Isomwa ry'urwaciriwe Joseph Kabila ryasivye kugira haze ibindi vyabona

Ahavuye isanamu, Reuters
Sentare nkuru ya gisirikare muri Repuburika ya Demokarasi ya Congo yasibije gusoma urwo yaciriye uwahoze ari umukuru w'igihugu Joseph Kabila Kabange.
Ahubwo yongeye kwugurura intahe zo kwumviriza ibindi vyabona muri urwo rubanza.
Umugwi w'abacamanza batanu wungururije urwo rubanza ku wa gatanu itariki 19 uku kwezi kwa Nyakanga (9) kugira bahe umwanya ibindi vyabona bize gusura.
Abanyamategeko b'abasaba indishi basavye ko harengutswa ivyabona bitatu, bavuga ko miriyaridi 24 z'ama dorari z'indishi zasabwe ubwa mbere ari nke.
''Turafise ivyabona bizokwerekana ivyemezo ko uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yarungikiye amafaranga Alliance Fleuve Congo n'umuhari M23 (AFC/M23), kandi ko amatungo yiwe yose afise agaciro karenga miriyaridi 30 z'amadorari'', niko umushingwamanza Michel Bondo yabwiye sentare.
Kabila acirirwa urubanza atahari, n'uyu munsi ntiyari yitavye gusomerwa urwari rumurindiriye.
Umushikirizamanza wa gisirikare Lt. Gen. Lucien-René Likulia yamwagirije ivyaha vyinshi birimwo kuja mu mugwi ugwanya igihugu, ivyaha ku mahoro n'ibikorewe zina muntu, kwicisha abantu umuriro, uguhemuka, kugumura, gusambanya ku nguvu, kuboreza igufa no kwifatira igisagara ca Goma hakoreshejwe ibigwanisho.
Hamwe yokwagirwa n'icaha, Kabila ashobora guhabwa igihano c'urupfu.
Abicishije mu binyamakuru, Kabila aheruka kwiyamiriza urubanza rwiwe, avuga ko ivyo yagirizwa ari "ibinyoma bifise imvo za politike vyarementanijwe n'ubutegetsi bugamije gusa guhunga inshingano nyazo zabwo".
Ni yahamwa n'icaha agacirirwa igihano, azoba abaye uwa mbere yabaye perezida wa DR Congo aciriwe urubanza inyuma yo kuva mu mirimo yiwe nk'umukuru w'igihugu.
Uru rubanza rwatanguye muri Mukakaro (7) uyu mwaka ni rumwe mu zagarutsweko cane muri iki gihugu.
Umwaka ushize, Leta ya Kinshasa yasubijeho ingingo yo gushira mu ngiro igihano c'urupfu – cabujijwe gushirwa mu ngiro mu 2003 - ivuga ko ubu igaruye iyo ngingo kuko "hari ubufatanyacaha bwa bamwe mu banyagihugu bacu" kandi "uguhemukira igihugu canke kwabura vyasize ikiguzi kiremereye ku banyagihugugu n'igihugu."
Joseph Kabila yabaye umukuru wa DRC Congo hagati ya 2001 na 2019.













