma Uburusiya na bwo bukarekura abantu 230, mu masezerano yahagarikiwe na Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu.

Abanya-Ukraine barenga 8000, bagizwe n’abasirikare hamwe n’abasivire, baracafungiwe mu Burusiya nk’uko bivugwa n’ishirahamwe rya Ukraine rijejwe impfungwa zo mu ntambara, Coordination HQ on the Treatment of PoWs, aho rivuga kandi ko abandi baharurwa mu bihumbi mirongo bataramenyekana irengero ryabo.

Kuva intambara yadutse, Belgorod, igisagara kiri ku birometero 40 ku rubibe rwa Ukraine, imaze guterwa incuro zitari nke hakoreshejwe ibisasu vya misire na za ndege zitagira abadereva (drone).

Muri Kigarama (12), abantu 25 barishwe abandi 100 barakomereka mu gitero co mu kirere – nubwo Ukraine ishimangira ko yakubise ikibanza ca gisirikare, ikagiriza igisirikare c’Uburusiya kirwanira mu kirere ko ari co ntandaro y’ibisigarira vyaguye kuri ico gisagara.

Ino ntambara y’Uburusiya muri Ukraine irabandanya mu gihe iri hafi yo kugera ku mwaka ugira gatatu kuva yadutse.

Ni mu gihe Uburusiya bwongereje akariro mu bitero vyabwo vyo mu kirere kuva mu ndwi nke ziheze.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Ukraine Rustem Umerov agabisha ko mu gihe ingabo za Ukraine ziri mu kibazo c’ubukene bw’amasasu, Uburusiya bwakoresheje misire zirenga 600 n’amadrone arenga 1000 mu mezi abiri aheze.

Ku ruhande rwayo, Ukraine iriko irarwana ikoresheje cane cane amadrone.