Abagenywe na Trump bageramiwe n'iterabwoba ryo guterwa amabombe

    • Umwanditsi, Bernd Debusmann Jr na Max Matza
    • Igikorwa, BBC News, i Washington DC
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Abatari bake mu bamaze kugenwa na Donald Trump kugira bazoje muri reta yiwe n'abazokorana na we mu biro vy'umukuru w'igihugu bariziziwe n'iterabwoba ryo guterwa amabombe.

Ikigo kijejwe igendereza ryo hagati mu gihugu FBI kivuga ko caronse "amakuru menshi y'iterabwoba ry'amabombe" hamwe "n'amaterefone yo gutera ubwoba", aho abantu bahamagawe n'amaterefone y'ububeshi maze igipolisi gica gifata ingingo zo gutabara imihana yiziziwe.

Iri terabwoba rimaze gukorerwa abantu nibura icenda bamaze kugenwa na Trump ngo barongore ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, uburaro, uburimyi n'akazi, hamwe kandi n'uwagenywe ngo aserukire Amerika muri ONU, n'abandi.

Igipolisi kiriko kirakora amatohoza kuri ibi bintu, vyabaye mw'ijoro ryo ku wa kabiri n'iryo ku wa gatatu.

Karoline Leavitt, umuvugizi w'umurwi uriko utegura irahira rya Trump, avuga ko aba bamaze kugenwa na Trump "biziziwe n'iterabwoba ry'ubukozi bw'ikibi kandi ry'urwanko kuri Amerika ku buzima bwabo be n'ubw'ababana nabo".

Avuga ko "abajejwe umutekano baciye bahaguruka vyihuta kugira ngo bakingire" umutekano w'aba bagenywe.

Ati: "Nk'uko Perezida Trump yaduhaye akarorero, ibikorwa bibi vy'iterabwoba n'ubukozi bw'ikibi ntibizotubuza ibikorwa vyacu."

Yaba Leavitt canke abarongoye FBI, nta n'umwe yashize ahabona amazina y'aba bariko bakorwako iterabwoba.

Umushingamateka w'umurepubulikani wo muri New York, Elise Stefanik, yagenywe na Trump kugira ngo azoserukire Amerika muri ONU, ni we yabaye uwa mbere kuvuga ko umuryango wiwe wakozweko iterabwoba ryo guterwa bombe.

Ibiro vyiwe bivuga ko uno mushingamateka yabwiwe ivy'iri terabwoba igihe yari mu modoka ari kumwe n'umugabo wiwe n'umwana wabo w'umuhungu w'imyaka itatu bariko bava i Washington DC batera baja i New York.

Mu nyuma Pete Hegseth yagenywe kuzoba umushikiranganji wo kwivuna abansi, na we yemeje ko yakorewe iri terabwoba.

Ku rubuga rwa X, avuga ko umupolisi yashitse muhira iwe mu gitondo c'ejo ku wa gatatu, mu gihe abana biwe indwi bari mu nzu baryamye, akamubwira ko baronse "amakuru yo kwizera y'igitero ca bombe".

Yanditse ati: "Itotezwa canke iterabwoba ntaco rishobora kungira. Nta na kimwe. Perezida Trump yampamagariye gukora - kandi ivyo ni vyo niteguriye."

Trump, inyuma y'ibitero bibiri vyarondera agatwe kiwe mu gihe c'imyiyamamazo, ntari muri aba bahamagawe n'amaterefone y'iterabwoba, nk'uko amasoko yo mu bajejwe umutekano yabibwiye ibinyamakuru vya Amerika.

Yari aherutse guterwa ubwoba nyabwo, nk’uko bivugwa n'abategetsi ba Arizona bafashe umugabo mu ntango z’iyi ndwi yasohora amavidewo “hafi ku musi ku musi” aho yahiga ko azokwica Trump n’umuryango wiwe.

Nta n'umwe muri aba batewe ubwoba muri ino ndwi yari asanzwe acungerewe n'inzego za Amerika zijejwe gukingira umutekano w'abategetsi, nk'uko ibinyamakuru bibivuga.

