Ukraine: 14 baraye bishwe mu gitero c’Uburusiya ku nyubakwa y’akaguriro i Kharkiv

    • Umwanditsi, Jeremy Bowen, Ido Vock, Lipika Pelham
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Abantu nibura 14 bishwe abandi batari bake barakomereka mu gitero c’ibibombe cakozwe n’ingabo z’Uburusiya ku nyubakwa y’akaguriro (supermarket) mu gisagara ca Kharkiv kiri mu buraruko bwa Ukraine, nk’uko bivugwa n’abategetsi.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko abantu barenga 200 ari bo bashobora kuba bari muri ico kigo igihe caterwa nijoro.

Kuri uno wa Mungu, buramatari wa Kharkiv Oleh Syniehubov yatangaje ko igitigiri c’abapfuye caduze kikagera ku bantu 11.

Imbere y’aha, haciye akanya gato iki gitero kibaye, yari yatangaje ko abantu batandatu "bapfiriyeho", abandi 40 barakomereka, 16 nabo baburirwa irengero.

Umukuru w’igisagara ca Kharkiv Ihor Terekhov avuga ati: "Abantu benshi ntibazwi irengero. Iki ni igitero c’iterabwoba ryeruye".

Perezida Zelensky yongerako ati: "Iki gitero kuri Kharkiv ni ikindi kimenyetso c’ubusazi bw’Abarusiya.

"Abasazi nka [Perezida Vladimir] Putin bonyene ni bo bashobora kwica no guturubika abantu nk’uku".

Igitero ca kabiri hagati muri Kharkiv mu masaha yitereye ya nijoro ku wa gatandatu cakomerekeje abantu umunani, nk’uko bivugwa na Terekhov.

Iki gitero kiragaragaza umwikomo Abanya-Ukraine bumva kubera badafise uburyo nyabwo bwo gukingira ikirere cabo.

Zelensky ashimangira ko Ukraine ikeneye uburyo bwo kwivuna kandi ko ikeneye ibirwanisho yemerewe n’incuti zayo z’Uburengero vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere.

Iki gitero cakurikiye inama ya G7 (ihuriro ry’ibihugu indwi bitunze kurusha ibindi kw’isi) mu Butaliyano aho abashikiranganji b’ibigega vya reta bashigikiye iciyumviro co gukoresha amatungo y’Uburusiya yafashwe mu twigoro twa Ukraine tw’ino ntambara.

Umushikiranganji w’ikigega ca reta wa Amerika Janet Yellen avuga ko iki ciyumviro cashigikiywe cane.

Muri iki ciyumviro cashikirijwe na Amerika, ibihugu bigize G7 n’incuti zavyo bizokoresha amatungo y’Uburusiya yafashwe yari asanzwe abitswe mu mabanki y’Uburengero nk’ingwati ku ngurane y’imiriyaridi 50 z’abadorari y’Abanyamerika yemerewe Ukraine. Iki ciyumviro kizonoganzwa mu kwezi kuza.

Uburusiya bugabisha ko buzokwihora.

Iki gitero kuri Kharkiv ni ikindi kimenyetso cerekana ko Uburusiya ubu bushize amanga. Ingabo zabwo ziboneka ko akaryo kose kabonetse zigakoresha mu gusatira, mu gihe Ukraine ikirindiriye ko ibirwanisho yemerewe n’Uburengero bishika ku rubuga rw’intambara.

Ubwoko bw’aya mabombe yakoreshejwe muri iki gitero azwi nka bombe planantes/glide bombs ni amabombe yo mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti yasubiwemwo mu kuyaha amababa yizingurura akongera akizinga. Afise n’uburyo bwo kugenda nk’ikigendajuru. Arazimbutse ariko afise ubushobozi bunini bwo gusambura.

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko mu kwagatatu kwonyene Uburusiya bwacucagiye amabombe 3000 yo muri ubu bwoko.

Ikigo Centre for European Policy Analysis (CEPA) kivuga ko ibi bibombe vyagize uruhara rudasanzwe mu ntambara yo mu kwa kabiri yatumye ingabo z’Uburusiya zigarurira igisagara gikomeye ca Avdiivka.

Igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere cakoroye ibisasu vya misire 12 mw’ijoro ryakeye

Nikolai Oleshchuk, umukuru w’igisirikare ca Ukraine kirwanira mu kirere avuga ko ingabo zirwanira mu kirere zakoroye ibisasu vya misire n’indege zitagira abadereva vyose vyarekuwe n’Uburusiya, kiretse ibisasu bibiri vyo mu bwoko bwa Kinzhal.

Avuga ko ibisasu 12 vyo mu bwoko bwa Kh-101/Kh-555 vyarekuwe n’indege y’intambara yo mu bwoko bwa Tu-95, hamwe n’amadrone 31 yo mu bwoko bwa Shahed, vyose vyakorowe.

Hagati aho, umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire Antonio Tajani yagize ico avuga ku majambo aherutse gushikirizwa n’umunyamabanga mukuru wa OTAN/NATO Jens Stoltenberg, aho yateye akamo ibihugu bihurikiye muri uru runani vyahaye ibirwanisho Ukraine ko vyoyukiriraho inzitizi kugira ngo ishobore kubikoresha mu gukubita ibibanza vya gisirikare hagati mu Burusiya.

Asubirwamwo n’itororokanirizo y’amakuru ryo mu Butaliyano agira ati: “Turi abanywanyi ba OTAN ariko ingingo iyo ari yo yose itegerezwa kubanza kwumvikanwako”.

Tajani ashimangira ko ata musirikare w’Ubutaliyano azorungikwa muri Ukraine, kandi ko n’ibirwanisho vy’Ubutaliyano vyahawe Ukraine bitegerezwa gukoreshwa hagati mu gihugu.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere, Matteo Salvini, na we nyene aramushigikira, aho avuga ati: “Ubutaliyano ntabwo buri mu ntambara n’uwo ari we wese, rero nimba twahisemwo guha imfashanyo ya gisirikare, ntavyo kurekurira Ukraine gutera ibibanza vya gisirikare mu Burusiya.

“Uru runani ntirushigikiye irungikwa ry’umusirikare n’umwe kurwana muri Ukraine. Dushaka amahoro, ntidushaka kwinjira mu ntambara ya gatatu y’isi yose”.