Igitero ca Israel 'gifatwe uko kiri, ata kurenza urugero canke gukengera' - Indongozi y'ikirenga ya Irani

Indongozi y'ikirenga ya Irani Ali Khamenei

Ahavuye isanamu, Reuters

    • Umwanditsi, Ido Vock
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Indongozi y'ikirenga ya Iran Ali Khamenei yinengesereye mu kuvuga ku bitero biherutse gukorwa na Israel kuri iki gihugu, aho avuga ko "kitofata mu buryo ndenzarugero canke ngo gikengerwe", mu gihe yirinze gusezerana kwihora ubwo nyene.

Perezida Masoud Pezeshkian avuga ko Irani "izokwihora mu buryo nyabwo" kuri iki gitero cahitanye abasirikare nibura bane, akongerako ko Irani itarondera intambara.

Israel ivuga ko yateye ibigo vya gisirikare mu turere tutari duke twa Irani ku wa gatandatu mu kwihora ibitero vya Irani, harimwo ibisasu vya misire vyababa 200 vyarashwe kuri Israel ku wa 1 Gitugutu (10).

Ejo ku wa Mungu, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko Israel yononye ubushobozi bwa Irani bwo guhingura ibisasu vya misire n'ibirwanisho vyo gukingira ikirere. Yavuze ko ibi bitero "vyononye cane ubushobozi bwa Irani bwo kwivuna n'ubwo guhingura ibisasu vya misire".

"Iki gitero cari ntahusha kandi cari gikomeye mbere cashitse ku ntego yaco", niko Netanyahu yabwiye abari mu birori vyo kwibuka abahitanywe n'igitero co ku wa 7 Gitugutu umwaka uheze cakozwe na Hamas.

Ati: "Iyi ntwaro itegerezwa gutahura ingingo ngenderwako yoroshe: uwo ari we wese atugirira nabi, turamugirira nabi".

Abategetsi ba Irani bavuga ko iki gitero ata kintu kinini conoye ku gihugu, aho bavuga ko ibisasu vya misire hafi vyose vyasamburiwe mu kirere, kandi ko n'ivyabaciye mu myanya y'intoke ata kinini vyononye ku buhinga bwa Irani vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Mw'ijambo ryiwe rya mbere ashikirije ku mugaragaro kuva habaye iki gitero, Khamenei avuga ati: "Abategetsi ni bo bategerezwa kwereka Israel ubushobozi n'ishaka ry'abanyagihugu ba Irani, bagafata n'ingingo zizanira inyungu abanyagihugu n'igihugu".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Yakoresheje imvugo yoroshe ugereranije n'iyiheruka yari yuzuye uburakari. Muri kahise, yahoze agabisha ko azosambura Haifa na Tel Aviv ari nka hamwe Israel yoramuka iteye Irani, canke agatera "Israel incuro 10 ari nka hamwe botera rimwe”.

Nk'umugaba mukuru w'ingabo ni ibintu bidasanzwe kubona Khamenei ashize ububasha ku "bategetsi". Nk'indongozi y'ikirenga, yamye agira uruhara rudasanzwe mu ngingo za poritike nyamukuru mu myaka 35 iheze, aho yarengera amabanga y'umukuru w'igihugu.

Ibi bishobora kuba bifise intumbero y'ugushaka kwerekana ko atananiwe no kwishura kuri iki gitero uko vyategerezwa, canke naho kukaba ari ukurondera uwo yegekako ivyoshika mu gihe hokorwa igitero co kwihora kikagira ingaruka mbi.

Perezida Pezeshkian yagiye asubiramwo cane amajambo ya Khamenei, mu kubwira inama nshikiranganji ati: "Ntiturondera intambara, ariko tuzorwanira uburenganzira bw'abanyagihugu bacu n'igihugu cacu".

Ibihugu vy'Uburengero bisaba Irani nayo kutihora mu kwirinda ko ibintu vyunyuka hagati y’ibi bihugu vyompi vyo mu Buseruko bwo Hagati, bikabona ko vyotuma haduka intambara y'akarere kose.

Ibinyamakuru vya Irani vyerekana amashusho y'ukungene ubuzima bwa misi yose bubandanya nk'uko bisanzwe, aho vyerekana ko kubona hononekaye bike ari intsinzi, ico abihweza ibintu n'ibindi babona ko gifise intego yo guhumuriza abanyagihugu.