15 bishwe barashwe mu kabare i Soweto muri Afrika y’Epfo

Ahavuye isanamu, AFP
Abantu n’imiburiburi 15 nibo bishwe barashwe mu kabare kari mu gisagara ca Soweto muri Afrika y’Epfo, nk’uko igipolisi kibitangaza.
Igipolisi kivuga ko abantu bitwaje inkoho binjiye mu kabare ka Orlando East mu masaha yo mu gatondo ko kuri uno musi wa Mungu baca batangura kurasa mu rudavagi mu murwi w’urwaruka rwari ruhari.
Baciye bahunga n’imodoka. Igipolisi kivuga ko imvo y’iki gitero itaramenyekana.
Abandi bantu batari bake bakomeretse cane bakaba bariko baravurirwa mu bitaro, nk’uko umunyamakuru wa BBC Nomsa Maseko abivuga.
Abakorewe ubu bukozi bw’ikibi bavugwa ko bari hagati y’imyaka 19 na 35.
Umukuru w’igipolisi mu ntara ya Gauteng Liyetena-Jenerali Elias Mawela, yabwiye BBC ko iki gitero gisa n’ic’ubunyamaswa ku nzirakarengane zikunda gusororera muri aka kabare”.
Itangazo ryasohowe n’ibiro vyiwe rivuga ko aba bantu binjiye muri ako kabare bafise inkoho nini hamwe na ntonto.
Abapolisi bariko barahiga aba bantu gushika ubu bataramenyekna abo ari bo, nk’uko iri tangazo rivibuga.
Igipolisi kivuga kandi ko abandi bantu bane bishwe mu kindi gitero c’inkoho nyene mu kabare kari mu ntara ya KwaZulu-Natal iri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Afrika y’Epfo.
Ivyo kurasana muri Afrika y’Epfo ni ibintu bimenyerewe. Akenshi bifitaniye isano n’imirwi y’inkozi z’ikibi canke inzoga.
Ariko iki nico gitero gihitanye abantu benshi kandi kikaba kibaye inyuma y’imisi mike imiyabaga 21 ipfuye aho vyavuzwe ko yoba yatewe imyuka canke igahabwa isumu mu kandi kabare nyene mu gisagara ca East London.









