Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa kabiri: Kane, Ronaldo, Messi, Asensio, Mbappe, Silva

Yatangajwe

Tottenham irashaka amasezerano mashasha n’umusatirizi wayo umwongereza Harry Kane mu ntango z’umwaka uza kandi barizeye neza ko uyu mukinyi w’imyaka 29 azotera igikumu ku yandi masezerano y’igihe kirekire n’uyu murwi. (90min)

Umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi muri Bayern Munich Hasan Salihamidzic avuga ko uyu murwi wo muri Bundesliga wari usanzwe urondera Kane ata mukinyi uzogura mu kadirisha (igihe) k’igura n’igurisha ry’abakinyi ko mu kwa mbere. (Bild, iciye muri Christian Falk)

Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag aripfuza kugumana umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo gushika mu mpera z’uwu mwaka w’inkino, ariko mu gihe uyu mukinyi w’imyaka 37 atokwemera gukinishwa gake, nta kundi azohabwa uburenganzira bwo kurondera uwundi murwi. (Athletic)

Umusatirizi wa Bayer Leverkusen Patrik Schick wo muri Republique Tcheque afise imyaka  26, umunya Canada Jonathan David w’imyaka 22 akinira Lille hamwe n’umufaransa Moussa Dembele w’imyaka 26 kinira Lyon, nibo Ten Hag yipfuza ko bosubirira Ronaldo. (Mirror)

Ronaldo ariteguriye gusubira mu Butaliyano, aho Napoli gushika ubu ikimwipfuza inyuma y’aho mu ci imenyeshereje ko imukeneye. (Sun)

Chelsea ibona ko yopfuma irondera umusatirizi wa AC Milan umunya- Portugal Rafael Leao w’imyaka 23 hakurondera kugura Ronaldo. (CBS, iciye kuri Mirror)

Paris St-Germain ifise impungenge ko ishobora kubandanya iriha umushahara umufaransa Kylian Mbappe. Mu masezerano ifitaniye n’uyu musatirizi w’imyaka 23, itegerezwa kumuriha imiriyoni 549 z’amapawundi mu myaka itatu – ica kane c’amafaranga yose uyu murwi ukoresha. (Sport – mu ki Espagnol, iciye kuri Le Parisien)

PSG irahakana ko ibi biharuro atari vyo. (Fabrizio Romano)

Chelsea iriko yiyumvira ingene yotiza umunyegori wayo, umunyamerika Gabriel Slonina w’imyaka 18 yaguze mu ci riheze ku miriyoni 12 z’amapawundi. (Evening Standard)

Aba ba Blues baracipfuza kugura umurusiya akina hagati Arsen Zakharyan w’imyaka 19 asanzwe akinira Dynamo Moscow. (Sport Express, iciye kuri Metro)

Antonio Conte abona ko azokenera ibiringo bitatu vy’igura n’igurishwa ry’abakinyi kugira ngo anagure umurwi wa Tottenham. (Times)

Real Madrid iriteguye kwongera amasezerano yandi meza umusatirizi wayo umunya-Espagne Marco Asensio w’imyaka 26, yigeze kuronderwa na Arsenal, Liverpool be na Tottenham,  inyuma y’aho yankiye aya mbere bashaka kumuha. (Ser Deportivos iciye muri AS – mu ki Espagnol)

Umukuru wa Celtic  Ange Postecoglou arahakana ibivugwa ko ashobora kwimukira mw’ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League, ni mu gihe hari amakuru avugwa ko ashobora kuronderwa na Brighton hamwe na Leicester City. (Mail)

Paris St-Germain iripfuza kugumana umusatirizi wa Argentina Lionel Messi ubu ikaba iriko irategura amasezerano mashasha.(Le Parisien – mu gifaransa)

Liverpool igiye guhangana na Manchester United mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Benfica, umunya-Portugal Antonio Silva w’imyaka 18. (O Jogo, iciye kuri Team Talk)

Chelsea iriteguye kugena umukuru w’igisata kijejwe ubuhinga wa Monaco Laurence Stewart w’imyaka 36, mu mugambi wo kunagura igisata c’abakorana n’umumenyereza. (The Athletic)