Umukuru w’Abazulu, Mangosuthu Buthelezi, yapfuye ku myaka 95

Mangosuthu Buthelezi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe

Mangosuthu Buthelezi, umushikiranganji wa mbere kama w’Abazulu, yapfuye afise imyaka 95.

Nk’umwe mu bantu bagiye imbere abandi muri poritike ya Afrika y’Epfo mu myaka 50 iheze, yari umukuru w’Abazulu kuri ya ntwaro y’ivangura yo muri ico gihugu, yari izwi nka apartheid.

Amaze kwinjira muri reta ya Nelson Mandela, yamaze imyaka cumi ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.

Perezida Cyril Ramaphosa yarongoye ibikorwa vyo kumwibuka, aho avuga ko Buthelezi yari "indongozi ibushitse ".

Avuga ati: "Umuganwa Mangosuthu Buthelezi yarabaye indongozi ntagereranywa mu buzima bwa poritike n’imico vy’igihugu cacu, harimwo ivyo twaciyemwo mu rugamba rwacu rwo kwibohora, mu ntwaro mfatakibanza yadushikanye ku bwigenge bwacu mu 1994 hamwe n’intwaro rusangi yacu”.

Umukuru w’igihugu avuga ko Umutware Buthelezi yapfuye mu gaturuturu ko kuri uno wa gatandatu, inyuma y’indwi zibiri ahimbaje isabukuru yiwe y’amavuko.

Umutware Buthelezi (i bubamfu) aramukanya n'umukuru wa ANC  Nelson Mandela (i buryo) bahagarikiwe na Perezida FW De Klerk wa Afrika y'Epfo mu 1994

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umutware Buthelezi (i bubamfu) aramukanya n'umukuru wa ANC Nelson Mandela (i buryo) bahagarikiwe na Perezida FW De Klerk wa Afrika y'Epfo mu 1994

Umutware Buthelezi yari umutware samuragwa w’Abazulu, ubwoko bwa mbere bunini muri Afrika y’Epfo.

Yavukiye mu muryango wa cami w’Abazulu – nyina wiwe yari Umuganwakazi Magogo kaDinzulu, mushiki w’Umwami w’Abazulu.

Mw’ireresi y’Abazulu yakinywe mu 1964, Umutware Buthelezi yayikinyemwo nka sekuruza wiwe bwite, umwami w’Abazulu Cetshwayo.

Yari umushikiranganji wa mbere wa KwaZulu, amamuko y’Abazulu, akaba ari we yatanguje Inkatha Freedom Party, umuhari waharanira poritike n’imico vy’Abazulu. Yatanze imihoho ku burongozi bw’uno mugambwe mu 2019, inyuma y’imyaka 44 awurongoye.

Umutware Buthelezi yaraneguye bikomeye umuhari ANC (African National Congress) mu myaka ya 1980, aho yiyamiriza ingingo yayo yo gushigikira abarwanya ubutegetsi bwa apartheid bakoresheje ibirwanisho yongera ishigikira ibihano bwari bwafatiwe n’amakungu.

Ariko yahavuye yifatanya na ANC mu rugamba rwo kurwanya ubutegetsi bwa apartheid yongera yinjira mw’isekeza ryo kurondera gupfunguza Mandela, mu nyuma yinjira muri reta yiwe y’ubumwe mu 1994.