Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hamas ivuga ko 90 bishwe mu gitero ca Israel mu karere k’ubutabazi ka Gaza
Abanyapalestina nibura 90 bishwe mu gitero co mu kirere cakozwe na Israel ahitwa al-Mawasi gahaye indaro abateshejwe izabo mu karere ka Khan Younis muri Gaza, nk’uko bitangazwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas.
Igisirikare ca Israel cari catangaje ko aka ari akarere gatekanye, kinasaba Abanyapalestina kwimukirayo.
Ubu bushikiranganji butangaza kandi ko abarenga 290 bakomertse muri ico gitero.
Igisirikare ca Israel kivuga ko kiriko kirihweza ivyabaye. Ibinyamakuru vya Israel bisubiramwo umutegetsi wa Israel avuga ko iki gitero carondera umutegetsi wo hejuru wa Hamas, Mohammed Deif.
Vyitezwe ko umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu aza kuyobora ibiganiro vy’umutekano kuri uno musi, nk’uko bivugwa n’ibiro vyiwe bisubirwamwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.
Uwabonye ivyabaye, yabwiye BBC ko ahabereye iki gitero womenga ni “nyamugigima” yahaciye, amashusho avayo akerekana ibisigarira biriko birasha abakomeretse nabo buzuye amaraso bariko bashirwa ku nderuzo.
Abantu baboneka bariko bagerageza kufurura mu bihomoka bakoresha iminwe.
Amashusho ava mu bitaro vya Kuwait biri hafi yaho vyerekana akajagari mu gihe abakomeretse bariko bavurirwa hasi.
Umutegetsi wa Hamas asubirwamwo na Reuters avuga ko iki gitero cerekana ko “ibintu vyarenze inkombe” kandi ko Israel iterekwa ibiganiro vyo kurondera ko intambara yohagarara.
Mohammed Deif, umukuru w'ishami rya gisirikare rya Hamas, al-Qassam Brigades, ni umwe mu bategetsi bo hejuru bariko barahigwa buhongo n'igisirikare ca Israel.
Deif afatwa nk'igitangaza muri Gaza inyuma yo guhakwa gufatwa no no kwicwa incuro incuro zitari nke.
Afatwa nk'umwe mu bateguye igitero ca Hamas co ku wa 7 Gitugutu (10) umwaka uheze, cahitanye abantu 1200 - abenshi muri bo bakaba bari abasivire - nayo abandi 251 nabo bafatwa bugwati batwarwa muri Gaza.
Iki gitero ni co cabaye inyanduruko y'igitero gikomeye c'igisirikare ca Israel muri Gaza kimaze guhitana Abanyapalestina barenga 38.000, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu mu butegetsi bwa Hamas.