Zuma ntazosubira mu mvuto mu ntumbero yo kugabanya ubwinshi bw'abanyororo

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwahoze aro prezida wa Afrika y'epfo Jacob Zuma yemerewe kudasubira mw'ibohero, abategetsi bakavuga ko ari mu ntumbero yo kugabanya ubwinshi bw'abanyororo.
Zuma yari yaciriwe gupfungwa amezi 15 yagirizwa kugaya sentare, yishiriye ubwiwe abategetsi b'ibohero kuri uyu wa gatanu.
Uwo mutama w'imyaka 81 yari yararekuwe kubera impamvu z'ubugwayi - ivyo sentare zavuze ko bitari bijanye n'amategeko.
Umushikiranganji w'ubutungane Ronald Lamola yavuze ko yagabanirijwe igihano mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c'abanyororo benshi bari mw'ibohero.
Zuma n'umwe mu banyororo 9.000 bashobora kurekurwa mu mugambi watanguye mu kwezi kwa kane kugira haboneke ibibanza mu mabohero ya Afrika y'epfo, nk'uko bitangazwa n'abategetsi.
Umushikiranganji Lamola yavuze ko iyo ngingo yafashwe n'abarongoye amabohero ata banye politike bayivanzemwo, kandi ko Zuma yafashwe co kimwe n'abandi.
Ukudohorera abapfunzwe bifise intumbero yo kugabanya ubwinshi bw'abari mw'ibohero mu kurekura abakoze ivyaha bidakabije.
Umuvugizi w'igisata kiraba amabohero yabwiye BBC ko aantu bari mw'ibohero muri Afrika y'epfo barenga ku bategekanijwe n'amategeko barenga ibice 47%.
Ivyo vyunyuwe n'uko abanyororo baturiye ibohero rimwe mu ndwi iheze. Ivyo bisigura ko abanyororo bababa 4.000 bajanywe mu yandi mabohero, aho batagira ibitanda.
Uwurongoye amabohero muri Afrika y'epfo, Makgothi Thobakgale yavuze ko Zuma yari yishikanye ubwiwe mw'ibohero rya EstCourt riri mu ntara yiwe ya KwaZulu-Natal kuri uyu wa gatanu mu gitondo, kandi yari "yakiriwe" muri iryo bohero, imbere y'uko arekurwa inyuma y'isaha.
Ishirahamwe AfriForum ryagirije igisata ca Afrika y'epfo kijejwe amabohero gufasha Zuma ngo ntacirigwe urubanza.
Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na reta, Demacratic Alliance, wavuze ko uzokwitwara kuri iyo ngingo yo gutezurira uwo yahoze ari prezida.
Mu gihe umugambwe uri ku butegetsi African National Congress (ANC) muri KwaZuli-Natal wakiriye neza iyo ngingo uca uvuga ko ari ku neza y'igihugu.
Ahanini ivyagiye biravurwa kuri iyo ngingo biratandukanye. Abanye Afrika y'epfo bamwe bamwe bavuga ko reta ikwiye kwihutira gutorera inyishu ibibazo bikomeye nk'ibijanye n'umuyagankuba ucikagurika, ukwiyongera k'ubwicanyi, ubukene hamwe n'ibura ry'akazi mu rwaruka, mu gihe abandi bavuga ko Zuma yotegerejwe gusubira mw'ibohero kumarira igipfungo asigaje.
Ipfungwa rya Zuma mu 2021 ryarateye imidurumbanyo yahitanye abantu 350.
Yari yaciriwe urubanza inyuma yo kwanka kuza gutanga ubuhamya mu kanama kariko karagira amatohoza ku busuma bwakozwe ku ntwaro yiwe.
Mu nyuma yararekuwe ku mvo z'amagara, inyuma y;amezi abiri ari mw'ibohero.
Mu kwezi kwa cumi na rimwe, sentare y'iyungururizo yaciye urubanza ko yarekuwe bidakurikije amategeko, ica itegeka Zuma gusubira mw'ibohero kugira arangize igihano ciwe. Mu kwezi guheze, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiroyaraburijemwo igerageza ryo kuburizamwo iyo ngingo.









