Kaminuza y'Uburundi mu bibazo byo kugaburira abanyeshure, n'abigisha baguma bagenda

Kuri kaminuza y'Uburundi ivyigwa ntibirafata umurindi munini kuko umwaka mushasha umaze indwi imwe gusa utanguye.
Ariko ni umwaka udasanzwe uzotuma ibibazo biri kuri iyo kaminuza vyigaragaza gusumba uko vyahora.
Uyu mwaka kaminuza y'Uburundi yakiriye icarimwe abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye mu myaka ibiri iheze, uwa 2021-2022 n'uwa 2022-2023.
Hitezwe abanyeshure bashika 8.000, barenga ica kabiri c'abari bahasanzwe 15.000.
Ico gitigiri kinini kiziye rimwe gishikiye mu bibazo bikomeye, nk'ico abigisha baguma bava muri kaminuza bakaja kurondera ubuzi ahandi n'ico kurya mu gihe ibigo vya kaminuza vyahagaritse guteka no kugaburira abanyeshure, harimwo n'ababa mu buraro.
Abanyeshure ba kaminuza y'Uburundi barya he?
Aho batazira ku Kabasazi muri quartier ya Mutanga Nord ni hamwe mu bibanza abanyeshure bo mu kigo ca Mutanga - ica mbere kinini muri kaminuza y'Uburundi mu bwinshi bw'abahiga n'abaharara - baja kurondera ivyo kurya.
Kamwe muri utwo tuzu tumeze nk'udusago, aho abantu bicara hangana n'imetero zitatu kuri zibiri. Hariyo utumeza tubiri gusa.
Iyo abakiriya babaye benshi, bamwe barindirira hanze kugira aba mbere baheze kurya babise abandi.
Bivanye n'aho uvuye mu kigo ca Mutanga, aho ku Kabasazi hashobora kuba urugendo rw'ikirometero canke kirenga.
Eric Bahati, umwe mu banyeshure bakunda kuza kuhafungurira, avuga ko ibintu bitoroshe namba.
Ati: "Ibintu vyo kubomora restora (uburiro) zari zegereye campus [ikigo] ya Mutanga vyarateye ingorane cane.
''Nk'ubu turashobora kuja kurya samoya na nusu z'ijoro ugasanga indya ziraheze bivanye n'ubuke [bw'uburiro] bwaciye buhaba''.
Uburiro Eric avuga ni ubwahora hafi y'uruzitiro rw'ikigo ca Mutanga mu Nyakabiga. Utuzu tw'ubwo buriro twarabomowe mu 2021 igihe reta yafata ingingo yo kubomora inyubako zose zitari zisunze amategeko.
Uretse ivyo, abanyeshure ba kaminuza y'Uburundi bavuga ko imfashanyo-ngurane (prêt-bourse) bahabwa idashabora kubatunga ukwezi kwose.
Aline Niyuhire yicaranye na Eric aho twabasanze ku Kabasazi.
Ati: ''Biratugora rwose ku mafaranga turonka. Ni ibihumbi 60 (60.000). Urafungurira nk'igihumbi sasita, mw'ijoro naho bigashika ukabura''.
Avuga ko amafaranga makeya umuntu ashobora gukoresha ku vyo kurya gusa ari 2.000 ku munsi , aca ahurirana n'ivyo bihumbi 60 nyene mu gihe baba bayizeyemwo n'ibindi vyose bakenera mu buzima bwa minsi yose.

