Igura n’igurishwa ry’abakinyi: Bellingham, Kane, Messi, Rice na Osimhen bazoruhukira he?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Jude Bellingham, Lionel Messi, Victor Osimhen hamwe na Harry Kane ni abakinyi karuhariwe bo ku rwego mpuzamakungu bashobora kwimuka bakava mu mirwi yabo mu kiboneka nk’igihe gikomeye cane c’igura n’igurishwa ry’abakinyi muri iri ci.
Ubwo Messi arashobora gusubira muri Barcelona? Ubwo Arsenal irashobora gutahukana Declan Rice?
Igihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi kizotangura icese ku wa 14 Ruheshi (6), hazoba ari ku wa gatatu, kirangire ku wa gatanu igenekerezo rya 01 Nyakanga (9).
Reka turabe ibivugwa mw’igura n’igurishwa twongere duce ku masonga amazina y’abakinyi bakomakomeye bashobora kuba biteguriye gusezera imirwi yabo.
Jude Bellingham

Bellingham, kizigenza wa mbere akiri muto wa Borussia Dortmund ubu afise imyaka 19 kandi umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp akaba amufata nk’umukinyi w’ “igitangaza”, ni umwe mu bakinyi bazokwatsa umuriro muri rino ci, mbere ejo ku wa mbere akaba yagenywe nk’umukinyi wa mbere mwiza wa Bundesliga (ihiganwa ry’Ubudagi).
Real Madrid iri mu biganiro bigeze kure mu rugamba rwo kurondera uyu mukinyi wo hagati w’Ubwongereza kandi ikaba yiteguye kumutangako imiriyoni 89 z’amapawundi – n’aho bivugwa ko Dortmund imushakako imiriyoni 130 z’amapawundi.
Manchester City nayo nyene iravugwa ko yipfuza uyu musore yakiniye umurwi wiwe inkino 42 muri uno mwaka w’inkino, akinjiza ibitsindo 14, akongera agatanga imipira indwi yavuyemwo ibitsindo.
Mu kwa kane, Liverpool yarakuye akarenge mu vyo kurondera kugura uyu mukinyi yahoze ari rurangiranwa muri Birmingham City, aho Klopp yavuze ko umurwi wiwe kurondera uyu mukinyi ari “nk’umwana ashaka imodoka ya Ferrari kuri Noel”.
Harry Kane

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Harry Kane, tuzosubira mu kwa gatandatu".
Niko abafana ba Manchester United baririmbiye iki gihangange ca Tottenham mu rukino rwahuje iyi mirwi mu kwa kane i Londres rukarangira ari 2-2. Man U, co kimwe na Chelsea, Bayern Munich na Paris St-Germain, nazo zibandanya zivugwa ko ziriko zirarondera uyu Mwongereza w’imyaka 29.
Aba-Spurs na Kane bategerezwa gufata ingingo. Uyu Mwongereza wa mbere amaze kwinjiriza umurwi nserukiragihugu ibitsindo vyinshi gusumba abandi bose aracasigaje umwaka umwe mu masezerano yiwe, mu gihe atotera igikumu kuri mashasha yo kumwongerereza ikiringo ashobora kugenda kuri gusa mu mpera z’umwaka w’inkino uza.
Nta gukekeranya ku bushobozi bwa Kane – amaze kwinjiza ibitsindo 280 mu nkino 435 amaze gukinira aba-Spurs, akaba abura 47 kugira ashikire Alan Shearer yaciye umuhigo muri Premier League ku bitsindo 260
Aba-Spurs baramaze kumwimana incuro zibiri zose, igihe we nyene yagerageza kurondera ko yokwimukira muri Manchester City.
Ariko inyuma y’aho vyankiye ko aba-Spurs baronka itike yo kuzokina mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwayo (Ligue des Champions/ Champions League) mu mwaka w’inkino uza kandi Kane akaba atarakoza intoki ku gikombe gikomeye, kazoza k’uyu musatirizi w’uno murwi wo mu buraruko bwa Londres karacarimwo igipfungu.
Declan Rice

