COP27: Inama irangijwe n'amasezerano y'akataraboneka... ibihugu bikenye bigiye gufashwa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Inama ya COP27 yashitse ku masezerano y'akataraboneka, aho hagiye gushirwaho ikigega co kuriha ibihugu bikenye kubera ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.
Ikibazo co gushiraho ikigega co gufasha ibihugu bikenye guhangana n'ingaruka ry'ihindagurika ry'ibihe cafashwe nk'ikibazo gihambaye cane.
Ubu igisigaye n'ugukurikirana ishirwa mu bikorwa hisunzwe umwumvikano w'ishirahamwe mpuzamakungu Onu.
'Amajwi agiye yumvikana - ku mugabane wa Afrika'. Urubuga rwa Twitter rwa COP27 rurashima uwo mugambi "warurindiriwe igihe kirekire" wo gushiraho ikigega co gufasha ibihugu vyasinzikajwe cane n'ihindagurika ry'ibihe.
Iyo Twitter ibandanya igira iti:"Akahise karanditswe ku butaka bwa Afrika, amajwi y'abantu basinzikaye cane agiye yumvikana."
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
Justin Rowlatt, arongoye igisata candika ku bidukikije muri BBC, ariko arakurikirana iyo nama ya COP27 avuga ko abanye Misri bateguye iyo nama bashitse ku kintu c'igitangaza.
Batoreye inyishu ikibazo cari kimeze nk'ikivyimba ngendanwa kuva ibiganiro bigitangura mu myaka 30 iheze - cerekeye gufasha ibihugu bigeramiwe kubera uruhombo ruva kw'ihindagurika ry'ibihe rutera ibibazo mu mibano muri ivyo bihugu.
Ariko avuga ko ariko batarerekana ishaka ryo guhangana n'igituma haba ihindagurika ry'ibihe - ico na co akaba ari gukwiragiza ivyuka bibi mu kirere bituma ubushuhe bwiyongere kuri iyi si yacu.
Mu nsiguro yiwe arerekana neza ko mu kuzana ibindi bintu bitanga inguvu ariko "bitarekura imicafu myinshi", benshi bibaza ko basubiye kuvyari vyaremeranijwe mu nama iheruka ya Onu yabereye i Glasgow.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihugu bihurikiye mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika vyerekanye ishaka ryo gushika ku mwumvikano wo kuza biratanga amahera ku bihugu bigeramiwe n'ihindagurika ry'ibihe.
Ariko vyavuze ku mugaragaro ko bidashobora gushira umukono ku masezerano ateye kubiri n'intumbero yo kugabanya ukwiyongera kw'ubushuhe kw'isi gushika ku gipimo ca 1.5 ca Celsius.
Vyari bitegekanijwe ko iyo nama irangira ku musi wa gatanu, vyabaye ngombwa kwigizwa imbere imisi ibiri gushika mu gicugu kugira bashike kuri ayo masezerano yatwaye umwanya muremure.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ibihugu birenga 200 vyaritavye iyo nama biranemera uwo mugambi, aho ibihugu vyinshi vya Afrika bizohatorera akoyoko.









