Donald Trump yatumiye Jeff Bezos na Elon Musk iwe i Mar-a-Lago

    • Umwanditsi, Mike Wendling
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Umukuru w'ikigo Amazon ari nawe nyene ikinyamakuru Washington Post, Jeff Bezos yabaye umukire wa vuba mu bamaze gusangira na Donald Trump ku rugo iwe muri leta ya Florida.

Yabonetse yinjira i Mar-a-Lago ku munsi wa gatatu ku mugoroba aho yari agiye gusangira n'uwo aheruka gutorwa mu kibanza c'umukuru w'igihugu, muri videwo yashizwe ku mbuga hwaniro.

Ibinyamakuru vyo muri Amerika vyavuze ko Elon Musk yaciye aza nawe aja hamwe n'abo babiri. Mu nyuma Musk yanditse kuri X ko ''cari ikiyago kiza cane''.

Bezos yiyemeje gutanga umuliyoni w'ama dolari (US $1m = £780,000) mu kigega co kwimika Trump, imwe mu ntererano amashirahamwe canke ibigo vy'ubuhinga bwa none vyiyemeje gutanga.

Bezos kandi afise inyungu nyinshi aziga ku butegetsi bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, biciye mu bigo vyinshi vyiwe vy'ubugwizatunga, birimwo ica Blue Origin, gikorana n'ibindi bigo ku bijanye n'ingendo zo mu kirere ca kure.

Abandi bamaze gushika ku rugo kwa Trump i Mar-a-Lago barimwo Mark Zuckerberg umuyobozi wa Meta, umuyobozi wa OpenAI Sam Altman, n'uwa TikTok Shou Zi Chew hamwe n'uwa Apple Tim Cook.

Umuyobozi wa Google Sundar Pichai nawe nyene yari uwuhura na Trump ku munsi wa kane.

Iyi mibonano ije mu gihe Trump amaze gushimira yongera aca amahani ibi bigo vy'ubuhinga, abirega kunigana abantu ijambo, akabikangisha ko azohasha bimwe mu buryo bakora ubucuruzi bwabo.

Ikigo Amazon kizokwerekana ibirori vyo kurahiza Trump kuwa 20 Nzero (1), ku rubuga rwaco rwa Prime Video, ibizoharurwa nk'iyindi ngabire y'umuliyoni w'ama dolari wiyongeye mu kigega co gutunganya irahizwa rya Trump, nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru CBS News co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika gikorana na BBC.

Zuckerberg wa Meta – ari nawe aramutswa imbuga za Facebook, Instagram na WhatsApp – yemeye gutanga umuliyoni w'ama dolari ($1m) muri ico kigega, co kimwe na Sam Altman ayobora ikigo OpenAI.

Somambike wa Trump muri aba bategetsi b'ibigo vy'ubuhinga, aramutswa Tesla, SpaceX na X, Elon Musk- yegeranije ayarenga miliyoni 250 ($250m) mu gushigikira amatora ya Donald Trump, nk'uko vyatangajwe ku mugaragaro.

Trump yatoranije bwana Musk hamwe na Vivek Ramaswamy yigeze guhiganirwa ikibanza c'umukuru w'igihugu, kuzorongora umugambi wo kugabanya amafaranga leta ikoresha.

Mu nteguro y'amafranga y'uyu mwaka wa 2024, urubuga SpaceX rwa Musk rufitaniye amasezerano na leta ya Amerika, aciye miriyaridi 3,8 z'ama dorari ($3,8bn), nk'uko bigaragara ku rubuga rwa leta -USASpending.gov.

Bezos nawe nyene arafise imigenderanire ikomeye na leta mu bikorwa vyiwe vy'ubugwizatunga.

Ibikorwa vyo ku mbuga ngurukanabumenyi vy'ikigo Amazon vyagiranye amasezerano n'urwego rw'umutekano w'igihugu y'imyaka 10, aciye miliyaridi 10 z'ama dorari ($10bn) mu 2021. Mu 2023, Nasa yatangaje amasezerano mashasha yagiranye na Blue Origin aciye miriyaridi 3,4 ($3,4bn), mu mugambi wo kwubaka ikigendajuru kizoja ku kwezi.

Gatoyi imbere y'amatora yo muri Munyonyo, ikinyamakuru 'The Washington Post' catangaje ubwa mbere mu myaka iharurwa mu mirongo ko kitazoshigikira umukandida.

Bwana Bezos yasobanuye impamvu, avuga ko gushigikira uyu canke uriya bishobora gutuma hagira abibaza ko harimwo guhengamira ku ruhande rumwe.

Yanditse muri 'The Post' ati: "Kubihagarika n'ingingo ifatiye ku ngendo twiyemeje, kandi ni co gikwiye".

Bwana Musk n'abandi bayobozi b'ibigo vy'ubugwizatunga, birimwo ibigo vy'amafranga nk'umuyobozi nshingwabikorwa w'ikigo Cantor Fitzgerald, Howard Lutnick – ari nawe Trump yahisemwo kuzomubera umushikiranganji w'ubudandaji- bari mu bo Trump yatoranije nk'akagwi kiwe ka ba somambike kuva n'imbere y'amatora.

Ariko hari abandi bayobozi b'ibigo vy'ikonabuhanga n'abatunzi ruhebwa bagumanye nawe imigenderanire ya kure.

Trump yari yahariwe ivomo n'urubuga Facebook inyuma y'akaguma kabereye ku ngoro ya Capitol, kakurikiye amatora yo mu 2020, mu nyuma arahava asubizwa kuri urwo rubuga.

Muri kino gihe, bwana Zuckerberg asa n'uwahinduye ingendo (muri iyo migenderanire na Trump).