Madonna: Ndumva nagize Imana ko nkiriho inyuma y'ingwara iteye ubwoba

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ku mbuga hwaniro, uyu muririmvyi yashikirije amakuru mashasha avuga ko yagize Imana ko akiriho inyuma yo kumara iminsi agwariye mu cumba c'indembe (ICU/USI).
Ati: "Igihe bankuramwo ivyuma, abana banje baraje kunsuhuza. Ivyo vyarahinduye ikintu mu buzima bwanje".
Uyu mugore w'imyaka 64, yari yavuze imbere y'aho gato ko ariko aratora mitende inyuma yo kumara iminsi itari mike mu cumba c'indembe.
Yari yateguye ibiteramo vy'amezi indwi vyobereye hirya no hino kw'isi vyotanguye mu ndwi ziri imbere ariko yahavuye ahindura isango bizotangurirako ayishira mu mezi atatu aza.
Ku munsi w'Imana, ku rubuga hwaniro rwa Instagram, uwo muririmvyi rurangiranwa yavuze ati: "Urukundo rw'umuryango n'abagenzi ni umuti ukomeye. Ndacarwiyumvamwo inyuma y'ukwezi kumwe nsohotse ibitaro.
"Nk'umuvyeyi urashobora kumva ko harico wofasha abana bawe kandi ukumva woguma ubafasha igihe cose. Ariko igihe bankuramwo ivyuma abana banje baraje kunsuhuza. Nababonye ukundi kuntu ntari bwababone".
Ku rubuga rwiwe, Madonna yabandanyije ashimira abagenzi biwe "ku bwo urukundo n'ubufasha'', aho haboneka isanamu agwa mu nda umuhungu wiwe David n'iyindi ari kumwe n'umukobwa wiwe Lourdes.
Yashize hanze isanamu yiwe afise isanamu ya Polaroid yerekana ko yafashwe na Andy Warhol of Keith Haring yambaye ikoti icafyeko isanamu ya Michael Jackson imwerekana mu maso.
Yasiguye ko abo bahinga batatu ari nk'"inyabutatu y'ugusayangana yashitse ku mu mutima abantu benshi na jewe ndimwo".
'Narahezagiwe'
Uyu muririmvyi yarashimiye umutunganya-bikorwa wiwe (manager) Guy Oseary ku ngabire yamuhaye, avuga ati: "Nararize igihe nugurura ingabire kubera nabonye ko nagize Imana yo kuba nkiriho.
"Ni ukuntu nahezagiwe no kumenyana n'abo bantu n'abandi batakiriho."
Yaheraheje avuga ati: "Kandi ndashimiye abamarayika banje bandinze kandi bakandeka ngo mbeho kugira mperaheze akazi kanje!"
Mw'itangazo ryasohotse mu ntango z'uku kwezi, Madonna yari yavuze ko azohindura aho ibiteramo vyiwe bizotangurira, aho gutangurira muri Amerika ya ruguru, ivyo biteramo vyiswe Celebration Tour bizotangurira mu Bwongereza mu kwezi kw'icumi.
Yategerezwa gutangurira urugendo rwiwe rukomeye muri Canada kw'itariki 15 z'ukwezi kw'indwi. Bitunganijwe ko urugendo rw'i Buraya ruzotangurwa n'amajoro ane y'ibiteramo bizobera muri London's O2 Arena kuva kw'itariki ya 14 yo mu kwezi kw'icumi.
Igihe yatangaza ivyo biteramo mu kwezi kwa mbere, yabwiye abakunzi biwe ati: "Ndahimbawe cane no kurondera indirimbo nyinshi zishoboka mu kwizeza abakunzi banje ko nzobaha igiteramo bari barindiriye."
Uru rwari kuba urukurikirane rw'ibiteramo (tour) rwiwe rwa 12, bigahurirana n'isabukuru y'imyaka 40 y'aho yasohora urukurikirane (album) rwa mbere rw'indirimbo ziwe.
Ikinyamakuru Forbes co muri Amerika kimushira mu kibanza ca 45 c'abagore batunze muri Amerika, ubutunzi bwiwe bukaba bwababa imiriyoni 580 z'amadorari kandi kikavuga ko yinjije amahera angana n'umuriyaridi 1.2 w'amadorari avuye mu biteramo.










