US: Abarepubulikani bafashije kwemeza itegeko ryemerera abubakana basangiye ibitsina

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abarepubulikani batari bake bashigikiye aba-Democrats mu nama nshingamateka ya Amerika mu kwemeza integuro y’itegeko rishobora kuzokingira abubakanye basangiye ibitsina.
Aba-Democrats babona ko Sentare Nkuru (urukiko rw'ikirenga) ya Amerika ishobora gufuta uburenganzira bw’abubakanye basangiye ibitsina, ariko Abarepubulikani babinegura biyamirije iyi nteguro bafata nk’ugushaka kubahendahenda.
Mu 2015, Sentare Nkuru ya Amerika yaremeje ko abubakana basangiye ibitsina babifitiye uburenganzira mu gihugu cose.
Ariko mu kwezi guheze, yarafuse uburenganzira bwo gukorora inda bwari bumaze igihe kirekire bukingiwe n’ibwirizwashingiro.
Amahirwe y’uko haba itegeko rikingira abubakanye basangiye ibitsina hamwe n’abadasangiye ubwoko (Respect for Marriage Act) asa n’uko ari make mu nama nkenguzamateka ifise ibitigiri bingana hagati y’aba-Democrats n’abarepubulikani.
Abarepubulikani bababa 47 bishize hamwe n’aba-Democrats mu kwemeza iyi ngingo ku majwi 267-157 ejo ku wa kabiri inyuma y’aho abarongoye abarepubulikani bahereye uburenganzira abanywanyi b’umugambwe wabo gutora ikiri ku mutima.
Abarenga bitatu vya bine vy’abashingamateka b’abarepubulikani bariyamirije iyi nteguro kuri iki kibazo kimaze igihe kirekire ari ikigeragezo ca poritike ku ruhande rw’abagendera ku mico ya kera.
Abagendera ku mico ya kera basanzwe banegura iyi nteguro bagabisha ko aya matora ari umutego w’aba-Democrats kugira bagondoze abarepubulikani kwerekana aho bahagaze mu gihe himirije amatora y’abashingamateka yo mu kw’icumi na rimwe uno mwaka.
Umushingamateka Jim Jordan wo muri Ohio avuga ati: "Turi ng’aha mu manyanga ya poritike".
Uwurongoye inkehwa mu nama nshingamateka Kevin McCarthy hamwe n’uwujejwe indero ku ruhande rw’inkehwa Steve Scalise batoye oya, ariko uwugira gatatu mu bashingamateka b’abarepubulikani Elise Stefanik yatoye ego.
Uwundi kandi yatoye ego ni umurepubulikani azwi cane Liz Cheney yigeze gucanamwo muri kahise n'umugore bavukana wo mu bubukana basangiye ibitsina, igihe Cheney yiyamiriza abubakana basangiye ibitsina.
Iyi nteguro y’itegeko izoshobora kandi gutuma abubakanye badasangiye ubwoko bakingirwa n’amategeko.
Aba-Democrats bazanye iyi nteguro inyuma y’aho ba nyarwinshi bagendera ku mico ya kera bo muri Sentare Nkuru y’igihugu mu kwa gatandatu bahinduriye itegeko rizwi nka Roe v Wade ryo mu 1973 ryatanga uburenganzira bwo gukorora inda.
Umucamanza ari ku ruhande rw’abagendera ku mico ya kera Clarence Thomas yanditse mu kwezi guheze ko n’ibindi vyemezo vyo muri kahise ku bibazo nk’ivy'abubakana basangiye ibitsina hamwe n’ivyo kugenzura imvyaro bishobora gusubirwamwo.
Ariko umucamanza Samuel Alito, uwundi agendera ku mico ya kera, yarasiguye neza mu ngingo yiwe ko "iki cemezo cerekeye uburenganzira butangwa n’ibwirizwashingiro bwo gukorora inda gusa”.
Abarepubulikani baneguye ibivugwa n’aba-Democrats ko ukwubakana hagati y’abadasangiye ubwoko gushobora kubangamirwa, berekana ko umucamanza Thomas ari umwirabure yarongoye umuzungukazi.
Umukuru w’aba-Democrats mu nama nkenguzamateka Chuck Schumer ejo ku wa kabiri yavuze ati: "Reka duhangane naco: Uku ni ukuzana ca civugo ca 'Kwongera kugira Amerika Igihangange' muri Sentare Nkuru y’igihugu. Uruhande rw’intagondwa muri Sentare Nkuru y’igihugu rugomba kugarukana iki civugo”.
'Kwongera kugira Amerika Igihangange' (Make America Great Again), ni icivugo cakoreshwa n’uwahoze ari umukuru w’igihugu Donald Trump mu myiyamamazo y’amatora yatsinze mu 2016.
Umushingamateka Schumer ntiyiyemeje gutwara mu nama nkenguzamateka iyi nteguro kugira ije mu matora.
Ivyabaye ejo ku wa kabiri vyerekana intambwe Amerika imaze gushikako kuri kino kibazo c’abubakana basangiye ibitsina cigeze kuba kibacanishamwo cane, neza na neza inyuma y’imyaka 14 Barack Obama, umu-Democrat, yariko yiyamamariza kurongora igihugu, avuze ko ukwubakana ari hagati y’umugabo n’umugore.
Amatohoza yakozwe n’ikigo Gallup mu kwa gatandatu yerekana ko igitigiri c’abashigikiye abubakana basangiye ibitsina ciyongereye, aho 70% vy’Abanyamerika bakuze bashigikiye ubugeni nk’ubwo.









