Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Haaland, Zaha, Mount, Maddison, Abraham, Dybala, Mané

Erling Haaland

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Erling Haaland
Yatangajwe

Manchester City iriko irategura kwugurura ibiganiro n’umusatirizi karuhariwe wa Norvège Erling Haaland w’imyaka 22 ubu, kugira ngo bagiriranire amasezerano mashasha. (Football Insider)

Umusatirizi wa Crystal Palace na Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w’imyaka 30, ariko aratera amero imirwi ya Arsenal, Juventus, Chelsea na Barcelona. (Telegraph)

Chelsea irafise icizere ko umukinyi wayo wo hagati Umwongereza Mason Mount w’imyaka 24 azokwima amatwi imirwi ya Bayern Munich na Liverpool iriko imwiruka inyuma hanyuma agatera igikumu ku masezerano mashasha. (Football Insider)

Umusatirizi wa Juventus Dusan Vlahovic w’imyaka 23 akomoka muri Serbia yemerewe Arsenal na Bayern Munich. (Tutto Mercato Web – mu gitaliyano)

Leicester izogurisha Umwongereza James Maddison w’imyaka 26 mu ci n’aho yogira amahirwe ntimanuke mu cicaro ca kabiri, Manchester United, Tottenham na Newcastle zose zikaba zimushaka. (Telegraph)

Manchester United na Paris St-Germain zararungitse ba maneko gukurikirana umusatirizi w’Umwongereza Tammy Abraham w’imyaka 25 igihe umurwi wiwe wa Roma watana mu mitwe na AC Milan ku wa gatandatu. (Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)

Tammy Abraham

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Tammy Abraham

Roma iriko iraraba nimba yozana umukinyi wo hagati, Umubirigi Youri Tielemans w’imyaka 25 igihe amasezerano afitaniye na Leicester azoba arangiye mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Calciomercato - mu gitaliyano)

Uwahoze ari umumenyereza wa Real Madrid Zinedine Zidane aripfuza gusubira mu kazi ko kumenyereza mu ci riza. Juventus, Paris St-Germain na Marseille ziriko ziramurondera. (Marca – mu ki-espagnol)

Chelsea iri mu mirwi yo muri Premier League iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w’imbere wa Stevenage Umwongereza Makise Evans w’imyaka 16. (Sun)

Newcastle United iriko irihweza nimba yorondera umusatirizi wa Roma, umunya-Argentina Paulo Dybala w’imyaka 29. (Calcio Mercato Web - mu gitaliyano)

Manchester United iripfuza umukinyi w’inyuma wa Paris St-Germain umunya-Maroc Achraf Hakimi w’imyaka 24. (Football Insider)

Chelsea iriko irarondera umusatirizi wa Bayern Munich umunya-Senegal Sadio Mané w’imyaka 31. (Football London)

Umurwi wo muri Arabia Saoudite Al Nassr uriko urakurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa Manchester United umunya-Brezili Alex Telles w’imyaka 30, yatijijwe muri uno murwi avuye muri Sevilla.(AS)