Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kane, Havertz, Koulibaly, Caicedo, Raya, Gallagher

Yatangajwe

Manchester United yahagaritse ivyo kurondera umusatirizi wa Tottenham umwongereza Harry Kane w’imyaka 29 muri rino ci. (Guardian)

Newcastle United iri hafi yo gushika ku masezerano yo kugura umukinyi wo hagati wa Inter Milan Umutaliyano Nicolo Barella w’imyaka 26 ku miriyoni 50 z’amapawundi. (Telegraph)

Arsenal niyo iri imbere mu mirwi irwanira umusatirizi wa Chelsea, Umudagi Kai Havertz w’imyaka 24, aronderwako imiriyoni 70 z’amapawundi. (Guardian)

Juventus ishaka nibura imiriyoni 80 z’ama-euro ku musatirizi wa Serbia Dusan Vlahovic w’imyaka 23, ariko Chelsea yemera gutanga umukinyi umwe muri batanu mu masezerano yo kuguza abakinyi. (Gazzetta dello Sport iciye kuri Football Italia)

Mu bakinyi Chelsea yemera gutanga mu bigize amasezerano na Juventus harimwo umunya-Senegal akina inyuma Kalidou Koulibaly w’imyaka 31, asanzwe kandi aronderwa na Inter Milan. (Corriere dello Sport – mu gitaliyano)

Manchester City ntizokwemera imirwi irondera ko uno murwi uherutse gutahukana ihiganwa rya Premier League woyitiza umwongereza James McAtee w’imyaka 20 akina hagati. (Mail)

Chelsea iriteguye gutanga amahera ayo ari yo yose Arsenal yokwemera gutanga ku mukinyi wo hagati wa Brighton umunya-Equateur Moises Caicedo w’imyaka 21, mu gihe Bayern Munich iriko iritegura kugira ngo yinjire mu rugamba rwo kumurondera. (Football Insider)

Umunyegori wa Brentford umunya-Espagne David Raya w’imyaka 27 yashitse ku mwumvikano na Tottenham. (Fabrizio Romano)

Ukudidanirwa kwa Tottenham ku giciro c’imiriyoni 40 z’amapawundi gisabwa na Brentford kuri Raya gushobora kwugururira imiryango Manchester United. (Telegraph)

Tottenham iripfuza umukinyi wo hagati wa Chelsea umwongereza Conor Gallagher w’imyaka 23, asanzwe kandi aronderwa na Newcastle. (Football London)

Nottingham Forest yanse imiriyoni 30 z’amapawundi zitangwa na Brentford ku musatirizi wa Pays de Galles/Wales, Brennan Johnson w’imyaka 22. (Sky Sports)

Burnley na Bournemouth ni zo ziri hejuru mu mirwi irondera umusatirizi wa Almeria umunya-Mali El Bilal Toure w’imyaka 21 muri rino ci. (Football Insider)

Newcastle iriko iravugana n’umukinyi wo hagati wa Rennes Umufaransa Desire Doue yashikanye imyaka 18 muri uku kwezi, akaba kandi arabwa ryiza na Barcelona hamwe na Paris St-Germain. (inews)

Birmingham City izoronkako imiriyoni zirenga zitandatu z’amapawundi mu masezerano ku wahoze ari umukinyi wayo wo hagati, Umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19 yimukiye muri Real Madrid avuye muri Borussia Dortmund. (Times)

Umwongereza akina hagati Emile Smith Rowe w’imyaka 22 yiteguye kuguma muri Arsenal inyuma y’aho abwiriwe ko ari mu nteguro z’uno murwi mu mwaka w’inkino uza. (Mail)