Abigisha baguma bagenda: 'Nta buryo dufise bwo kubagumya' – Umuyobozi
Révérien Bizindavyi aserukira abanyeshure bo kuri kaminuza y'Uburundi asaba ko reta yosubiramwo itunganywa ry'iyo ngurane ikongerezwa kuko ubuzima buzimba uko bukeye uko bwije.
Kaminuza y'Uburundi niyo yakira abanyeshure benshi bava mu miryango y'amikoro make bazera uburaro n'uburamuko kuri iyo ngurane reta ibaha.
Imbere y’uko kugaburira abanyeshure bihagarikwa haraheze imyaka ine, abanyeshure bo kuri kamimuza y'Uburundi barahabwa icayi n'umukate mu gitondo, bakarya sasita no mw'ijoro, amafaranga biciye agakatwa ku ngurane bahabwa.
Umuyobozi wa kaminuza y'Uburundi Audace Manirabona avuga ko iyo kaminuza itagira uburyo bwo kugaburira abanyeshure. Ariko ngo uwo mugambi ntiwahebwe burundu.
Ariko ubu ico gisata co kugaburira abanyeshure kaminuza ishaka kugishira mu minwe y'abikorera utwabo.
Agira ati: ''Turiko turagiranira amasezerano n'abikorera utwabo kugirango umunyeshure azoshobore gufungura nk'ukwezi kumwe canke amezi abiri batariko baramwirukako ngo riha."
Aho kuzoba ari ukugira bazorindire umunyeshure arihe aronse iyo mfashanyo-ngurane.
Ni mu gihe batayironka ku kwezi ku kwezi. Ubundi bahabwa amezi abiri icarimwe, ariko birashika hagahera amezi menshi batarayironka.
Kaminuza y'Uburundi irahanzwe kandi n'ubukene bw'abigisha. Abanyeshure bavuga ko n'ico kiri mu bibazo bihungabanya ubuzima bwabo kuri kaminuza.
Kiri mu vyatumye imyaka yikwega canke ikinjiranamwo. Vyari bigeze aho haba gucererwa igihe kingana n'umwaka wose w'ivyigwa. Nivyo iyo kaminuza yashatse gukosora uyu mwaka mu kwakira imigwi ibiri iziye icarimwe.
Abanyeshure bavuga ko bashobora kumara amezi menshi batariko bariga kuko haba habuze umwigisha atanga icigwa kanaka.
Umwigisha Désiré Nisubire arongoye sendika (syndicat) y'abigisha muri kaminuza y'Uburundi avuga ko ikibazo c'agahembo kiri mu bituma nyamukuru abigisha baguma baja kuronderera ahandi.
Nta bitigiri vy'abamaze kugenda atanga, ariko avuga ko hari nk'igisata aho uyu mwaka hagiye abigisha batanu. Igisata c'ubuganga ngo kiri mu bibangamirwa.
Mu bituma bagenda Nisubire aratanga akarorero. Ati :''Kera ukoze amasaha arenze ayo wasinyiye warayahemberwa, ariko ubu ivyo ntibikihari.
"Ca mwiyumvira namwe, nk'umwigisha w'umudogiteri [afise doctorat] yatashe mu 2014 agashikira ku mafaranga 1.100.000 (umuriyoni n'ibihumbi ijana), n'ubu niyo agihembwa.
''Raba ingene amahera y'Uburundi yagiye arata agaciro, ayo yoba akimarira iki umukozi?''
Umwigisha Nisubire avuga ko indero y'urwaruka ikwiye kuba ''ishingiro ry'iterambere".
Abonako ibintu bizoguma vyifashe nabi igihe cose igisata co kwigisha kizoba gishirwamwo amafaranga ''ataja ntaze, bagafata nabi abigisha, bamenye ko ibintu bizogenda gutyo.
''Kirazira ko abantu bibaza ko bazohava baronka umwimbu mwiza aho batatabiye. Ntibishoboka.''

Umuyobozi wa kaminuza y'Uburundi Audace Manirabona aremeza ko abigisha baguma bagenda n'aho nawe nyene ata bitigiri atanga.
Ati: "Abigisha baragenda ku mwaka ku mwaka. N'ubu baragiye''.
Ariko kaminuza ngo iriko irihutira kuzana abandi. Uretse abaja kurondera ubuzi ahandi, hari n'abandi benshi badataha iyo bahejeje kwiga mu bihugu vy'i Buraya na Amerika.
Uwo muyobozi avuga ko ikibazo c'imishahara kimurengeye ata vyinshi yokivugako. Avuga ko ata bubasha afise bwo kugumya canke kugarukana umwigisha agiye kuko yaronse umushashara ''mwiza gusumba uwo ngaha''.
Abahamagarira gufasha igihugu kuko ''nk'umurezi ntituri ngaha kugira ngo turonke umushahara munini. Ahandi ho twobiheba''.










