Ikibazo c'ubuhinga cakemutse ariko ingaruka zaco ziracahagaritse imirimo myinshi kw'isi

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Ubuhinga bwa none bwakwamye ku wa gatanu, kuri uyu wa gatandatu bwakomeje guhungabanya imirimo itari mike hirya no hino kw'isi.

Ubu ho abahinga bagabishije ko hari inkozi z'ikibi zishobora kwikika mu kiza.

Umukuru wa Crowdstrike, ikigo ginkinga ubugizi bwa nabi buca kuri internet, ari naco catumye ubuhinga bwa none buhagarara kw'isi, yasavye ikigongwe kandi aca agabisha ko hari 'abarondera gukora bibi'.

Ingendo yinshi z'indege zafuswe, nayo amabanki, ibitaro n'uburyo bwo kuriha biragirwako ingaruka.

N'ubwo ibibuga vy'indege bivuga ko ikibazo c'ubuhinga carangiye, ingaruka zo kuri uyu wa gatanu zatumye ingenzi nyinshi zikiriko ziragerageza gushika i muhira, canke zigerageza kuja mu biruhuko.

Ikigo cegeranya amakuru y'ingendo z'indege kw'isi Cirium cavuze ko kuva nk'isaha zitanu z'igitondo mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda, ingendo z'indege 1.639 zari zafuswe.

Ejo hafuswe ingendo 6.855 kw'isi yose. Izo ni 6.2% y'ingendo zose ziba zitegekanijwe.

Mu Bwongereza hasivye indege 207 zari guhaguruka, na 201 zari gushika.

Aho ni mu gihe ku wa kane, buca haba izo ngorane, hari hafuswe ingendo zingana na 1.8% gusa.

Abahinga mu gukinga ubukozi bw'ikibi buciye kuri internet bavuga hari umupfunda ugira kabiri w'inkozi z'ikibi zizeye kwikika mu kiza c'ako kajagari.

Muri Australia, urwego rubijejwe rwamenyesheje ko hari inkozi z'ikibi ziriko zirarungika ubutumwa bwitwa ko ari ubwo gusubiza ibintu mu buryo burungitswe na Crowdstrike.

Igihugu kitakozweko: Ubushinwa

Mu gihe ahandi henshi kw'isi biriwe bahanzwe n'ingaruka z'uko gukwama kw'ubuhinga, hari igihugu kimwe cashoboye kuvyirinda ata ngorane nyinshi zibaye: Ubushinwa.

Insiguro iroroshe. Ubushinwa ntibuzera cane kuri Microsoft nk'ahandi kw'isi. Kompanyi z'imbere mu gihugu nka Alibaba, Tencent na Huawei nizo ziganje mu gutanga ubuhinga bw'ububiko n'ugutuganya amakuru n'ibindi bikorwa vy'ubuhingwa bwa none.

Uko imyaka yagiye irahera, niko ibigo vya reta, amakompanyi y'ubucuruzi n'ibikorwa remezo bagiye barasubiriza ubuhinga bwo hanze n'ubwo mu gihugu.

Ivyo vyerekana ingene ubuhinga bw'Ubushinwa buhanitse, ariko harimwo n'imvo ya poritike. Mu kwikwiza mu bijanye n'ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru, abategetsi b'Ubushinwa bashobora no kugenzura ingene abanyagihugu babukoresha.

Vyerekana kandi kwitaho umutekano w'igihugu, vyogereranywa na kurya ibihugu vya Buraya na Amerika vyahagaritse ubuhinga bwa Huawei.

Aho ubuhinga bwahungabanye habaye na cane cane mu bigo canke amashirahamwe vy'abanyamahanga.

Ejo habaye iki?

Muri make, ubuhinga bwa none (IT) kw'isi bwarakwamye buhungabanya imirimo myinshi kw'isi harimwo ibigo vyo kwa muganga, amabanki, amamangazini hamwe n'indege.

Haracari ibibazo vyinshi bitararonka inyishu ariko ibi ni bimwe mu bimaze kumenyekana kuva mu gitondo:

Ukwo gukwama kwatewe n'igikorwa co gushira ibintu ku gihe cakozwe n'ikigo co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika gikinga imigera itera imashini (anti-virus) Crowdstrike.

Ico kigo ubu kivuga ko cakosoye ivyari vyagenze nabi ariko ko bishobora gusaba ''uwundi mwanya'' kugira vyose bisubire kuba uko vyahora

Uko gukwama kwatumye ingendo z'indege ibihumbi n'ibihugu zifutwa izindi ziracererwa hirya no hinho kw'isi. Amabanki, uburyo bwo kuriha be n'ibitaro vyaragizweko ingaruka

Nta cerekana gushika ubu ko hari igikorwa c'ubukozi bw'ikibi kiri inyuma y'ivyashitse canke ko hari abinjiye mu mashini z'abandi batabirekuriwe.