Ukraine-Russia: Kyiv yamaze amasaha atandatu ihanganye n’amadrone y'ubwiyahuzi mw’ijoro ryakeye

Insiguro ya video, Amashusho yerekana amadrone ingene Kyiv yahanganye n'igitero ca mbere kinini c'amadrone y'Uburusiya kuri Ukraine
Yatangajwe

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere gitangaza ko muri iri joro ryakeye intara zitandukanye za Ukraine, harimwo na Kyiv, zatewe n’indege z'ubwiyahuzi z’Uburusiya zitagira abadereva, zizwi nka drone, ku gitigiri kitari bwigere kibaho.

Itangazo ryaco rivuga riti: “Muri iri joro, umwansi yakoze igitero akoresheje igitigiri kitari bwigere kibaho c’amadrone yo mu bwoko bwa Shahed-131/136 muri Ukraine. Ico gitero cari cibanze cane cane kuri Kyiv”.

Kivugako ano madrone yakoreshejwe muri iri joro rimwe gusa yababa 75 yo mu bwoko bwa Shahed-131/136, kandi ko 71 muri yo yasamburiwe mu kirere.

Amakuru y’ibanze atangwa n’abategetsi ba gisirikare mu gisagara ca Kyiv avuga ko amadrone 50 yo mu bwoko bwa Shahed ari yo yarungitswe kuri Kyiv yonyene. BBC ntishobora kugenzura ano makuru.

Umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare muri iki gisagara akongera akaba n’umukuru waco, Vitali Klitschko, avuga ko iki ari co gitero ca mbere kuva Uburusiya butanguye intambara kuri Ukraine. Klitschko avuga ko iki gitero camaze amasaha arenga atandatu.

Ibisigarira vy’amadrone vyakorokeye mu turere twa Solomensky, Pechersky, Goloseevsky, Dnieper na Podolsky two ku mugwa mukuru Kyiv.

Vyakomerekeje abantu batanu harimwo n’umwana w’imyaka 11 vyongera vyonona n’amazu.

Mu karere ka Solomensky hadutse umuriro ku nyubakwa y’ishure ry’abana b’imicuko, ibiyo vy’amazu yo mu micungararo navyo biramenagurika, bikaba vyari biturutse ku bisigarira vya drone imwe, nk’uko vyandikwa na Klitschko ku muhora wiwe w’urubuga rwa Telegram.

Inyuma y’iki gitero ca nijoro, inyubakwa 77 zituwemwo n’abanyagihugu hamwe n’ibigo 120 mu gice co hagati muri Kyiv nta muyagankuba gifise, nk’uko ubu butegetsi bwa gisirikare bwa Kyiv bubitangaza.

Ibisigarira

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Ibisigarira vy'amadrone yasamburiwe mu kirere vyononye amazu atari make
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mu zindi ntara, abarongoye igisirikare mu bumanuko bwa Ukraine batangaje mu gatondo ko amadrone atatu yo mu bwoko bwa Shahed ari yo yakorowe – imwe mu ntara ya Nikolaev izindi zibiri mu ntara ya Kirovograd.

Ku ruhande rwiwe, umukuru w’ubutegetsi bwa gisirikare bwa Dnepropetrovsk, Sergei Lysak, yatangaje ko amadrone atanu ari yo yakorowe mu ntara yiwe.

Haciye amezi atari make Uburusiya bwikekwa ko bwariko burarundarunda ibisasu vya misire.

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko ibi bitero ari igikorwa "c'iterabwoba" kandi ko igihugu ciwe "kizobandanya gukora ibishoboka vyose kugira amakungu afatane mu nda mu kurwanya iterabwoba ry'Uburusiya".

Arabandanya arondera ko ibihugu vy'uburengero vyobandanya bimushigikira kandi aganira na vyo ku kungene Ukraine yokwinjira mw'ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Bulaya.

Perezida Zelensky avuga kandi ko iki gitero cabaye ku musi w'aho Ukraine yibuka ikigoyi co mu 1932-1933 cataziriwe Holodomor - gitewe n'umukuru w'intwaro y'Abasoviyeti Joseph Stalin yatwaza igikenye - ikigoyi cahitanye amamiriyoni atari make y'Abanya-Ukraine.

Abahinga babona ko ibitero vy’amadrone vy’Uburusiya bigiye kwiyongera mu gihe hatanguye igihe c’ubukonje burenze urugero. Mu gihe c’ubukonje giheze, ibitero vy’Uburusiya vyizanze cane cane ku masoko ntanganguvu.

Ni mu gihe umuvugizi w’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere Yuriy Ignat, avuga ko Uburusiya bushobora kwegeranya ibisasu vya misire vyababa 900 vyo kuzotera ibibanza vy’amasoko ntanganguvu vya Ukraine mu misi iri imbere.

Ignat avuga ibi afatiye ku makuru y’igendereza rya Ukraine yerekana ko Uburusiya bushobora guhingura ibisasu biraswa kure 100 ku kwezi.

Ati: “Rero, duharuye dusanga ari 750 canke mbere 900. Iki ni igitigiri nyezina c’ibisasu vya misire biraswa kure kandi bidahusha, hakiyongerako n’indege zirekura ibisasu vya misire (X-59, X-31, X-35), hamwe kandi n’ibisasu vya misire vyo mu bwoko bwa Onyx na S-300. Aha turiko tuvuga gusa ibisasu vya misire biraswa kure”.