Ahavuye isanamu, Reuters
Declan Rice ashobora kuba kizigenza wa mbere wa West Ham atsindiye igikombe co ku rwego rwa Bulaya kuva Bobby Moore atsindiye igikombe c’ihiganwa rihuza imirwi yatsindiye ibikombe iwabo (Coupe d'Europe des vainqueurs de coupe/Cup Winners' Cup), mu 1965.
Imbere y’urukino rugira kabiri na AZ Alkmaar muri Conference Ligue rwatsinzwe na West Ham, umumenyereza wayo David Moyes yavuze ko hari “amahirwe menshi” ko Rice agenda muri rino ci.
Uyu mukinyi w’imyaka 24 yaranse utwigoro twose tw’uyu murwi two kurondera ko yotera igikumu ku masezerano mashasha yomutuma abandanya awukinira mu gihe hari imirwi mikuru mikuru ya Bulaya hafi yose imurondera.
Rice ni umukinyi yamutse mu murwi w’urwaruka muri West Ham akaba amaze gukinira Ubwongereza inkino 41, akaba mbere yaranakinishijwe mu nkino zitanu zose z’Ubwongereza mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose giheruka kubera muri Qatar.
Hari amakuru avuga ko Rice ashaka kwimukira muri Arsenal irangije ihiganwa iri mu kibanza ca kabiri muri Premier League, ariko aba ba-Gunners bigashobora kubabera ngombwa ko bemera gutanga incuro zibiri z’imiriyoni 72 z’amapawundi batanze kuri Nicolas Pepe mu 2019, ico gihe akaba ari mukinyi wa mbere yari aguzwe amahera menshi muri uyo murwi.
Mu kwa kane, Moyes yavuze ko Rice adashobora kugurishwa musi y’imiriyoni 150 z’amapawundi.
Lionel Messi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Lionel Messi aherutse gutahukana igikombe c’isi yose azosezera Paris St-Germain igihe amasezerano yiwe azoba arangiye muri rino ci.
Imigenderanire yiwe na PSG yaratosekaye. Ku wa 03 Rusama (5), yarahagaritswe n’uyu murwi mu kiringo c’indwi zibiri inyuma y’aho afashe urugendo rwamushikanye muri Arabia Saoudite ata ruhusha.
Mu rukino rwiwe rwa mbere agarutse, yarazomerewe n’abafana.
Messi yavuye muri Barcelona mu 2021 kubera ibibazo vy’amafaranga muri uyu murwi, ariko ashobora kutazokwimukira i Nou Camp, n’aho ari ho uyu musatirizi wa Argentina yabereye umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi, bishika 672 mu nkino 778.
Barcelona ifise umuzigo w’umushahara ugera ku miriyoni 530 z’amapawundi ikeneye kugabanyako nibura imiriyoni 177 z’amapawundi.
Uyu mukinyi w’imyaka 35 aripfuzwa kandi na Inter Miami mw’ihiganwa Major League Soccer (MLS) rya Amerika, akaba kandi yaremerewe na Al-Hilal yo muri Arabia Saoudite umushahara wababa imiriyoni 350 z’amapawundi kugira ayikinire umwaka umwe.
Victor Osimhen

