Ukraine - Russia: Batatu biciwe mu gitero muri Donetsk

Ahavuye isanamu, t.me/pavlokyrylenko_donoda
Abasivire nibura batatu baguye mu gitero c’ibisasu vya muzinga mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu ahitwa Kostiantynivka abandi babiri nabo bakaba bakomeretse, nk’uko bivugwa n’uwurongoye intara ya Donetsk, Pavel Kirilenko.
Nk’uko abivuga, igorofa zine ndende, ihoteri, amagarage n’amamodoka y’abasivire vyasambuwe n’amabombe y’Uburusiya muri ico gitero.
Aciye ku muhora wa Telegram, yanditse ati: "Abajejwe ubutabazi n’abajenwe umutekano bariko barakorera aho iryo bara ryabereye”.
Kirilenko yasohoye kandi n’amasanamu yerekana ingene ico gitero cononye ibintu.

Ahavuye isanamu, t.me/pavlokyrylenko_donoda

Ahavuye isanamu, t.me/pavlokyrylenko_donoda
Ibi biri uku mu gihe icegeranyo gishasha c’ikigo ca Amerika cigisha ivy’intambara Institute for the Study of War, casubiye kuvuga ko Perezida Vladimir Putin ariko arategura igitero gikomeye gishobora gutangura mu ntango z’ukwa kabiri canke ukwa gatatu 2023.
Abakora muri Kremlin (ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya) babwiye ikinyamakuru Bloomberg ko Putin yizeye neza ko impera n’imperuka azotsinda intambara, n’aho herutse gutakaza ku rubuga rw’intambara.
Amatohoza y’ikigo ISW yerekana ko Kremlin ishobora kuba iriko irategura ibitero bikomeye, cane cane mu ntara ya Luhansk, mu mezi atandatu ari imbere.
Israel irafasha Ukraine yinyegeje - umuserukizi wa Israel mu Budagi
Umuserukizi mushasha wa Israel mu Budagi Ron Prosor avuga ko ico gihugu co mu burasirazuba bwo hagati gifasha Ukraine cinyegeje, mu ntambara yayo n’Uburusiya, yabivugiye mu kiganiro nikinyamakuru co ku rubuga ngurukanabumenyi, Waz.
Israel irafasha Ukraine, "ariko yinyegeje kandi gusumba uko abantu boba bavyibaza”, n’uko abivuga.
Yibutsa ko kimwe mu vyo Israel ifashamwo, ari ukuzibira irungikwa rya za ndege zitagira abadereva (drones) za Irani, Uburusiya busanzwe bukoresha mu gutera ibibanza bikuru bikuru vya Ukraine.
Ashimangira ati: "Igisirikare ca Israel cama kiburizamwo irungikwa ry’ibirwanisho biva muri Irani bija muri Syria na Libani. Bimwe muri ibi birwanisho ni amadrones naza misire vya Irani Uburusiya bukoresha muri Ukraine”.
N’uko abivuga, Israel ishima “kutiyerekana” kubera Uburusiya buri muri Syria hamwe n’umuryango munini w’Abayahudi uri ku butaka bw’Uburusiya.
Imbere y’aha mu binyamakuru vya Israel, amakuru yavuga ko n’aho Israel yoramuka gusa ifashe ingingo yo guha Ukraine ubuhinga bwo “kwivuna”, vyoyigirira ingaruka mbi.
"Muri iyi nzira nyene, Abarusiya nabo boca batangura guha Irani na Syria ibirwanisho rutura vyo gucungera ikirere, nk’ivyo mu bwoko bwa S-300 na S-400. Moscou yoca ivuga ko ibi ari ivyo gukingira ibi bihugu vyo mu burasirazuba bwo hagati ibitero vyo mu kirere vya Israel”, nk’uko vyandikw n’ikinyamakuru Haaretz co muri Israel.










