Havugwa amaki mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: imirwi itari mike ya Saudi Arabia iripfuza Ansu Fati wa Barcelona

Ahavuye isanamu, EPA
Manchester United ntiyiteze ko hari umurwi n’umwe ushobora gushikana imiriyoni 70 z’amapawundi asabwa ku musatirizi wayo, Umwongereza Marcus Rashford w’imyaka 26 mu ci riza. (ESPN)
Paris St-Germain yakuye amero ku musatirizi Rashford ikaba igiye kuronderera ahandi imbere y’uko igihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi gitangura. (i Sport)
Rashford yabwiye Manchester United ko adashaka kuva muri uno murwi kandi ko ikimuraje ishinga ubu ari ukurondera ingene yosubirana inguvu. (TBR Football)
Hagati aho, umumenyereza wa Man U Erik ten Hag w’imyaka 54, ntazi nimba azobandanya amenyereza uno murwi mu mwaka w’inkino uza. (HITC)
Arsenal yemereye umukinyi wayo wo hagati, Umutaliyano Jorginho w’imyaka 32, ayandi masezerano, kandi vyitezwe ko ayaterako igikumu, ni mu gihe ayo asanzwe afitaniye n’aba ba-Gunners azorangira mu kwezi kuza kwa Ruheshi (6). (Athletic)
West Ham izohangana n’umurwi AC Milan mu rugamba rwo kurondera umumenyereza wa Lille yo mu Bufaransa Paulo Fonseca w’imyaka 51 aboneka ko ari we nyawe yosubirira David Moyes. (i Sport)
Uno munya-Ecosse/Scotland Moyes w’imyaka 61, ariko arabwa ryiza na Spartak Moscow mu gihe kazoza kiwe muri West Ham kataboneka neza. (Mail)
Umunya-Autriche Ralf Rangnick yahoze amenyereza Manchester United aripfuza kuba umumenyereza mushasha wa Bayern Munich, ibiganiro bikaba vyitezwe kuri uno wa gatatu. (Bild – mu kidagi)
Umusatirizi wa Chelsea n’Ubwongereza Raheem Sterling w’imyaka 29 ntaravugana n’umurwi n’umwe wo mw’ihiganwa Saudi Pro League - ihiganwa ryo muri Arabia Sawudite - woba umukeneye mu ci riza. Hagati aho, umurwi wiwe w’aba-Blues ushobora kuba wipfuza kugurisha muri ico gihugu umusatirizi wabo asanzwe yaratijijwe, Umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30. (Caughtoffside)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi wo hagati wa Portugal Bruno Fernandes w’imyaka 29 yumvikanye avuga ko azokwihweza kazoza kiwe muri Manchester United inyuma y’ihiganwa ry’ibihugu vya Bulaya, Euro 2024, ariko ubu akaba arajwe ishinga n’urukino rwa nyuma rw’igikombe c’Ubwongereza, FA Cup, hamwe n’iri higanwa rizobera mu Budagi mu ci riza. (Danz Portugal – mu gi-Portugal)
Imirwi itari mike yo muri Arabia Sawudite iripfuza abakinyi ba Barcelona, umusatirizi w’Umunya-Espagne Ansu Fati w’imyaka 21, ubu asanzwe yaratijijwe muri Brighton, hamwe n’umukinyi w’inyuma yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa Clement Lenglet w’imyaka 28, asanzwe yatijijwe muri Aston Villa. (Sport – mu ki-espagnol)
Manchester United iracariko iriga umugambi wo kugurisha umusatirizi wayo, Umwongereza Mason Greenwood w’imyaka 22, mu ci riza, ingingo ntabanduka ikazofatwa mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Fabrizio Romano)
Chelsea irahakana ko itigeze irihira itike y’indege Ruben Amorim yamushikanye i Londres mu Bwongereza mu ndwi iheze, kandi ko itigeze ibonana n’uno mumenyereza wa Sporting Lisbon w’imyaka 39. (Matt Law, Telegraph, iciye ku rubuga rwa X)
Borussia Dortmund iripfuza kugumana Umunya-Hollande akina ku ruhande Ian Maatsen w’imyaka 22 inyuma yo kuvyifatamwo neza muri Chelsea yari yatijijwemwo. (Fabrizio Romano)
Leicester yagiriraniye ibiganiro n’umusatirizi wayo, Umwongereza Jamie Vardy w’imyaka 37 kugira ngo abandanye akinira uno murwi wo mu cicaro ca kabiri. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Crystal Palace iboneka ko izogurisha umukinyi wayo wo hagati Killian Phillips w’imyaka 22 akomoka muri Irlande, mu gihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu ci riza. (Teamtalk)
Umwongereza akina hagati Callum O'Hare w’imyaka 25, asanzwe ariko aronderwa na Aston Villa hamwe na West Ham, yabwiye Coventry City ko azova muri uno murwi kuri gusa mu ci riza. (Football Insider)









