Ibitangazamakuru vyahakanye ivyagiriji vya Israel yuko vyari bizi amakuru y'igitero ca Hamas

Yatangajwe

Ibitangazamakuru bitandukanye vyahakanye vyivuye inyuma ivyagiriji vya Israel yuko hari abafotozi (photographes) bane bigenga bakoranye n’ivyo binyamakuru muri Gaza bari bazi ivy’igitero ca Hamas co ku tariki 7 Gitugutu (10) imbere yuko kiba.

Umushikiranganji wo muri Israel, Shlomo Karhi, yagize ati “hari abantu bamwe” bakoranye na Reuters, AP, CNN na New York Times “bari bafise amakuru”.

Ivyo bitangazamkuru vyose uko ari bine birabihakana. New York Times cavuze ko ivyo vyagiriji “vy’incamutwe” bishobora kubangamira ubuzima bw’abanyamakuru bigenga.

Hamas yagavye ibitero bibi cane kandi vy’akataraboneka mu bumanuko bwa Israel itariki 7 Gitugutu (10), bihitana abantu barenga 1.400 b’anyagihugu ba Israel, inanyuruza abarenga 240.

Ivyavuzwe na Bwana Karhi vyakurikiye amakuru yatangajwe ku rubuga internet rushigikiye Israel rwitwa Honest Reporting, yasa n’ayavuga ko – haterekanywe ibimenyetso – kuhaba kw’abafotozi ari kimwe mu “vyari birigize umugambi”.

Ico kinyamakuru cavuze ko kuba abo banyamakuru bari bahari ku itariki 7 Gitugutu mu masaha ya kare mu gitondo c’ivyo bitero “biteje ibibazo ku bunyamwuga”.

Amafoto yatanzwe n’abo bafotozi arimwo iyerekana ikiduga c’ingwano ca Israel caka umuriro, abanye-Palestina bamena uruzitiro i Kfar Aza Kibbuts hamwe n’amafoto yerekana igitero ubwaco.

Mu nyandiko yashizwe ku rubuga X, rwahoze rwitwa Twitter, ibiro bijejwe gutangaza amakuru vya leta ya Israel vyavuze ko ivyabonynwe n’urwo rubuga rushigikiye leta “biteye impungenge” kandi bikerekana ko abo banyamakuru “barenze imirongo yose ya kizira kikaziririzwa mu mwuga w’itangazamakuru”.

Reuters, AP, CNN na New York Times vyose vyasohoye inzandiko zivuga ko ata mwumvikano n’umwe wigeze uba mbere, hagati yavyo n’uwo ari we wese muri abo banyamakuru, ujanye n’ayo mafoto.

New York Times yavuze ko ivyo vyagiji ari “ugushikuza”.

Yongeye iti “The Times yaratangaje ku buryo burambuye amakuru y’igitero co ku tariki 7 Gitugutu hamwe n’intambara yakurikiye mu buryo bubereye, ataho bwegamiye, hisunzwe ko iki kibazo c’izi ndyane gisanzwe kigoye cane”.

Ico gitangazamakuru kandi cashigikiye akazi abafotozi bigenga bakorera mu karere k’imirwano, congerako yuko akazi kabo “kenshi kababwiriza guhatsa ubuzima bwabo kugira bazane amakuru biboneye imbona nkubone, no gutohoza inkuru zihambaye.

“Aka ni ko kazi nyamukuru k’itangazamakuru ryigenga mu gihe c’intambara.”

New York Times kandi cavuze ko umwe muri abo bafotozi, Yousef Massoud, atariko arakorera ico gitangazamakuru uwo munsi ngo ariko “kuva ico gihe yaradukoreye akazi gahambaye”.

Associated Press (AP) yagize iti: “Nta mukozi n’umwe wa AP yari ku rubibe igihe ibitero vyaba, canke ngo hagire umukozi n’umwe wa AP yajabutse urubi igihe ico ari co cose.”

Yongeye iti “Iyo twemeye amafoto y’umufotozi yigenga, dukora ibishoboka vyose kugira tugenzure ko ari ay’ukuri kandi ko yerekana ivyabaye.”

Ibi biro ntaramakuru vyavuze ko bitagikorana n’umwe muri abo banyamakuru, Hassan Eslaiah, vyagaragaye ko yigeze kwifotozanya n’umukuru wa Hamas i Gaza, Yahya Sinwar.

CNN cavuze ko ata makuru cari gifise y’ivyo bitero imbere yuko biba, ariko kivuga yuko kigiye guhagarika gukorana na Eslaiah.

Reuters nayo yahakanye ko hoba hari amakuru yari ifise y’igitero canke yuko yoba “yari ifise abanyamakuru bihetse kuri Hamas” itariki 7 Gitugutu.

Umushingamateka wo mu mugambwe uri ku butegetsi Likud, Danny Danon, nawe yavuze ko abo banyamakuru bazokwongerwa ku rutonde rw’abashizweko ikimenyetso co kwicwa kubera uruhara rwabo muri ivyo bitero.

Abamenyeshamakuru bakingirwa n’amategeko mpuzamakungu avuga ko bategerezwa gufatwa nk’abasivile kandi bagakingirwa nka bo mu gihe c’intambara.

Ishirahamwe rirengera abanyamakuru, Committee to Protect Journalists (CPJ) rivuga ko abanyamakuru 39 hamwe n’abakorera ibitangazamakuru bamaze kwicwa kuva intambara itanguye, barimwo abanye-Palestina 34, abanye-Israel bane hamwe n’umunye-Libani umwe.

CPJ yagize iti “Abanyamakuru i Gaza bahura n’uguhakwa gukomeye bariko baragerageza gutara amakuru mu gihe hari igitero co ku butaka ca Israel mu muji wa Gaza, ibitero simusiga vy’indege za Israel, itumatumanako ribangamye, hamwe n’ukubura kw’umuyagankuba kw’igihe kire kire”.