Rishi Sunak agiye kuba umushikiranganji wa mbere wa UK wa mbere w'amamuko ya Asia

Ahavuye isanamu, AFP
Rishi Sunak agiye kuba umushikiranganji wa mbere wa UK wa mbere w’amamuko ya Asia.
Ni inyuma y’aho uwo bari kumwe mw’ihiganwa asokoreye mu kurondera kuba umukuru w’umugambwe w’aba Conservative (canke Tory).
Hafi abashingamateka 200 b’aba Conservative bashigikiye ku mugaragaro uwo yahoze ari umushikirikiranganji ajejwe ikigega mu gihe igenwa ryategerezwa kurangira uyu munsi.
Umukuru w’inama nshingamateka Penny Mordaunt yasokoye aho ananirirwe no kuronka abamushigikira bakwiye mu bashingakateka imbere y’uko igihe ntarengwa kirangira isaha umunani z’umuhingamo mu masaha yo mu Bwongereza.
Bisigura ko Sunak agiye gusubirira Liz Truss mu kibanza c’umushikiranganji wa mbere inyuma y’aho ibivuye mw’ihiganwa bitangarijwe na Sir Graham Brady, umukuru w’umugwi 1922 utunganya itorwa ry’umukuru w’aba Tory.
Umwami Charles III azoca agena Sunak kugira asubirire Liz Truss yatanze imihoho ku ndwi iheze amaze iminsi 45 gusa ku butegetsi.
Gutorwa kwa Sunak kuba umukuru w’aba Tory kubaye ukugaruka vuba cane kw’uwo yahora ari umushikiranganji ajejwe ikigega inyuma yo kurushwa mw’ihiganwa n’uwo asubiriye mu minsi iheze.
Imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi yo imaze iminsi isaba ko haba amatora rusangi ivuga ko Sunak adafise inshingano ya democrasi co kuba umushikiranganji wa mbere.
Ayandi matora rusangi ntiyitezwe imbere nibura mu 2024 uhereye aho aba Conservative batsindiye ayaheruka ku majwi menshi cane mu 2019.
Sunak yavukiye i Southampton mu 1980 ku bavyeyi bamuka muri Punjab mu Buhindi bimukiye mu Bwongereza mu myaka ya 1960 bavuye muri Afrika y'Ubuseruko.










