Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Gushika ubu Israel ntiravuga ingene igiye kwihora Irani
- Umwanditsi, Na Ido Vock
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Reta irongoye Israel muri iki gihe c’intambara yakoranye kugira ngo ivugane ingene yokwihora igitero ca Irani kitari bwigere kibaho.
Ni bwo bwa mbere Irani ikoze igitero ku butaka bwa Israel, igitero yakoze ikoresheje indege zitagira abadereva, hamwe n’ibisasu vya misire.
Israel ntiramenyesha nimba hari icemezo cashitsweko.
Incuti zayo ziriyamiriza zivuye inyuma iki gitero ca Irani, ariko zigasaba zishimitse reta ya Benjamin Netanyahu kwifata.
Mu gihe Irani ivuga ko ikurikiranira hagufi iki kibazo, umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Israel avuga ko iki gitero kidashobora kwijana.
Liyetena Jenerali Herzi Halevi ati: "Umviriza, mu gihe tukirindiriye, turiko turihweza ico dukwiye gukora, iki gitero c’ibisasu vya misire n’indege zitagira abadereva ku butaka bw’igihugu ca Israel kizokwishurwa."
Ntatomora ikigiye gukorwa canke ngo atange igihe kizokorerwa.
David Petraeus yahoze arongoye CIA (igisata c’igendereza rya Amerika ryo hanze y'igihugu) yabwiye ikiganiro World Tonight ca Radio 4, iradiyo yegukira BBC, ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zidashaka gushira mu kaga ubukungu bw’isi biturutse ku gitero ca Israel co kwihora Irani.
Jenerali Petraeus, ubu akaba ari umukukuruke, yahoze kandi arongoye ingabo mpuzamakungu muri Iraki na Afghanistani, avuga ko iki gitero ca Irani ari “ikintu gikomeye cane”, kandi ko Uburengero bwategerezwa gutahura ubukana bwaco kuri Israel.
Ati: “Birumvikana ko ingorane ihari ubu ari uko hari ivyiyumviro bidahuriweko na bose ku gikwiye gukorwa. Bishobora gushika ibiciro vy’igitoro bikaduga ku mvo iyi canke iriya, canke uruja n’uruza mu Kigobe c’Abarabu rukagira ibibazo. Kandi hari impungenge zivuye kw’ifatwa ry’ubwato bw’igitoro bwafashwe na Irani ejobundi.”
Petraeus avuga ko impari hagati y’abagize reta ya Israel zerekeye uburyo Israel yotegura igitero co kwihora “ibintu bitarinze kwunyuka gusumba”.
Avuga kandi ko Israel ifise inzira nyinshi yisangije zoyishoboza kwihora ata cuka kirinze kwiyongera.
Liyetena Jenerali Halevi yavuze ibi ari ku kigo c’ingabo zirwanira mu kirere c’ahitwa Nevatim mu bumanuko bwa Israel, cononekaye muri ico gitero ca Irani co mw’ijoro ryo ku wa gatandatu, ariko Israel ikavuga ko “cari kigikora”.
Irani ivuga ko iki gitero cari ico kwihora icakozwe ku wa 1 Ndamukiza (4) kw'ishami ry'ibiro vy’ubuserukizi bwayo muri Syria, cahitanye abantu 13 barimwo n'intwazangabo nkuru z’igisirikare ca Irani.
Igisirikare ca Israel kivuga ko indege 300 zitagira abadereva hamwe n’ibisasu vya misire vyarungitswe kuri Israel. Kivuga ko hafi vyose vyakorowe n’ingabo zaco imbere y’uko bishikira aho vyari birungitswe, zifashijwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza, Ubufaransa n’ibindi bihugu.
Nta bantu bapfuye kandi Israel ivuga ko ivyononekaye ari bike.
Abategetsi b’ibihugu bitandukanye kw’isi basaba impande zompi kwifata, mu gihe hari impungenge ko ibintu bishobora kuyangara mu Buseruko bwo Hagati.
Perezida Joe Biden wa Amerika yavuganye na Netanyahu inyuma y’iki gitero ca Irani, akaba yongeye gushimangira ko Amerika itadohoka ku nshingano zayo ku mutekano wa Israel.
Ariko ku wa Mungu, umutegetsi mukuru wo muri Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca amerika), yavuze ko Amerika yamenyesheje Israel ko idashobora kwinjira mu gitero ico ari co cose co kwihora kuri Irani.