Prezida Tshisekedi yatanguje ibikorwa vyo kwibuka jenoside yakorewe abanye Congo

Prezida Tshisekedi

Ahavuye isanamu, RDC/PRESIDENCE

Insiguro y'isanamu, Prezida Felix Tshisekedi mu mugirwa wo kwibuka jenoside yakorewe abanye Congo
Yatangajwe

Kuri uyu wa gatatu itariki 2 z'ukwezi kw'umunani, prezida Felix-Antoine Tshisekedi yatanguje ibikorwa vyo kwibuka jenoside yakorewe abanye Congo ku mugwa mukuru Kinshasa.

Uwo mukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo, RDC, yashatse kwibukana icubahiro abanye Congo bose bishwe bazira ubusa kubera inyungu z'abantu zifatiye ku butunzi, nk'uko vyandikwa na Radio Okapi yegukira Onu.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu vyateye akamo abantu bose ngo bavire hasi rimwe mu kugwanya ibihugu rutura vy'amahanga vyateye RDC.

Inyuma y'intahe nyinshi ziteye agahinda z'abakorewe amabi, prezida Tshisekedi yaciye afata ijambo.

Yagize ati: "Ni mu mubabaro n'agahinda, ariko kandi n'ishaka riri kumwe no kwihangana, kubera igeramirwa ryo kubaho kwacu, mfashe iri jambo; kubera kandi ivyo ntegerezwa gukora n'ivyo njejwe, nk'uwuhagarariye igihugu, mu gutanguza icese ukwibuka jenoside yakorewe abanye Congo (GENOCOS), mu kwibuka amamiliyoni y'abishwe muri iyi myaka irenga 20 bazize ibikorwa vy'ubunyamaswa n'amabi atagira izina."

Kuri we, ayo mabi "yakokejwe n'ibihugu bimwe bimwe vya rutura n'abo bakorana ata kindi bagambiriye atari akwipfuza gutwara bidaciye mu mategeko, bitanisunze inyungu zacu, ubutunzi kama bwacu."

Kuri prezida Tshisekedi, itariki 2 z'ukwezi kw'umunani isigura ikintu kidasanzwe mu kwibukira hamwe nk'igihugu n'abanyagihugu ba RDC.

Prezida Tshisekedi yibukije "iyi tariki ya 2 y'ukwezi kw'umunani umwaka wa 2023, isanzwe itwibutsa uwundi musi, na wo ufise insiguro ikomeye, itariki 4 z'ukwezi kwa mbere, witiriwe abamaratiri bacu biguze intahe yo kwikukira."

Kw'itariki 2 z'ukwezi kw'umunani mu 1998, ni ho umuhari witwaje ibigwanisho wa RCD bivugwa ko wari ufashwe mu mugongo n'Urwanda, Uganda n'Uburundi watera igihugu ca Congo cari kirongowe ico gihe na prezida Laurent-Désiré Kabila.