Lee Zeldin yagenywe ngo azorongore ikigo kijejwe gukingira ibidukikije na we nyene avuga ko yatewe ubwoba, aho avuga ko "ubutumwa bwo guterwa bombe" bwarungitswe muhira iwe bufise “ubutumwa buboneka ko bushigikiye Abanyapalestina”.

Ati: "Umuryango wanje na jewe ntitwari muhira ico gihe, kandi turatekanye. Turashima ingene igipolisi c'akarere caciye cihutira gufata ingingo."

Brooke Rollins yagenywe nk'umushikiranganji w'uburimyi, yanditse ubutumwa kuri X ashimira igipolisi ca Fort Worth muri Texas mu "twigoro twaco mu buryo bwihuta" two gukora amatohoza kw'iterabwoba ku muryango wiwe mu gitondo co ku wa gatatu.

Uno mupfasoni yandika ati: "Ntaco twabaye kandi twaciye dusubira muhira vuba bwango".

Scott Turner yagenywe na Trump ngo abe umushikiranganji w'uburaro, hamwe na Lori Chavez-Deremer, yagenywe ngo arongore ubushikiranganji bw'akazi, nabo nyene banditse ku mbuga hwaniro bavuga ko bakorewe iterabwoba. Bompi bavuga ko ataco rishobora kubabwira.

Perezida Joe Biden yamenyeshejwe ibi bibazo, nk'uko itangazo rya Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Amerika) ribivuga.

Rivuga riti: "Maison Blanche iriko iravugana n'abajejwe umutekano mu gihugu n'umurwi w'uno aherutse gutorwa nk'umukuru w'igihugu, kandi ibandanya ikurikiranira hagufi ibi bintu."

Mw'itangazo, igipolisi gicungera Capitol, ingoro y'amakoraniro y'inama nshingamateka na nkenguzamateka, kivuga ko kiriko kirakorana n'inzego z'umutekano ku rwego rw'igihugu ku bijanye n'aya materefone y'iterabwoba, ariko canse gutanga insiguro zindi "mu kwerekana ko atari ibintu bikomeye cane".

Umushingamateka w'umurepubulikani w'intara ya Florida, Matt Gaetz, aherutse gutanga imihoho inyuma yo kugenwa nk'umushikirizamanza mukuru w'igihugu, na we nyene yatewe ubwoba.

Ibiro vy'igisata kijejwe umutekano mu karere ka Okaloosa muri Florida vyemeje ko hari iterabwoba ry'igitero ca bombe ryakozwe ku muhana umwe mu gisagara ca Niceville.

Agasandugu k'amakete k'uno muhana kakuwemwo ibirimwo vyose kandi nta kintu na kimwe giteye ubwoba basanzemwo, nk'uko igipolisi kibivuga, kandi ko isaka ryabaye muri ako gace ata kintu na kimwe ryatoye.

Igipolisi ca New York cabwiye ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika ko inzu y'i New York ya Howard Lutnick aherutse kugenwa na Trump ngo arongore ubushikiranganji bw'ubudandaji, na yo nyene yakozweko iterabwoba.

Pam Bondi yagenywe mu kibanza ca Gaetz, na we nyene yakozweko iterabwoba, co kimwe n'uwagenywe ngo arongore ibiro vy'umukuru w'igihugu Susie Wiles, nk'uko bivugwa na CBS.

Ikinyamakuru Fox News gitangaza ko John Ratcliffe yagenywe na Trump ngo arongore ikigo CIA kijejwe igendereza ryo hanze, na we nyene yatewe ubwoba.

Amayeri nk'aya ya terefone z'iterabwoba aherutse gukoreshwa ku bategetsi bakuru, harimwo abacamanza n'abashikirizamanza bahagarariye imanza z'ivyaha vyagirizwa Trump.

Mu mwaka uheze, abanyaporitike ba Amerika mu gihugu cose bariziziwe n'iterabwoba ry'ibitero kuri Noweli. Benshi bari Abarepubulikani, ariko harimwo n'aba-Demokarate bamwe bamwe na bo nyene bariziziwe n'iri terabwoba.