Ukraine: Abarusiya bagirizwa ko ari bo batanguye kurasa inyuma y’agahengwe katangajwe na Putin

Abategetsi ba Ukraine bavuga ko inzu 14  zabomowe n'ibisasu vya misire z'Uburusiya ejo ku wa gatanu

Ahavuye isanamu, Kramatorsk City Council

Insiguro y'isanamu, Abategetsi ba Ukraine bavuga ko inzu 14 zabomowe n'ibisasu vya misire z'Uburusiya ejo ku wa gatanu
Yatangajwe

Agahengwe katangajwe na Vladimir Putin wenyene gasa n’aho ataco kahinduye ku rubuga, mu gihe abategetsi ba Ukraine bagiriza ingabo z’Uburusiya kwatsa umucanwa mu turere tutari duke.

Umukozi wo mu gisata c’ubutabazi yaraye yiciwe mu gitero c’indege c’Uburusiya, mu gihe imboneshakure y’Uburusiya itangaza ko igisagara ca Donetsk catewe.

Uburusiya bwari bwategetse bwonyene agahengwe k’amasaha 36 ahuye na Noweli y’aba Orthodox.

Ukraine yarakiyamirije ivuga ko Moscou yari gushobora kugakoresha mu kwongereza ingabo.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bushimangira ko bukurikiza aka gahengwe ku rwasiro rwose kuva ejo ku wa gatanu isaha zitandatu z’umurango mu masaha ya Moscou.

Buvuga ko ico ingabo zabwo zakoze muri kino gihe c’agahengwe ari ukwivuna igihe ingabo za Ukraine zitera ibirindiro vy’ingabo z’Uburusiya.

Ni mu gihe Uburusiya buriko buratsimbataza ubutegetsi bwabwo mu turere twa Ukraine turi mu minwe yabwo.

Mu gihugu cose ca Ukraine humvikanye inzamba zo kugabisha ibitero vy’indege inyuma gato y’aho ako gahengwe kari gutangurira, mu nyuma buramatari w’intara ya Kherson aca atangaza ko igitero ku kigo kijejwe imiriro y’ivyaduka cahitanye umutabazi umwe n’abandi bantu bane bakomeretse mu gisagara gikuru cabohojwe n’ingabo za Ukraine muri Munyonyo (11).

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igisagara ca Kramatorsk co mu buseruko na co nyene catewe, inyubakwa zirenga cumi zikaba zononekaye, nk’uko bivugwa n’abategetsi ba Ukraine.

Umukuru w’intara ya Luhansk Serhiy Haidai aragabisha ko agahengwe katangajwe n’Uburusiya ari “ikinyoma n’umutego”, aca ahanura abanyagihugu kutitabira imisa y’aba-Orthodox canke ngo barundanire mu bibanza bikunze guhuriramwo abantu benshi kuko Abarusiya bashobora gutegura “igitero c’iterabwoba”.

Umukuru w’igisagara ca Kyiv Vitaliy Klitschko agabisha ko amajoro ashobora gushika ku bukonje bwa -11o C agasaba abantu gukoresha neza umuyagankuba.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko aka gahengwe yari amayeri yo guhagarika intambwe z’ingabo z’igihugu ciwe ku rubuga rw’intambara maze nabwo bugashobora kuzana izindi ngabo n’ibindi bikoresho.

Inkoho zikomakomeye zashobora kwumvikana ku mpande zompi z’urwasiro rw’igisagara ca Bakhmut kiri mu buseruko, aho ingabo z’Uburusiya zarunze vyinshi mu bikoresho vyabwo n’ingabo zabwo nyinshi mu ntumbero yo kugerageza gusatira batera baja mu burengero mu gisagara ca Kramatorsk .

Muri ino ndwi, umukuru wa wa muhari Wagner w’abacangero b’Uburusiya, Yevgeny Prigozhin, yavuze ko ingabo za Ukraine zahinduye buri nzu urutare ntamenwa.

