Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama nshingamateka ya US mu kajagari inyuma y’aho inaniwe gutora umukuru wayo
Ku musi w’akajagari katari bwigere kaboneka mu nama nshingamateka na nkenguzamateka mu kinjana cose, umukuru w’abashingamateka b’Abarepubulika Kevin McCarthy, yananiwe, ku ncuro zitari nke, no kuronka amajwi akwiye kugira ngo arongore inama nshingamateka ya Amerika.
Ikoraniro ry’iyo nama nshingamateka ryaraye rirangiye idashoboye gutora umukuru wayo nijoro ku wa kabiri – bukaba ari bwo bwa mbere kuva mu 1923, aho abashingamateka bananirwa no gutora umukuru wabo mu matora ya mbere.
Ikoraniro rya mbere rya Kongere (Congress, ni ukuvuga inama nshingamateka na nkenguzamateka ziri hamwe) ryari ryitezwe kuba intsinzi y’umugambwe w’Abarepubulika kuko ari bo bagenzura inama nshingamateka inyuma y’amatora yo muri Munyonyo (11).
Ariko siko vyagenze kuko McCarthy yahanganye n’akarwi kamurwanya mu mugambwe wiwe birakomera.
Uyu mushingamateka wo muri California yananiwe no kuronka amajwi akeneye mu matora atatu yose y’umukuru w’inama nshingamateka gushika ubu, kandi ntibiboneka neza ingene aza kubigenza ni bagaruka kuri uno wa gatatu kugira basubire bagerageze.
Baza kubandanya batora gushika haboneke uwuronka amajwi akwiye.
Kandi mbere n’aho McCarthy yoramuka atsinze, nk’uko abihweza ibintu n’ibindi babibona, aka kajagari mu nama nshingamateka karerekana ko imyaka ibiri iri imbere itazoba yoroshe hagati y’impande zibiri zigiye guterana inkokora, abashingamateka biyoroheje ku ruhande rumwe, n’abagendera ku vya kera ku rundi.
Abarepubulika batsindiye inama nshingamateka muri Munyonyo, ariko ku majwi abayabaye, bikumvikana ko rero McCarthy abura amajwi makeya kugira ngo abe umukuru w‘inama nshingamateka.
Ibi vyatumye akarwi kagendera ku vyiyumviro bikaze vya kera bagira urunani kugira ngo barwanye igenwa ryiwe nk’umukuru w’iyo nama nshingamateka.
Na none uku kutumvika kwari kwaratevye, nk’uko abihweza ibintu n’ibindi mu ba Repubulika babibona.
Umwe mu baharanira inyungu z’Abarepubulika adashaka ko izina ryiwe rimenyekana aravuga atarya umunwa ku matora ya nijoro ku wa kabiri, aho avuga ati: "Kevin McCarthy amaze igihe atumvikana n’uturwi tumwe tumwe mu mugambwe wiwe, afise abansi benshi.
"Hariho abantu batamwiyumvamwo kubera impamvu za poritike, abandi kubera impamvu zabo bwite."
Aka karwi kagiye kwibonekeza nijoro ku wa kabiri.
Mu matora atatu yose, McCarthy vyaranse ko akwiza amajwi 218 yasabwa kugira yegukire iki kibanza.
N’aho Abarepubulika batsindiye intebe 222 mu nama nshingamateka, akarwi k’Abarepubulika 19 baragize urunani rw’intamenwa baramurwanya bikomeye kuko batamushaka, mbere bagena umukandida wabo, Jim Jordan kugira ahangane nawe.
N’aho mu nyuma yasavye Abarepubulika ko bohunda amajwi McCarthy, nticabujije Abarepubulika 20 gutora Jordan, ivyatumye McCarthy abura amajwi akeneye.
Hagati aho, aba-Democrats bobo babandanya bunze ubumwe inyuma y’umukuru wabo mushasha mu nama nshingamateka, Hakeem Jeffries yatowe i New York.
Mbere bamwe ntibashoboye kwihangana mu gutyekeza bagenzi babo b’Abarepubulika ku bibazo bibahanze.
Vyitezwe ko basubira gukorana kuri uno wa gatatu ku ncuro ya kane, n’aho bitazwi nimba uku kutumvikana gushobora kurangira.