Indege z’intambara z’Ubwongereza n’iz’Ubudagi zatangiriye indege y’Uburusiya hafi y’ikirere ca Estonie

    • Umwanditsi, Christy Cooney
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Indege z’intambara z’igisirikare kirwanira mu kirere c’Ubwongereza hamwe n’iz’Ubudagi zatangiriye indege y’Uburusiya hafi y’ikirere ca Estonia mu gikorwa ca mbere rusangi co muri ubu bwoko.

Izi ndege zibiri zarungitswe vyihuta ejo ku wa kabiri gutangira indege y’igitoro ya Il-78 Midas yari mu kirere hagati ya St Petersburg na Kaliningrad.

Vyanse ko iyi ndege ihanahana amakuru n’abajejwe kugenzura uruja n’uruza mu kirere muri Estonia.

Ingabo z’Ubwongereza n’iz’Ubudagi zirwanira mu kirere muri kino gihe ziriko zikora imyimenyerezo rusangi yo mu kirere mu rwego rwa OTAN/NATO muri ako karere.

Kuzibira iyi ndege vyovyo vyari ibisanzwe, ariko ni bwo bwa mbere igikorwa nk’iki gikorewe hamwe n’ibi bihugu.

Ibi bibaye mu gihe icuka kibi kibandanya ciyongera hagati ya OTAN n’Uburusiya, bivuye ku gitero Uburusiya bwakoze kuri Ukraine, n’aho ata kintu na kimwe cerekana ko hari isano riri hagati y’ivyabaye ejo nyene, aho indege y’intambara y’Uburusiya yagonganye na drone ya Amerika hejuru y’Ikiyaga Cirabura.

Zimaze gusubiza inyuma iyi ndege ya Midas, izi ndege zibiri zaciye zirungikwa kuzibira indege yo mu bwoko bwa An-148 nayo nyene yariko ica hafi y’ikirere ca Estonia.

Igisirikare c’Ubwongereza kirwanira mu kirere (RAF) kiriko kiritegura kurongora ubutumwa bwo gucungera ikirere ca OTAN mu karere ka Baltique, gisubiriye ic’Ubudagi, mu kwa kane.

Kizoca kirongora ubu butumwa mu kiringo c’amezi ane, mu gihe ibikorwa bihuza Ubwongereza n’Ubudagi bizobandanya gushika mu mpera z’ukwa kane.

Indege zine za RAF ni zo zarungitswe muri iki gikorwa zikaba ziri ku kirindiro ca Ämari c’igisirikare kirwanira mu kirere muri Estonia.

Umushikiranganji w’ingabo w’Ubwongereza James Heappey avuga ati: "OTAN ibandanya yubaka umushinge w’urutare ntamenwa w’umutekano rusangi wacu.

"Irungikwa ry’ingabo rusangi z’Ubwongereza niz’Ubudagi mu bihugu vy’akarere ka Baltique ryerekana neza ko twiyemeje, twese turi, hamwe guhangana n’ikintu ico ari co cose coza kibangamira imbibe za OTAN, mu gihe twerekana inguvu zacu”.