Amasanamu y’ibigendajuru yasohotse ejo ku wa gatanu yerekanye ingaruka z’iyi ntambara kuri iki gisagara kuva mu kw’umunani guheze.

Bakhmut

N’aho abategetsi b’Uburusiya bashimangira ko aka gahengwe kabandanya gukurikizwa, nta kimenyetso na kimwe gifadika cerekana ituze muri ino ntambara.

Inyuma y’akanya gato ikiringo c’aka gahengwe gitanguye, umushingamateka wa Ukraine Inna Sovsun yabwiye BBC ati: “Haciye amasaha abiri n’igice twinjiye muri kano gahengwe katangajwe, ariko Ukraine yose irimwo inzamba zigabisha ibitero vyo mu kirere.

“Mu bisanzwe, aka gahengwe ni irementanya ry’Abarusiya”.

Bonetsk

Uburusiya buriko butsimbataza ubutegetsi bwabwo mu turere bwigaruriye

Igisirikare c’Uburusiya n’abategetsi mu turere bwigaruriye barabandanya kwinjiza ku nguvu abanyagihugu ba Ukraine mu mibereho, imico, ubutunzi n’ubuyobozi vy’Uburusiya, nk’uko vyandikwa n’abahinga b’ikigo ca Amerika, Institute for the Study of War (ISW), cigisha ivy’intambara.

Bisunze amakuru y’ishirahamwe rya Ukraine ryo kwirwanira, Center for National Resistance (CNS), aba bahinga bavuga ko Abarusiya bariko bafata abana b’abanya-Ukraine mu turere bigaruriye babatwara i Moscou, Rostov no mu bindi bisagara vy’Uburusiya kugira ngo bazohimbarizeyo umusi mukuru w’umwaka mushasha.

Uku niko bagerageza kwumvisha aba bana ko ubuzima ari bwiza mu Burusiya gusumba muri Ukraine.

CNS ivuga ko ejo ku wa gatanu, abaganga b’Abarusiya baherekeje abana babavanye muri Donetsk Gorlovka bakabatwara mu ntara ya Rostov mu kiruhuko.

Ikigo ISW gisubiramwo umuhanuzi w’umukuru w’igisagara ca Mariupol Pyotr Andryushchenko, aho avuga ko muri iki gisagara kiri mu minwe y’Abarusiya, abarwanyi bambaye umwambaro w’intara ya Donetsk ishaka kwiyonkora iherutse gutangaza ko ari igihugu cigenga bagenzura amasaho y’abanyeshure – aho baba bariko bararaba ko ata kintu na kimwe gifitaniye isano na Ukraine boba bafise.

Ku kungene ibintu bimeze ku rubuga, abahinga b’ikigo ISW bavuga ko inyuma y’intambwe zikomeye Ukraine iherutse gukora mu bitero vyayo vyo kwivuna umwansi, igisirikare c’Uburusiya congereje ibikorwa vy’igendereza mu karere ka Starobilsk (mu ntara ya Luhansk). 

Nk’uko bivugwa n’ibiro bikuru vya gisirikare vya Ukraine, abategetsi bashizweho n’Uburusiya muri ako karere bama bagenzura amaterefone y’abanyagihugu bahaba.

Mu turere tumwe tumwe tw’intara ya Zaporizhzhya, uruja n’uruza rw’abanyagihugu ruragenzurwa bikomeye, iki cegeranyo kikavuga kiti: Vladimir Rogov aserukira ubutegetsi bw’Uburusiya muri iyo ntara, yavuze ejo ku wa gatanu ko murekarengane idasanzwe izokenerwa ku biyunguruza n’amamodokari.

Mu ntara ya Kherson, abategetsi bashizweho n’Uburusiya bariko baragerageza kubuza ikoreshwa ry’ifaranga rya Ukraine, hryvnia, nk’uko vyandikwa na ISW.