Eurovision: Loreen wa Suede yongeye gutsinda, Mae Muller wa UK aba uwa kabiri uvuye inyuma
Umunya-Suede Loreen yatsinze ihiganwa ry’indirimbo rya Eurovision Song irigira kabiri, n’indirimbo yiwe ya pop Tattoo.
Ico camamare, yaheruka gutsinda iryo higanwa mu 2012, yagwaniye iyo ntsinzi n’umunya-Finlande Käärijä mu matora akomeye cane.
Umwongereza, Mae Muller we ntiyashoboye kwongera amahirwe nk’aya Sam Ryders mu mwaka uheze, akaba yabaye uwa 25 -ikibanza kimwe gusa imbere y’uwa nyuma.
Nawe Umuganwakazi wa Wales, yaratangaje abantu aho bagiye babona avuza piano (inanga) ari kumwe n’abatsinze mu mwaka uheze bo mu mugwi Kalush Orchestra.
Loreen niwe muntu agira kabiri wenyene – akaba ari nawe mugore wa mbere – atsinze Eurovision kabiri, inyuma y’umunya-Irlande Johnny Logan.
‘’Ibi birarenze,’’ niko yavuze ariko aratora agashimwe. ‘’Ndakengurutse cane. Ndashimye cane.’’
‘’Mu ndoto zanje z’ibiva aha bigashika hariya, sinibajije ko ibi vyoshitse.’’
Intsinzi ya Suede isigura ko ariyo izokwakira ihiganwa ryo mu mwaka uza – mu kizoba ari isabukuru ya 50 y’intsinzi ntibagirwa ya Abba na Waterloo mu 1974.
Ariko Irlande yagarukiye mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’uyu mwaka ubugira gatanu yikurikiranya, ibintu uwari arongoye intumwa avuga ko ‘’birenze’’.
Batatu ba mbere uyu mwaka babaye:
1.Swede: Loreen - Tattoo (amanota 583)
2.Finlande: Käärijä - Cha Cha Cha (amanota 526)
3.Israel: Noa Kirel - Unicorn (amanota 362)

Ahavuye isanamu, PA Media
Mae Muller yaronse amajwi 24 gusa, atuma Ubwongereza buba hafi ubwa nyuma ku rutonde, ‘’Si vyo twari twiteze,’’ nk’uko yanditse kuri twitter iryo higanwa riheze.
‘’Ndazi ko nkunda gutebura. Ariko ni ukuri twari twaherejeko mu kwitegura muri aya mezi aheze.
‘’Ndakeje ibihugu vyose, sinzokwigera nibagira uru rugendo, ndabakunda mwese.’’

Igisagara ca Liverpool nico cakiriye iryo higanwa ry’uyu mwaka kw’izina rya Ukraine iri mu ntambara, ari nayo yari yaritsinze mu 2022.
Nk’uko vyari bibereye, iryo higanwa ryuguruwe n’abatsinze mu mwaka uheze, Kalush Orchestra , bavuza indirimbo yabo Stefania bagize ndende mu mu gace kari gasanzwe karafashwe barungitse bari i Kyiv.
Abandi baririmvyi barimwo Joss Stone, Sam Ryder na Andrew Lyod Webber barongereje akabirya k’Ubwongereza muri iyo ndirimbo mu gihe uwo mugwi wari ufashe itereni uva ku gituro c’itereni ca Maidan Nezalezhnosti i Kyiv hanyuma bagashika ahabera ihiganwa muri Liverpool Arena.
Umuganwakazi wa Wales yaherekeje na piano, mu gace gato kafatiwe mu cumba co gucapiramwo c’ikirimba ca Windsor muri uku kwezi nyene.

Ahavuye isanamu, Alex Bramall
Tugarutse ku habera ihiganwa, Kalush yavugije single (indirimbo isohoka ari imwe) nshasha yabo Changes, batanga ubutumwa bwo guhangara Uburusiya: ‘’ Give my all down to the wire / Set me free [Mpa ivyanje vyose gushika ku kanyuma / Mvako]’’.
Yabaye imwe muri nyinshi zavuze ku ntambara, mw’ihiganwa ryafashe intera ya poritike kurusha amahiganwa menshi ya Eurovision.
Let 3! ba Croatie baririmvye indirimbo yagereranije umukuru w’Uburusiya Vladimir Putin nk’’ingona iryoherwa no kwica’’, mu gihe umugwi Vesna wo muri Repuburika ya Czech waririmvye mu ki-Ukraine, ‘’We’re with you in our hearts [Turi kumwe mu mitima yacu]’’.
Umugwi wo muri Ukraine ubwawo, Tvorchi, wavugije indirimbo ikomeye wafatiye kw’igotwa rya Mariupol.
Ternopil, igisagara c’amavukiro c’abo babiri caratewe misire z’abarusiya gato imbere gato y’uko uwo mugwi utangura kuririmba i Liverpool, nk’uko abategtsi babivuga.
Bahavuye baba aba gatandatu, n’amajwi 243.
Uburusiya bwarahagaritswe kwitaba iryo higanwa kubera igitero kuri Ukraine, ariko abariteguye baranse guha ijambo prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky muri ico giteramo.














