Umufaransakazi rurangiranwa mu muziki Françoise Hardy yapfuye ku myaka 80

    • Umwanditsi, Kathryn Armstrong
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Umwe mu baririmvyi b'Ubufaransa bamenyekanye cane , Françoise Hardy, yapfuye ku myaka 80.

''Mama yagiye,'' niko umuhungu wiwe, nawe nyene w'umuririmvyi, yanditse ku mbuga hwaniro.

Hardy yadutse ku rubuga rw'umuziki mu 1962 aca aba ikimenyetso c'akaranga, yabaye uwo abatari bake bafatiyeko barimwo Mick Jagger na Bob Dylan. Uwo mugore yari azwi cane ku turirimbo twuzuye agahinda, yabaye ikimenyetso c'imyaka yiswe Yé-yé mu Bufaransa yaranzwe n'umuzo w'umuziki wa pop, yiswe gutyo kubera uko banaga umutwe (yeah yeah) bemera umuziki wo mu Bwongereza.

Zimwe mu ndirimbo ziwe zamenyekanye cane zirimwo Tous les garçons et les filles, Comment te dire adieu na Mon amie la rose.

Indirimbo yiwe yakunzwe cane mu Bwongereza yabaye All Over The World, izina yahawe mu rurimi rw'icongereza bahereye ku ndirimbo yiwe Dans le monde entier, yashitse mu kibanza ca 16 ku rutonde rw'izikundwa cane mu kwezi kwa gatandatu mu 1965.

Hardy yavukiye i Paris yari yigaruriwe n'aba Nazi mu 1944 aca arerwa na nyina wiwe.

Nk'abandi bakobwa benshi ico gihe, yakuze yumviriza Elvis Presley, Cliff Richard n'ibindi bihangange vy'abongereza n'abanyamerika kuri Radio Luxembourg hanyuma agira amasezerano yo gushora indirimbo yiwe ya mbere afise imyaka 17 gusa.

Yatanguye kuba umuntu akomeye mu muziki mu 1962 asohoye indirimbo isanzwe, yo kwidoga, Tous les garçons et les filles, aho yaririmba ingene abandi bahungu n'abakobwa bo bagenda bafatakanye ukuboko, mu gihe we ''agenda wenyene mu mabarabara, umutima wanje ugenda urandya''. Ni indirimboi yaciye ikundwa ubwo nyene mu Bufaransa ariko no mu Bwongereza ica ija mu za mbere ku rutonde rw'izikundwa cane.

Ingene yaririmba vyarakunzwe n'abanyamideri, aca araba umunyamideri w'mazu nka Yves Saint Laurent na Paco Rabanne, bamuhinguriye ikanzu ngufi (mini) y'inzahabu.

Umuririmvyi wa Rolling Stones Mick Jagger igihe kimwe yamwise ''umugore w'akarorero (femme idéale)'', nawe umuririmvyi nkawe Bob Dylan umwandikira amakete menshi y'urukundo.

Yaramwandikiye n'amazina (poème) ku gifuniko c'urukurikirane rw'indirimbo ziwe rwo mu 1964 yise Another Side of Bob Dylan.

Imwe mu ndirimbo yaririmvya ikaba ntibagirwa ni iyo mu 1968 Comment te dire adieu, yashizwe mu gifaransa na Serge Gainsburg ayivanye ku ndirimbo yari isanzwe ari iy'icongereza. Ariko iyo ndirimbo ya Gainsburg kuva ico gihe imaze gusubirwamwo n'abandi benshi cane, ku mubabaro wo gusezera umugabo afise ''umutima wa pyrex'' [pyrex ni ubutare bw'ikirahuri bakoramwo amasahani n'ibindi bikoresho vyo gutekamwo bikomeye kandi bifatwa nka vyiza cane].

Yarakoranye n'abandi baririmvyi batandukanye, barimwo Blur na Iggy Pop.

Hardy yaranakina ama sinema- yarakinye nko muri zimwe mu zatunganijwe na Jean-Luc Godard, Roger Vadim na John Frankenheimer - yaranandika ibitabo vy'inkuru zaba izibara ivyabaye canke ivyo yiyumviriye.

Yarigeze kwubakana n'umugabo, umuririmvyi nka we Jacques Dutronc, bavyaranye umhungu wiwe Thomas. Bavanye mu mpera z'imyaka ya 1980, ariko ntiyaretse kuja aravuga uwahoze ari umugabo wiwe nk'umukunzi wo mu buzima bwiwe.

Hardy yari amaze igihe arwaye imbere y'uko apfa, mu 2004 akaba yari yahishuye ko afise indwara ya lymphoma (ubwoko bwa kanseri yo mu maraso).

Mu 2015, yarashizwe muri koma (coma: kutamenya na kimwe kiriko kiraba) amayinga atari make bitewe no kugwa hasi hanyuma mu 2021, avuga ko afise kanseri mu gutwi kumwe kandi ko ''yegereje amahezo'' y'ubuzima bwiwe.

Ubuzima bwiwe bw'umuririmvyi bwamaze imyaka irenga 50, aho yasohoye inkurikirane z'indirimbo hafi 30. Urwa nyuma rwa Hardy, Personne D'Autre, rwasohotse mu 2018.

Mu basezeye Hardy bumvise ko yapfuye harimwo umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imico n'akaranga, Rachida Dati, yanditse ku mbuga hwaniro: ''Birababaje kugusezera? Uwamaho Françoise Hard, harabaye w'indirimbo z'Ubufaransa, yinjiye, kubera ibakwe n'uguhibongoza kwiwe, mu mutima w'igihugu cose.''