Intambara ya Ukraine: Kyiv yaraye isubiye guterwa n'amadrone mw'ijoro rigira kabiri

Yatangajwe

Muri iri joro ryakeye hasubiye kwumvikana ibibombe ku mugwa mukuru Kyiv, mu bitero vy’ijoro bikomeye vya za ndege zitagira abadereva (drone) bigize kabiri vyikurikiranya.

Umukuru w’igisagara, Vitali Klitschko, yasavye abanyagihugu kuguma mu mazu, akabagabisha ko bashobora guhitanwa n’ibisigarira vy’amadrone bikoroka.

Amakuru ataremezwa avuga ko umwotsi mwinshi wabonetse uva mu kibuga c’indege Zhuliany ca Kyiv.

Ni igitero c’Uburusiya co mu kirere kigize 15 kuri iki gisagara muri kuno kwezi. Abategetsi ba Ukraine bavuga ko basambuye amadrone hafi yose yakoreshejwe.

Mu ntara za Lviv, Odesa, Vinnytsya na Khmelnytskyi naho nyene humvikanye ibibombe.

Muri Khmelnytskyi, igitero cakozwe ku kibuga c’indege ca gisirikare cononye indege zitanu n’ibarabara, nk’uko abategetsi b’akarere babitangaza.

Oleksandr Scherba, ambasaderi mukuru mu bushikiranganji bwa Ukraine bujejwe imigenderanire, yabwiye BBC ko imisi mike iheze yabaye mibi cane ku banyagihugu ba Kyiv.

Ati: "Hafi buri joro, ibirere womenga ni iyindi firime ya La Guerre des étoiles/Star Wars, ariko muri kino gisagara ntabwo twumva amaroketi y’Uburusiya yagemye aho yategerezwa kugema. Ibi tukabikesha ibihugu vyiyubashe, abantu biyubashe baduhaye ibi bikoresho vyo gukingira iki kirere”.

Scherba avuga ko bitoroshe kuba mu gisagara, akongerako ko ibitero vy'ama drone no kurara utaryamye bisigaye biri mu bigize “ubuzima bwacu bwa minsi yose”.

Ku wa Mungu, Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yashimagije igisirikare ciwe kirwanira mu kirere inyuma y’igitero ca mbere kinini ca za ndege zitagira abadereva (drone) cakozwe n’Uburusiya kuri Kyiv kuva intambara itangura.

"Muri intwari", niko Zelensky avuga, inyuma y’aho abakuru ba gisirikare bamenyeshereje ko amadrone hafi yose y’ubwiyahuzi yarungitswe n’Uburusiya yakorowe.

Uburusiya bwongereje akariro mu bitero vyabwo kuri Kyiv kuva mu ndwi nkeya ziheze, burondera kurengera ubushobozi bw’uyu mugwa mukuru bwo kwivuna.

Iki gitero co mw’ijoro ryo ku wa gatandatu buca ari ku wa Mungu - igitero kigize 14 kuri Kyiv muri kuno kwezi – cabaye mu gihe abanyagihugu bo ku mugwa mukuru bariko bitegurira guhimbaza umusi wahariwe Kyiv, isabukuru y’ivuka ry’iki gisagara, haraciye imyaka 1500.

Mu gikorwa kidasanzwe co kwihagararako, abantu bakoraniye mu bibanza vy’ukwinezereza, mu mazu y’ubunywero n’ay’uburiro ku mugwa mukuru mu guhimbaza uyu musi.

Imbere y’aha, Vitaliy Klitschko yari yavuze ko ico gitero cari “kinini”, akavuga ko amadrone yava “mu mpande nyinshi ica rimwe”.

Inyubakwa zimwe, harimwo uruganda ruhingura itabi, zaradutsemwo umuriro ziguweko n’ibisigarira vy’amadrone.

Mu tundi duce, igisagara ca Zhytomyr mu buraruko bushira uburengero bwa Ukraine, inzu nibura 26 zituwemwo n’abantu zarononekaye hamwe n’amashure n’ibigo vy’ubuvuzi, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru gikorera ku rubuga ngurukanabumenyi, Ukrayinska Pravda.

Ariko, abakomanda ba gisirikare bavuga ko igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cakoroye amadrone yahinguriwe muri Irani 58 kuri 59 yarungitswe n’Uburusiya.

Mu gushimagiza igisirikare ciwe kirwanira mu kirere, Perezida Zelensky avuga ati: "Igihe cose mukoroye amadrone n’ibisasu vya misire vy’umwansi, abantu baba barokotse…muri intwari”.

Nayo mw’ijambo yashikirije ku mugoroba, yavuze ati: "Ivyari kwononekara hafi vyose vyakize, mbere n’abantu hafi bose bari kwicwa n’aya madrone ya shahed barokotse. Ndashimira buri muntu wese yitanze kugira ibi bishoboke”.

Umunyagihugu aba i Kyiv Anastasia avuga ko yari asinziriye muhira igihe yakangurwa n’urwamo rw’indege ya drone yaciye “hafi cane” y’idirisha.

"Niho naca mbona umuco mwinshi cane mw’igorofa…wari ukaze cane ku buryo ata kintu nashobora kubona”, niko abwira BBC, akongerako y’uko “igiturika cumvikanye inyuma y’imisegonda ibiri canke itatu inyuma y’uwu muco. Caraturitse cane ku buryo wamengo ni umuturagaro”.

"Uwu muco mwinshi wahindutsemwo umwijima mwinshi. Narashatse kuraba nimba hari ivyari vyononekaye. Sinashobora gutahura ivyariko biraba. Sinashobora kumenya nimba nari nkiri muzima canke inzu yanje yari ikiri nzima”.

Muri ibi bitero biheruka, Uburusiya burakoresha indege z’ubwiyahuzi zitagira abadereva hamwe n’ibisasu vya misire biraswa kure.

Abihweza ibintu n’ibindi babona ko Moscou iriko irarondera gusesaguza no kwonona uburyo bukoreshwa n’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere imbere y’igitero cayo co kwivuna kimaze igihe kitari gito kirindiriwe.

Ku wa gatandatu, umwe mu bategetsi bo hejuru mu rwego rwa Ukraine rujejwe umutekano yabwiye BBC ko igihugu citeguriye gutangura iki gitero.

Oleksiy Danilov, umunyamabanga w’inama nkuru ya Ukraine ijejwe umutekano no kwivuna abansi, yavuze ko igitero co kubohoza ubutaka bwigaruriwe n’ingabo za Perezida Vladimir Putin zateye igihugu kuva muri Ruhuhuma (2) 2022 gishobora gutangura "ejo, hirya y’ejo canke mu kiringo c’indwi imwe ".

Ukraine imaze amezi atari make yitegurira igitero co kwivuna. Ariko yashimye gufata umwanya ukwiye wo kwigisha ingabo zayo zongere zironswe n’ibikoresho yahawe n’incuti zayo z’Uburengero.

Hagati aho, ingabo z’Uburusiya zimaze igihe zitegura ibirindiro vyazo vyo kwivuna umwansi mu turere two mu bumanuko n’ubuseruko twa Ukraine zigaruriwe, nk'uko amashusho y'ikigendajuru aheruka kuvyerekena.