Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege yakorotse ica iragarama muri Somalia
Indege yakorotse ica iragarama igihe yariko irururuka ku kibuga c’indege ku mugwa mukuru wa Somalia. Imana yakinze nta n’umwe yapfuye mu bantu barenga 30 bari muri yo.
Videwo iteye ubwoba yafatiwe hafi y’ikibuga c’indege i Mogadishu yerekana umwotsi mwinshi wirabura uva aho iri sanganya ryabereye.
Abajejwe kuzimya imiriro baciye bazimya umuriro wariko uraka, amasanamu y’aho vyabereye akerekana iyi ndege yagaramye, amapine ari hejuru.
Ni indege yegukira ikompanyi Jubba Airways yo muri Somalia, ikaba yari mu rugendo rwo hagati mu gihugu ivuye mu gisagara ca Baidoa ija ku mugwa mukuru, nk’uko abategetsi babivuga.
Ingenzi hamwe n’abakozi b’iyo ndege barokowe bose, nk’uko bivugwa n’abakozi b’ikibuga c’indege basubirwamwo n’ibinyamakuru vya reta.
Icateye iri sanganya ntikiramenyekana.
BBC ntibazwa ibivuye ku mbuga ngurukanabumenyi zo hanze