Ahavuye isanamu, Getty Images
Victor Osimhen yateye amero imirwi mikuru mikuru inyuma y’ivyo akoze mu murwi wiwe wa Naples/Napoli.
Chelsea, Arsenal, Manchester United, Liverpool, PSG na Real Madrid ni imwe mu mirwi iherutse kumurondera, ivyatumye avugwa cane mu makuru ajanye n’igura n’igurishwa.
Ni we mukinyi yinjije ibitsindo vyinshi muri Serie A (ihiganwa ry’Ubutaliyano), aho yinjije ibitsindo 23 mu nkino 30 muri uno mwaka w’inkino, ivyafashije Napoli gutahukana iri higanwa inyuma y’imyaka 33.
Uyu mukinyi w’imyaka 22 yaranse kwinjira muri Arsenal mu 2016 igihe atera igikumu ku masezerano ya mbere na Wolfsburg yo muri Bundesliga.
Umuhinga mu bijanye n’umupira w’amaguru w’Ubutaliyano James Horncastle yabwiye BBC Radio 5 Live ko Osimhen ashobora kugurwa imiriyoni zirenga 90 z’amapawundi, mbere agashobora kwababa imiriyoni 150 z’amapawundi.
Uyu musatirizi yaravuzwe cane mu kwa gatatu igihe avuga ati: "Ndiko ndakora uko nshoboye kwose kugira ngo umusi umwe nzoshike ku ndoto zanje zo kuzokina muri Premier League".
Mount? Mbappe? Maddison? Ici ridasanzwe rirabarindiriye
Manchester United, Liverpool na Arsenal ziriteguriye kurwanira Mason Mount mu gihe uyu mukinyi wo hagati w’Ubwongereza ariko aranka gutera igikumu ku masezerano mashasha muri Chelsea.
Amasezerano ya Mount azorangira mu mpera z’umwaka w’inkino uza, aba ba-Blues bakavugwa ko bamuronderako imiriyoni 70 z’amapawundi.
Abafana ba Brighton ntibazokworoherwa muri rino ci inyuma y’aho umumenyereza Roberto de Zerbi avugiye ko abakinyi karuhariwe biwe Moises Caicedo na Alexis Mac Allister "bakwiye gukina ku rwego rwo hejuru ".
Mu kwa mbere, Brighton yaranse imiriyoni zababa 70 z’amapawundi zatanzwe na Arsenal igihe yarondera uyu mukinyi wo hagati wa Equateur, Caicedo, mu gihe umunya-Argentina aherutse guterura igikombe c’isi yose Mac Allister avugwa ko aronderwa cane na Liverpool.
Hagati aho, James Maddison asa n’uwugiye kwimuka inyuma y’aho Leicester imanukiye mu cicaro ca kabiri, mu gihe Newcastle na Tottenham zivugwa ko zirondera uyu Mwongereza w’imyaka 26 akina hagati.
Hanyuma kandi, umukinyi w’igihangange Kylian Mbappé ariko arakurikiranirwa hagufi n’imirwi mikuru mikuru ya Bulaya mu gihe amasezerano y’uyu mukinyi w’imyaka 24 azorangira mu mpera z’umwaka w’inkino uza, ni mu gihe kandi mugenziwe bakinana muri PSG Neymar yari yavuye muri Barcelona mu 2017 ku miriyoni 200 z’amapawundi, na we ariko araronderwa na Manchester United.
Mu yandi avugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi:

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paris St-Germain iripfuza kurondera umukinyi wo hagati wa Arsenal umunya-Norvège Martin Odegaard w’imyaka 24. (Mail)
Brighton yahejeje kwiyegurira Umudagi akina hagati Mahmoud Dahoud w’imyaka 2 7 ataco itanze akaba avuye muri Borussia Dortmund. (Fabrizio Romano)
West Ham iri imbere mu mirwi irondera James Ward-Prowse w’imyaka 28 akina hagati, umurwi wiwe Southampton ukaba umuronderako imiriyoni 40 z’amapawundi. (Sun)
Newcastle irizeye neza ko umukinyi wayo wo hagati, umunya-Brezili Bruno Guimaraes w’imyaka 25 ashobora gutera igikumu ku masezerano mashasha, n’aho Barcelona imwipfuza. (90min)
Umusatirizi wa Brezili Roberto Firmino w’imyaka 31, akaba yiteze kuva muri Liverpool muri rino ci, ararindiriye kuraba ikibanza gishobora kumubera mu nteguro za Real Madrid imbere y’uko afata ingingo yo kwimukira muri Espagne. (Mail)
Umumenyereza wa Barcelona Xavi avuga ko ari mu biganiro n’umunya-Argentina Lionel Messi w’imyaka 35 kugira ngo arabe ko yomugarukana muri Camp Nou. (Standard)
Ariko se wa Messi akaba n’umuserukizi wiwe Jorge yemeye amasezerano y’imyaka ibiri n’umurwi Al-Hilal wo muri Arabia Saoudite, amasezerano afise agaciro k’imiriyaridi 1.2 z’ama-euro y’umushahara. (Footmercato – mu gifaransa)
Chelsea yatanguye ibiganiro vyo kurondera kugura umukinyi wo hagati wa Uruguay Manuel Ugarte w’imyaka 22 akinira Sporting CP . (90min)









