Abejejwe intwaro mu Rwanda boroheje amategeko kugira abantu bazizihize neza Noweli n'Ubunani

Umuntu ariko arasuka inzoga

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ububare n'ubutambiro mu Rwanda biremerewe kugurura amasaha akuze mu gihe c'iminsi mikuru iheza umwaka (isanamu yo mu bubiko)
Yatangajwe

Leta y’u Rwanda yoroheje amategeko agenga kwugurura kw’ububare, ubutambiro hamwe n’ibindi bikorwa vyo kwinezereza muri iki gihe c’iminsi mikuru iheraheza umwaka.

Ayo mategeko araba “ibikorwa bifatwa nk’ibitihutirwa” yashizweko mu kwezi kwa Myandagaro (9) n’abajejwe intwaro mu ntumbero yo kugabanya “ingaruka z’urusaku” hamwe no kubungabunga umutekano w’abanyagihugu.

Urudandaza rujanye n’ibikorwa vyo kwinezereza rwahora rwemerewe kwugurura amasaha make – ivyo bikaba bitagwa neza abafise amahoteri, uburiro hamwe n’ubutambiro.

Ariko ikigo ca leta, Rwanda Development Board (RDB), ubu cavuze ko hagati y’itariki 15 Kigarama (12) na 17 Nzero (1) ububare bushobora kwugurura gushika 02:00 ku masaha yo mu Rwanda, mu gihe ku minsi ya gatanu, wikendi hamwe n’iminsi itari iy’akazi ata nzitizi zo kwugurira ziriho muri ico kiringo.

Urwandiko rwa RDB rugira ruti “Igihe c’iminsi mikuru iheraheza umwaka cageze, kandi leta y’u Rwanda ishaka ko abantu bayihimbaza kandi bakishima”.

Aya mategeko mashasha araba kandi ibirori bwite vy’abantu, nk’uko iryo tangazo ribandanya ribivuga.

Ariko RDB yagabishije ku bazorenga amategeko, ivuga ko ibigo vy’ivyashara vyo kwinezereza bitegerezwa kwubahiriza amategeko ajanye no gukumira urusaku rwinshi.

Urugero rw’urusaku mu bibanza vy’ubudandaji ntirwemerewe kurenza urupimo rw'ususaku rungana na decibel 55 mw’ijoro hakurikijwe amategeko yashizweko mu kwezi kwa Myandagaro (9).