Namibia: Mu masaha inyuma y’urupfu rwa Hage Geingob bahise bashiraho umukuru w’igihugu

Nangolo Mbumba yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu yimitswe haciye amasaha make atangaje urupfu rw’uwo asubiye

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Nangolo Mbumba yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu yimitswe haciye amasaha make atangaje urupfu rw’uwo asubiye
    • Umwanditsi, Na Wycliffe Muia & Damian Zane
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Namibia ifise uwundi mukuru w’igihugu witwa Nangolo Mbumba yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu yimitswe haciye amasaha make atangaje urupfu rw’uwo asubiye.

Ku myaka 82, Hage Geingob yapfuye ma masaha ya kare cane ejo ku wa Mungu mu bitaro vyo ku mugwa mukuru Windhoek aho yariko aravurirwa.

Ino nararibonye yaharaniye ukwikukira kw’iki gihugu yari yatowe ingwara ya kanseri akaba yabitangarije igihuhu mu kwezi guheze.

Igihugu kirabuze “intwari…yarwaniye ubwigenge”, niko Mbumba yavuze.

Yaciye arahizwa kugira asubirire Geingob, akazorangura aya mabanga gushika habaye ayandi matora ategekanijwe mu mpera z’uno mwaka.

"Ntimugire ubwoba si nje kubw’amatora", niko yavuze mu birori vyo kumwimika vyaciye bitegurwa mu biro vy’umukuru w’igihugu, amasaha 15 inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu.

Mu kwerekana icubahiro ku wo yasubiriye, yavuze sti: “Igihugu cacu kiracatekanye kandi kirashikamye ku bw’ubuyobozi bwa Perezida Geingob yahagarariye ishingwa ryibwirizwashingiro”.

"Mfashe aya mabanga aremereye nzi neza uburemere bwayo”.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Geingob yabaye umukuru w’igihugu ubwa mbere mu 2015, ariko yabaye mu nzego nkuru nkuru muri poritike kuva mu 1990.

Icateje uru rupfu nticashotse gitangazwa ariko mu kwezi guheze yaramaze “imisi ibiri avurwa kanseri” akaba yari yagarutse mu gihugu ku wa 31 Nzero(1), nk’uko bivugwa n’ibiro vyiwe.

Kw’iradiyo yo muri Namibia, abantu babandanya bashikiriza ivyo bibuka ku muntu bafata nk’imboneza n’umugwaneza, yashobora gutwenza abantu.

Abategetsi bo mu bihugu bitandukanye vy’isi babandanya barungika ubutumtwa bwo guhoza igihugu, benshi bavuga ku twigoro twa Geingob two guharanira ubwigenge bw’igihugu ciwe.

Umwe muri bo ni Cyril Ramaphosa, umukuru w’igihugu kibanyi ca Afrika y’Epfo, yavuze ko yari ”inararibonye yarwaniye ukwikukira kwa Namibia anarwanya na apartheid [intwaro y’ivanguraruhu y’inkehwa z’abazungu]".

Geingob, umugabo muremure w’ijwi ritsindagiye kandi w’igihagararo, yari umunywanyi w’igihe kirekire w’umugambwe SWAPO.

Ni wo warwanije apartheid ya Afrika y’Epfo yari yihagiye iki gihugu, ico gihe kikaba citwa Afrika y’Ubumanuko bushira Uburengero (South West Africa/ Afrique du Sud-Ouest), igashiraho amategeko y’intwaro yayo y’ivanguraruhu yakumira abirabure mu buzima bwa poritike n’ubw’ubutunzi.

Geingob yamaze imyaka 27 mu buhungiro, aho yabaye muri Botswana, muri Amerika no mu Bwongereza, ari naho yaronkeye urupapuro rw’umutsindo rwa Doctorat (PhD) mu vyigwa vya Poritike.

Yasubiye muri Namibia mu 1989, hasigaye umwaka umwe ngo igihugu kironke intahe y’ukwikukira.

Geingob yavuye mu buhungiro mu 1989, hasigaye umwaka umwe ngo igihugu kironke intahe yo kwikukira

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Geingob yavuye mu buhungiro mu 1989, hasigaye umwaka umwe ngo igihugu kironke intahe yo kwikukira

"Dusubije amaso inyuma, urugendo rwo kwubaka Namibia nshasha ntirwabaye impfagusa”, niko yanditse ku mbuga hwaniro mu 2020 anasohora isanamu yiwe asoma ubutaka igihe atahuka.

"Nubwo twateye intambwe nini mu guteza imbere igihugu cacu, harasigaye igikorwa kitari gito co kwubaka umuryango rusangi”.

Igihe Geingob aba umukuru w’igihugu ku ncuro ya mbere mu 2015, yari amaze kuba uwa mbere yamaze igihe kirekire ari umushikiranganji wa mbere w’iki gihugu - aho yari amaze imyaka 12 kuva mu 1990 hanyuma amara ikindi gihe gito kuva mu 2012.

Ariko ufatiye ku biharuro vyo mu matora, yari yatakaje cane amajwi.

Mu matora yo mu 2014, yatsinze ku rugero runini cane, aho yaronse 87%. Ariko inyuma y’imyaka itanu, yarakorotse agera kuri 56%.

Ikiringo ca mbere ca Geingob caranzwe n’icumbagira ry’ubutunzi, ubushomeri n’ubukene vyizizira igihugu, nk’uko bivugwa n’Ibanki y’isi yose.

Mu kiringo ciwe nk’umukuru w’igihugu, umugambwe waranzwe n’ibirego vya ruswa. Aha harimwo icagiye kwitwa "fishrot", aho abashikiranganji n’abategetsi bakuru bagirizwa kurya ibiturire mu gutanga amasoko y’uburovyi yarimwo amafaranga menshi.

Gushika mu 2021, bitatu vya bine vy’abanyagihugu babona ko igihugu cariko kija mu nzira itari yo, igitigiri ciyongereye incuro zitatu kuva mu 2014, nk’uko bivugwa n’ikigo cigenga Afrobarometer gikurikirana ivy’amatora.

Imyaka 30 inyuma yo kwikukira, amajambo y’ubutwari bwa SWAPO nk’umugambwe wabohoye igihugu yariko aratakaza ikibanza mu rwaruka rwavutse inyuma yaho, nk’uko Henning Melber, umuhinga w’igihe kirekire muri poritike ya Namibia, yavyanditse mu 2021.

Umugambwe SWAPO usanzwe uri ku butegetsi kuva igihugu cikukiye wahisemwo umupfasoni Netumbo Nandi-Ndaitwah kugira azowuserukira mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Munyonyo (11).

Ubu yagenywe nk’icegera c’umukuru w’igihugu kandi akazoba ari we mukuru w’igihugu wa mbere w’umukenyezi w’iki gihugu aramutse atsinze.

Netumbo w’imyaka 70, yari icegera c'umushikiranganji wa mbere akaba n'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Netumbo w’imyaka 70, yari icegera c'umushikiranganji wa mbere akaba n'umushikiranganji w'imigenderanire n'amakungu