Ukraine yagiriza umukuru wa Orthodox ko ashigikiye Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
Abajejwe amatohoza basatse umuhana w’umukuru w’ishengero rya Orthodox ku mugwa mukuru Kyiv bamwagiriza ko ashigikiye igitero c’Uburusiya kuri Ukraine.
Métropolite (twogereranya na Musenyeri) Pavel Lebed arongoye Kyiv-Pechersk Lavra, ikigo gikuru c’abihebe Imana muri Ukraine. Ishami ryiwe rya Ekleziya ya Orthodox muri Ukraine (Ukrainian Orthodox Church, UOC) ryahoze riyoboka abarongoye Ekleziya i Moscou.
Abashikirizamanza ba Kyiv bavuga ko yikekwa gukokeza urwanko mu gihugu rushingiye ku kwemera.
Kyiv ibandanya igerageza kumwirukana n’abobari kumwe muri ico kigo.
Métropolite Pavel arahakana ivyo yagirizwa akavuga ko abategetsi ba Kyiv ata burenganzira bafise bwo kwirukana uwihebeye Imana n’abandi bakozi mw’isinagoga.
Ari imbere ya sentare ejo ku wa gatandatu, yavuze ko ari “urubanza rwa poritike” akavuga kandi ati “sinigeze negamira ku ruhande rw’abateye igihugu” - n’aho atacishijemwo ijambo Uburusiya.
"Si nshigikiye abaduteye. Ubu ndi muri Ukraine – nico gihugu canje”, niko avuga. Ubu avuga ko apfunzwe “ic’amaso”.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ku wa gatanu, amajana n’amajana bateraniye ku kigo c’abihebeye Imana ca Kyiv-Pechersk Lavra mu gufata mu mugongo abihebeye Imana babayo, biyamiriza itegeko ryo kubasohora.
Itangazo ry’igisata ca Ukraine kijejwe umutekano (SBU), ryacishijwe ku rubuga rwa Telegram rivuga ko Métropolite Pavel yagirizwa guhonyanga “uburenganzira bw’abenegihugu bwo kutarenganywa” hisunzwe ubwoko bwabo, ubwenegihugu n’ukwemera.
Rivuga ko "yatutse incuro nyinshi ukwemera kw’abanya-Ukraine”, “agasuzugura” ayandi madini yongera “agerageza kurema urwanko kuri yo”.
"Yarashikirije kandi n’amajambo yo gushigikira no kurwanirira umwansi “, nk’uko igisata ca SBU kibivuga. Casohoye ku rubuga rwa YouTube amajwi kivuga ko ari ay’ibiganiro vyo kuri terefone vyafatanywe Métropolite Pavel.
Mw’ijwi rimwe, ijwi ry’umugabo rifatwa ko ari rwiwe, rivuga ko igitero c’Uburusiya kuri Ukraine ari “intambara hagati y’Uburusiya na Amerika gushika umunya-Ukraine wa nyuma yishwe”, rikavuga ko Ukraine ari yo yatumye iterwa n’Uburusiya.
Avuga ku bijanye n’ingene Uburusiya bwigaruriye Kherson mu mwaka uheze – imbere y’uko ingabo za Ukraine ziyibohoza – avuga ko “hose harangwa amabendera y’Uburusiya mbere abanyagihugu bararyohewe”.

Ahavuye isanamu, SBU/Telegram
Avuga ku ngingo yafatiwe uyu mutegetsi wa Ekleziya, umukuru wa SBU Vasyl Malyuk avuga ati: "Uno musi umwansi ariko aragerageza guca muri Ekleziya kugira akomeze imigambi yiwe yongere acemwo ibice abanyagihugu ba Ukraine”.
Ashimangira ati: "Ariko ntituzokwigera tumuha akaryo na kamwe!”

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu mwaka uheze, SBU yarateye ikigo ca Lavra n’izindi nyubakwa zegukira UOC, ikavuga ko abategetsi 61 ba Orthodox bamaze kurengutswa imbere y’ubutungane ku mvo zo gushigikira ibikorwa vy’Uburusiya. Sentare iramaze gukubita intahe mu gahanga abantu indwi harimwo abategetsi babiri ba Ekleziya basubijwe igihe Uburusiya na Ukraine bihanahana impfungwa. UOC ivuga ko ata cemezo c’uko hari abashigikiye Uburusiya.
Muri ino myaka ya vuba, abakirisu benshi barinjiye muri Ekleziya ya Orthodox yigenga (independent Orthodox Church of Ukraine). Ariko hari amamiriyoni n’amamiriyoni bakiri muri UOC, ishami ryiyonkoye kuri Moscou mu kwezi kwa gatanu guheze inyuma y’imyaka ibinjana rigendera ku Burusiya.
Ekleziya ya Orthodox y’Uburusiya irashigikiye Perezida Vladimir Putin, mu kwama isubiramwo amajambo ashikirizwa na Kremlin yo gushigikira igitero kuri Ukraine.










